ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 45 rup. 110-rup. 111 ing. 2
  • Ubwami bugaburwamwo kubiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bugaburwamwo kubiri
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami Bucibwamwo Kubiri
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Yehova ntazoheba abantu biwe b’intahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yari gushobora gushimwa n’Imana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abami ba Mbere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 45 rup. 110-rup. 111 ing. 2
Ahiya atabuye ikanzu yiwe akayikuramwo ibipande 12 Yerobowamu abona

ICIGWA CA 45

Ubwami bugaburwamwo kubiri

Mu kiringo cose Salomo yamaze asenga Yehova, muri Isirayeli hari amahoro. Ariko Salomo yari yararongoye abagore benshi batari Abisirayelikazi, kandi basenga ibigirwamana. Bukebuke Salomo yarahindutse, na we nyene atangura gusenga ibigirwamana. Yehova yarashavuye, aca abwira Salomo ati: ‘Ubwami bwa Isirayeli nzobwaka umuryango wawe ndabugaburemwo kubiri. Igice kinini nzogiha umwe mu bakozi bawe, umuryango wawe usigarane agace gatoyi.’

Ico kintu Yehova yavuze yaracerekanye no mu bundi buryo. Umusi umwe, umwe mu bakozi ba Salomo yitwa Yerobowamu yari ku rugendo maze ahura n’umuhanuzi Ahiya. Ahiya yarambuye ikanzu yiwe ayitaburamwo ibipande 12, maze abwira Yerobowamu ati: ‘Yehova azokwaka umuryango wa Salomo ubwami bwa Isirayeli abugaburemwo kubiri. Akira ibipande cumi kuko uzoba umwami w’imiryango cumi.’ Umwami Salomo avyumvise, yaciye arondera kwica Yerobowamu. Yerobowamu yaciye ahungira mu Misiri. Haheze igihe, Salomo yarapfuye haca hatangura kuganza umuhungu wiwe Rehobowamu. Yerobowamu yaciye abona ko ashobora kugaruka muri Isirayeli.

Abisirayeli bariko bashikanira ibimazi inyana y’inzahabu Yerobowamu yari yakoze

Abatama bo muri Isirayeli babwiye Rehobowamu bati: ‘Abanyagihugu niwabafata neza bazokugamburukira.’ Ariko abagenzi biwe bakiri bato bamubwiye bati: ‘Ahubwo ukwiye kubakarira! Nubakoreshe cane gusumba!’ Rehobowamu yumvirije impanuro y’abo bagenzi biwe bakiri bato. Yarafashe nabi abanyagihugu, na bo baca baragumuka. Baciye bimika Yerobowamu ngo abe umwami w’imiryango cumi, iyahavuye yitwa ubwami bwa Isirayeli. Iyindi miryango ibiri yahavuye yitwa ubwami bw’Ubuyuda, kandi yagumye itwarwa na Rehobowamu. Ya miryango 12 ya Isirayeli yari yigabuyemwo kubiri.

Yerobowamu ntiyashaka ko abantu baja gusengera i Yeruzalemu. Woba uzi igituma? I Yeruzalemu hatwarwa na Rehobowamu. Yerobowamu rero yaratinya ko abantu bohava bamuheba bakisubirira kwa Rehobowamu. Yaciye akora inyana zibiri z’inzahabu, maze abwira abantu ati: ‘I Yeruzalemu ni kure cane. Muraza murasengera ng’aha.’ Abantu baciye batangura gusenga izo nyana z’inzahabu, baca barasubira kwibagira Yehova.

«Ntimwunge ubumwe n’abatemera. Nakare, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki? . . . Canke uwemera asangiye iki n’uwutemera?»​—2 Abakorinto 6:14, 15

Ibibazo: Kubera iki ubwami bwa Isirayeli bwagabuwemwo kubiri? Vuga ibintu bibi umwami Rehobowamu n’umwami Yerobowamu bakoze.

1 Abami 11:1-13, 26-43; 12:1-33

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika