Intangamarara y’igihimba ca 7
Iki gihimba cigana ibintu vyerekeye ubuzima bw’umwami Sawuli n’umwami Dawidi vyabaye mu kiringo c’imyaka nka 80. Mu ntango, Sawuli yaricisha bugufi kandi agatinya Imana. Ariko bidatevye, yarahindutse aranka gukurikiza ivyo Yehova amusaba. Yehova yaramukuyeko amaboko, kandi yahavuye asaba Samweli ngo arobanure Dawidi kugira azosubirire Sawuli . Akatari gake, Sawuli yaragerageje kwica Dawidi kubera ishari, ariko Dawidi ntiyigeze amwihora. Kubera ko Yonatani umuhungu wa Sawuli yari azi ko Dawidi ari we Yehova yatoye, yaramushigikiye adahemuka. Dawidi yarakoze ibicumuro bikomeye, ariko ntiyigeze yanka gukosorwa na Yehova. Nimba uri umuvyeyi, nufashe umwana wawe gutahura akamaro ko kwama akora ibintu nk’uko Imana igomba.