ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 69 rup. 164-rup. 165 ing. 2
  • Gaburiyeli agendera Mariya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gaburiyeli agendera Mariya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Umumarayika kwa Mariya
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yatewe Iteka Imbere y’Uko Avuka
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu aterwa iteka ataravuka
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 69 rup. 164-rup. 165 ing. 2
Umumarayika Gaburiyeli abonekera Mariya

ICIGWA CA 69

Gaburiyeli agendera Mariya

Umumarayika abonekera Yozefu mu ndoto

Elizabeti yari afise incuti yitwa Mariya, akaba yari umukobwa yaba i Galilaya mu gisagara ca Nazareti. Mariya yari arehejwe n’umubaji yitwa Yozefu. Igihe inda ya Elizabeti yari imaze amezi atandatu, umumarayika Gaburiyeli yarabonekeye Mariya. Yamubwiye ati: ‘Amahoro Mari. Yehova yaraguteye iteka ridasanzwe.’ Mariya ntiyatahuye ico ashatse kuvuga. Gaburiyeli yaciye amubwira ati: ‘Uzotwara inda, uvyare umuhungu kandi uze umwite Yezu. Azoba Umwami, kandi Ubwami bwiwe buzokwamaho.’

Mariya yamwishuye ati: ‘Novyara gute kandi ata mugabo ngira?’ Gaburiyeli na we ati: ‘Yehova nta kimunanira. Impwemu nyeranda izokuzako kandi uzovyara umuhungu. Incuti yawe Elizabeti na we nyene arafise inda.’ Mariya yaciye avuga ati: ‘Yehova nangire uko ashaka. Nibibe nk’uko ubivuze.’

Yozefu atwaye Mariya ngo babane, Mariya yibungenze

Mariya yaciye aja kuraba Elizabeti aho yaba mu misozi. Mariya amuramukije, Elizabeti yagiye yumva umwana ari mu nda yiwe asimvye. Impwemu nyeranda yaciye iza kuri Elizabeti, aca avuga ati: ‘Mari, Yehova yaraguhezagiye. Ni iteka kwakira nyina w’Umukama wanje.’ Mariya na we ati: ‘Ndashemeza Yehova n’umutima wanje wose.’ Yaciye agumana na Elizabeti amezi atatu hanyuma asubira iwabo i Nazareti.

Aho Yozefu yumviye ko Mariya afise inda, yaciye ashaka kumuheba. Ariko umumarayika yaramubonekeye amubwira ati: ‘Ntutinye kumutwara. Nta kibi na kimwe yakoze.’ Yozefu yaciye atwara Mariya barabana.

«Ico Yehova ashatse cose aragikora, haba mw’ijuru [canke] kw’isi.»​—Zaburi 135:6

Ibibazo: Gaburiyeli yabwiye iki Mariya ku vyerekeye umwana azovyara? Ni ibiki vyashikiye Elizabeti na Mariya, kandi bavyakiriye gute?

Matayo 1:18-25; Luka 1:26-56; Yesaya 7:14; 9:7; Daniyeli 2:44; Abagalatiya 4:4

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika