ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 93 rup. 216-rup. 217 ing. 5
  • Yezu asubira mw’ijuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu asubira mw’ijuru
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yiyereka abantu amajana imbere ya Pentekoti
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ukubabonekera Ubwa Nyuma na Pentekote yo mu 33 G.C.
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ku Musozi w’Imyelayo
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 93 rup. 216-rup. 217 ing. 5
Yezu aduze mw’ijuru abigishwa biwe bariko baramuraba

ICIGWA CA 93

Yezu asubira mw’ijuru

Yezu yarahuriye i Galilaya n’abigishwa biwe. Yabahaye itegeko rihambaye rigira riti: ‘Nimugende muhindure abantu bo mu bihugu vyose abigishwa. Mubigishe ibintu nabigishije kandi mubabatize.’ Yaciye abasezeranira ati: ‘Muribuka ko nzokwama ndi kumwe namwe.’

Aho Yezu amariye kuzuka, yamaze imisi 40 yiyereka abigishwa biwe amajana i Galilaya n’i Yeruzalemu. Yarabigishije ibintu bihambaye yongera arakora ibitangaro vyinshi. Yarabonanye irya nyuma n’intumwa ziwe ku musozi w’Imyelayo. Yari yarababwiye ati: ‘Ntimuzove i Yeruzalemu. Muragume murindiriye ico Data yabasezeraniye.’

Intumwa ziwe ntizatahuye ico azibwiye. Zamubajije ziti: ‘Ubu ni ho ugira ube Umwami wa Isirayeli?’ Na we ati: ‘Igihe Yehova yashinze c’uko mba Umwami ntikiragera. Vuba muzoronka ububasha bw’impwemu nyeranda kandi muzoba ivyabona vyanje. Nimugende, mwamamaze i Yeruzalemu, i Yudaya, i Samariya no mu turere twa kure tw’isi.’

Yezu yaciye aduga mu kirere maze ibicu biramupfuka. Abigishwa biwe bagumye baraba mu kirere ariko yari yamaze gukamangana.

Abigishwa baravuye kuri uwo musozi baja i Yeruzalemu. Bama bakoranira hamwe mu cumba co hejuru, bagasenga. Bagumye barindiriye ko Yezu abaha ubundi buyobozi.

«Iyi nkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose, maze iherezo rizoca riza.»​—Matayo 24:14

Ibibazo: Ni itegeko irihe Yezu yahaye abigishwa biwe? Ni ibiki vyabaye ku musozi w’Imyelayo?

Matayo 28:16-20; Luka 24:49-53; Yohani 20:30, 31; Ivyakozwe 1:2-14; 1 Abakorinto 15:3-6

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika