ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ypq ikibazo 2 rup. 6-8
  • Kuki ntashima uko nsa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuki ntashima uko nsa?
  • Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
  • Ivyo bijanye
  • Nokora iki nimba ntashima uko nsa?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Noba ndazwa ishinga cane n’uko nsa?
    Urwaruka ruribaza
Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
ypq ikibazo 2 rup. 6-8
Umukobwa ariko araraba mu gitabu c’imideri

IKIBAZO CA 2

Kuki ntashima uko nsa?

IGITUMA BIHAMBAYE

Hariho ibintu bihambaye kuruta ivyo ubona igihe wiravye mu kiyo.

WARI GUKORA IKI?

Iyumvire iki kintu: Igihe Julia yiravye mu kiyo, nta kindi abona atari uko avyibushe. Naho abavyeyi n’abagenzi biwe bamubwira ko angana n’ivubi, we yibwira ati: “Ndakeneye guta ibilo.”

Julia aheruka kwiyumvira gufata ingingo ruhasha kugira ate “ibilo bikeyi.” Afise umugambi wo kwiyicisha inzara imisi nk’ingahe . . .

Iyaba wari Julia, wari gukora iki?

BANZA UZIRIKANE!

Umukobwa ariko ariraba mu kiyo akibona avyibushe cane

Ushobora kuba wibona nka kurya kw’umuntu yiravye mu kiyo cerekana umuntu uko atari

Si bibi kwitwararika ukuntu usa. Nkako, Bibiliya iravuga ko abagabo n’abagore bamwebamwe bari beza. Aho harimwo Sara, Rasheli, Abigayili, Yozefu na Dawidi. Bibiliya ivuga ko umugore yitwa Abishagi yari “mwiza bihebuje.”​—1 Abami 1:4.

Ariko rero, abakiri bato benshi bararazwa ishinga cane n’ukuntu basa. Ivyo birashobora kubatera ingorane zikomeye. Zirikana kuri ibi bintu:

  • Mu cigwa kimwe cagizwe, abigeme 58 kw’ijana bavuze ko bavyibushe birenze, mu gihe 17 kw’ijana bonyene ari bo vy’ukuri bari bafise iyo ngorane.

  • Mu kindi cigwa na ho, abagore 45 kw’ijana bafise ibilo biri munsi y’ivyo bategerezwa kugira basanze biyumvira ko bafise ibilo vy’umurengera!

  • Abakiri bato bamwebamwe bariyicisha inzara kugira bate ibilo, ivyo bikaba bigeramira amagara yabo.

Nimba ufise iyo ngorane canke iyindi ngorane ijanye no gufungura, nurondere imfashanyo. Niwiture umuvyeyi canke uwundi muntu akuze wizigiye. Bibiliya ivuga iti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

IKINTU CIZA KURUTA IBINDI WORYOHORA!

Mu vy’ukuri, ubwiza bwo ku mutima ni bwo butuma abandi bagushima canke batagushima. Zirikana akarorero ka Abusalomu umuhungu w’Umwami Dawidi. Bibiliya ivuga iti:

“Nta mugabo yari mwiza nka we . . . ku buryo ashemezwa cane ukuraho. . . . Nta gahonzi yari afise.”​—2 Samweli 14:25.

Ariko uwo musore yari yuzuye ubwibone, uguhahamira ubukuru n’ubuhemu! Ni co gituma Bibiliya itamuhayagiza, ahubwo ivuga ko yari umuhemu ata co yibanga, akaba n’umwicanyi yuzuye urwanko.

Ku bw’ivyo, Bibiliya iduhanura iti:

“Mwambare wa muntu mushasha.”​—Abakolosayi 3:10.

“Ugushaza kwanyu ntikube ukw’inyuma . . . , ahubwo kube wa muntu yihishije wo mu mutima.”​—1 Petero 3:3, 4.

Naho atari bibi kwipfuza gusa neza, uribuka ko hariho ikintu gihambaye kuruta uko uboneka, na co akaba ari umutima wawe. Ubiravye neza, ingeso nziza ni zo zituma abandi bagushima kuruta kuba wugaye canke usa neza! Umwigeme yitwa Felicia avuga ati: “Ubwiza burashobora gukanga umuntu, ariko umutima wawe n’ingeso nziza ufise ni vyo canecane abandi bazokwibukirako.”

UKUNTU USA

Woba ushima ukuntu usa?

Woba uriyumvira kwiyambiza canke kwiyicisha inzara kugira umere uko ushaka?

Ni ibiki wohindura ku mubiri wawe iyaba vyashoboka? (Hitamwo ivyo ushaka vyose.)

  • UBUREBURE

  • UBUNINI

  • UMUSHATSI

  • ITAYE

  • ISURA

  • AKABIRI KO MU MASO

Nimba wishuye ego ku bibazo bibiri vya mbere kandi ugahitamwo ibintu bitatu canke birenga ku kibazo kigira gatatu, hari aho abandi boba batakubonamwo ubwo bubi wibonamwo. Biroroshe ko umuntu asanga yarengeje urugero, agahagarikwa umutima cane n’ukuntu asa.​—1 Samweli 16:7.

ICO NTEGEKANYA GUKORA

  • Kugira niteho neza amagara yanje, nokora iki?

  • Kuri jewe, urutonde rwiza rwo kwinonora imitsi rwoba rugizwe n’ibiki?

  • Hamwe umugenzi yonyibira akabanga ko yafashe ingingo ruhasha kugira ate ibilo, noca nkora iki?

USHAKA AYANDI MAKURU

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga: Ukuntu umuntu angana ku mubiri

Raba akavidewo Ivyo urunganwe rwawe ruvuga: Ukuntu umuntu angana ku mubiri, kuri www.jw.org. (Raba INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika