ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 49 rup. 118-rup. 119 ing. 2
  • Umwamikazi mubi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwamikazi mubi
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezebeli—Umwamikazi Mubi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yehu ashigikira ugusenga gutyoroye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubu ni co gihe c’uko ufata ingingo ntabanduka yo kugira ico ukoze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yarihanganiye akarenganyo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 49 rup. 118-rup. 119 ing. 2
Abakozi ba Yezebeli bamukororeye hasi aciye mw’idirisha

ICIGWA CA 49

Umwamikazi mubi

Umwami Ahabu yarashobora kubona umurima w’imizabibu w’umugabo yitwa Naboti, arabiye mw’idirisha ry’inzu yiwe yari i Yezireli. Kubera ko Ahabu yipfuza uwo murima, yaciye ashaka kuwugura. Ariko Naboti yaranse kuwugurisha kubera yuko amategeko ya Yehova yabuza kugurisha itongo ry’umuryango. None Ahabu yoba yarashimye ico kintu ciza Naboti yari akoze? Oya. Ahubwo yaciye ashavura. Yarashavuye cane ku buryo yanka kuva mu cumba, aranka no kurya.

Umwamikazi Yezebeli, umugore w’umubisha wa Ahabu, yamubwiye ati: ‘Erega uri umwami wa Isirayeli. Urashobora kuronka ico ushaka cose. Reka ndakwereke ingene iryo tongo urironka.’ Yaciye yandikira amakete abakuru b’igisagara, abasaba kwagiriza Naboti ko yatutse Imana kugira bace bamwicisha amabuye. Abo bakuru barakoze ivyo Yezebeli yari yababwiye. Yezebeli yaciye abwira Ahabu ati: ‘Naboti yapfuye. Ubu wa murima ni rwawe.’

Naboti si we wenyene Yezebeli yishe ahoye ubusa. Yarishe n’abandi bantu benshi bakunda Yehova. Yezebeli yarasenga ibigirwamana, agakora n’ibindi bibi vyinshi. Yehova yarabona ibibi vyose Yezebeli yakora. None yoba yari kumureka gutyo?

Ahabu amaze gupfa, umuhungu wiwe Yehoramu yaciye aba umwami. Yehova yararungitse umugabo yitwa Yehu guhana Yezebeli n’umuryango wiwe.

Yehu yaragiye n’umukogote wiwe i Yezireli aho Yezebeli yaba. Yehoramu yaraje n’umukogote guhura na Yehu maze amubaza ati: ‘Ni amahoro?’ Yehu na we ati: ‘Hoba amahoro gute kandi mama wawe Yezebeli abandanya gukora ibintu bibi?’ Yehoramu yaragerageje gukatisha umukogote wiwe ngo ahunge, ariko Yehu yaciye amurasa umwampi aca arapfa.

Yehu ariko arasaba ko bokororera hasi Yezebeli

Yehu yaciye aja kwa Yezebeli. Igihe Yezebeli yumva ko Yehu ariko araza, yaciye yisiga, arasokoza imishatsi, aca amurindirira mw’idirisha ry’inzu yiwe yo hejuru. Yehu ashitse, Yezebeli yamuramukije nk’umuntu atagira indero. Yehu yaciye asemerera, abwira abakozi ba Yezebeli bari bahagaze iruhande yiwe ati: ‘Nimumukororere hasi!’ Baciye bamusunura arakoroka aciye mw’idirisha, aca arapfa.

Inyuma y’ivyo, Yehu yarishe abahungu 70 ba Ahabu yongera arakura mu gihugu ivyo gusenga Bayali. Ivyo birerekana ko Yehova abona ibintu vyose, be n’uko igihe kigeze ahana abakora ibintu bibi.

«Intoranwa umuntu aronse mu nzira mbi, amaherezo nta muhezagiro ayikuramwo.»​—Imigani 20:21

Ibibazo: Yezebeli yakoze iki kugira aronke umurima wa Naboti? Kubera iki Yehova yahanye Yezebeli?

1 Abami 21:1-29; 2 Abami 9:1–10:30

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika