ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 76 rup. 180-rup. 181 ing. 2
  • Yezu ahumanura urusengero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu ahumanura urusengero
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Ahumānura Urusengero
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ishaka ry’Ugusengwa kwa Yehova
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yongera guhumanura urusengero
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 76 rup. 180-rup. 181 ing. 2
Yezu afise ikimoko ariko arirukana ibitungwa mu rusengero yongera ahenura amameza y’abavunjayi

ICIGWA CA 76

Yezu ahumanura urusengero

Mu mwaka wa 30, Yezu yaragiye ku rusengero i Yeruzalemu. Abantu benshi bari baje guhimbaza Pasika. Mu kuyihimbaza baratanga ibimazi vy’ibitungwa ku rusengero. Bamwe baza bavyizaniye, abandi bakabigurira aho i Yeruzalemu.

Yezu yinjiye mu rusengero, yarabonye abantu bariko baragurishirizayo ibitungwa. Bariko baronderera amahera mu nzu yo gusengeramwo Yehova! None Yezu yaciye akora iki? Yarafashe imigozi arayizinga nk’ikimoko, aca ahindira hanze intama n’inka zari mu rusengero. Yarahenuye amameza y’abavunjayi yongera arasanzaza ibingorongoro vyabo. Yezu yabwiye abariko baragurisha inuma ati: ‘Kura ivyo bintu ng’aha! Mugomba guhindura inzu ya Dawe isoko?’

Abari ku rusengero baratangaye babonye ivyo Yezu akoze. Abigishwa biwe baciye bibuka ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bugira buti: ‘Nzogirira umwete mwinshi inzu ya Yehova.’

Ikindi gihe, mu mwaka wa 33, Yezu yarasubiye kwirukana abariko baradandariza mu rusengero. Yashaka ko abantu bose bubaha inzu ya Se wiwe.

«Ntimushobora gukorera Imana n’Ubutunzi.»​—Luka 16:13

Ibibazo: Yezu yakoze iki abonye abariko baradandariza mu rusengero? Kubera iki yabikoze?

Matayo 21:12, 13; Mariko 11:15-17; Luka 19:45, 46; Yohani 2:13-17; Zaburi 69:9

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika