ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • od rup. 193-205
  • Igice ca 2: Kubaho rukirisu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igice ca 2: Kubaho rukirisu
  • Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Ivyo bijanye
  • Woba “ukunda mugenzawe nk’uko wikunda”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ingene abakirisu botuma umubano uroranirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
od rup. 193-205

IBIBAZO VY’ABIPFUZA KUBATIZWA

Igice ca 2: Kubaho rukirisu

Kwiga Bibiliya vyaragufashije kumenya ivyo Yehova akwitezeko n’ingene wobaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Bitumwe n’ivyo wize, ushobora kuba warahinduye ibintu bitari bike mu nyifato yawe no mu kuntu ubona ubuzima. Ubu rero ko umaze kwiyemeza kubaho wisunga ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse, urashobora kumukorera mu buryo yemera uri umwamamaji w’inkuru nziza.

Kwihweza ibibazo bikurikira bizotuma ivyo Yehova asaba bigororotse vyiyandika mu mutima wawe kandi bizokwibutsa ibintu wokora kugira ube umusavyi wiwe yemewe. Aya makuru azogufasha kubona neza akamaro ko gukora ibintu vyose ata jwi ryo mutima rikwagiriza ikibi kandi ukabikora kugira utere iteka Yehova.​—2 Kor. 1:12; 1 Tim. 1:19; 1 Pet. 3:16, 21.

Turavye aho ugejeje kwiga Bibiliya, nta gukeka ko ushashaye kuyobokera ubutegetsi bwa Yehova no kuba mu bagize ishirahamwe ryiwe. Ibibazo n’ivyanditswe bikurikira bizogufasha kumenya aho ugeza mu gutahura ibijanye no kuyoboka intunganyo Yehova yashizeho, haba mw’ishengero, mu muryango canke mu ntwaro zo muri ino si. Nta gukeka ko uzorushiriza gukenguruka intunganyo Yehova yashizeho kugira yigishe abasavyi biwe yongere abakomeze mu vy’impwemu. Muri izo ntunganyo harimwo kwitaba amakoraniro y’ishengero no kuyagiramwo uruhara bivanye n’uko ivyawe vyifashe.

Vyongeye, iki gice kirashimika ku kamaro ko kugira uruhara udahorereza mu gikorwa co kwamamaza Ubwami kugira ufashe abandi kumenya Yehova hamwe n’ivyo ariko arakorera abantu. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Ubwa nyuma, kiraza gutuma urushiriza kubona ko ukwiyegura kwawe hamwe n’ibatisimu yawe atari ibintu vyo gufata minenerwe. Numenye neza ko Yehova ashima ukuntu witabiriye ubikuye ku mutima ubuntu yakugiriye.

1. Ni ingingo ngenderwako iyihe igenga abakirisu mu mubano w’abubatse? Ni imvo rudende iyihe ishingiye ku Vyanditswe yotuma umuntu yahukana?

• “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore, akavuga ati: ‘Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina akifatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’? Ku buryo bataba bakiri babiri, ahubwo baba ari umubiri umwe. Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye. . . . Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi akarongora uwundi, aba arenze ibigo.”​—Mat. 19:4-6, 9.

2. Ni kubera iki umugabo n’umugore bakwiye kuba bandikishije umubano wabo? Nimba wubatse, woba uzi neza ko umubano wanyu wanditse kandi wemewe na leta?

• “Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru.”​—Tito 3:1.

• “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo.”​—Heb. 13:4.

3. Ujejwe uruhara uruhe mu muryango?

• “Umviriza mwananje, indero ya so wawe, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe.”​—Imig. 1:8.

• “Umugabo [ni] umutwe w’umugore wiwe nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero . . . Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero.”​—Ef. 5:23, 25.

• “Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.”​—Ef. 6:4.

• “Yemwe bana, mugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ivyo bihimbaye rwose mu Mukama.”​—Kol. 3:20.

• “Namwe bagore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere abagabo banyu.”​—1 Pet. 3:1.

4. Kubera iki dukwiye kwubaha ubuzima?

• “[Imana] iha abantu bose ubuzima n’impemu n’ibintu vyose. . . . Muri yo [ni] ho dufise ubuzima, tukagendagenda kandi tukaba turiho.”​—Ivyak. 17:25, 28.

5. Kubera iki tudakwiye kwica umuntu n’umwe, harimwo n’umwana ataravuka?

• “Abagabo nibarwana bagaca ku mugore yibungenze maze . . . [hakaba] isanganya ryica, utegerezwa rero gutanga ubuzima ku bundi.”​—Kuv. 21:22, 23.

• “Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo, kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe, ku bijanye n’imisi vyabumbiweko kandi ata na kimwe muri vyo cari bwabeho.”​—Zab. 139:16.

• “Yehova [aranka] . . . amaboko asesa amaraso y’intungane.”​—Imig. 6:16, 17.

6. Itegeko ry’Imana ku bijanye n’amaraso ni irihe?

• “[Mugume] mwirinze . . . amaraso, n’ibinizwe.”​—Ivyak. 15:29.

7. Kubera iki dutegerezwa gukunda abo dusangiye ukwemera?

• “Ndabahaye ibwirizwa rishasha: mukundane. Nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana. Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”​—Yoh. 13:34, 35.

8. Igihe umuntu arwaye indwara yandukira kandi ishobora kwiha inkumbi: (a) Kubera iki adakwiye kuza aragwa mu nda abandi canke kubasoma? (b) Kubera iki adakwiye kubabara igihe abandi batamutumiye iwabo? (c) Kubera iki umuntu yigeze guca mu bintu vyotuma yandura indwara yandukira, vyoba vyiza yipimishije imbere yo gutangura kureshanya? (d) Kubera iki umuntu arwaye indwara yandukira akwiye kubimenyesha umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere imbere yo kubatizwa?

• “Ntihagire uwo mugirira umwenda w’ikintu na kimwe, atari ugukundana. . . . ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’ Urukundo ntirukorera ikibi umugenzi.”​—Rom. 13:8-10.

• “Umwe wese ubwiwe ntagume araba ivyiwe bwite gusa, ariko arabe n’ivy’abandi.”​—Flp. 2:4.

9. Kubera iki Yehova adusaba kubabarira abandi?

• “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.”​—Kol. 3:13.

10. Wokora iki hagize umuvukanyi akwambika ibara canke akuzuruma?

• “Nimba mwene wanyu acumuye, genda werekane neza ikosa ryiwe, hagati yawe na we mwenyene. Niyakwumviriza, uzoba ugaruye mwene wanyu. Mugabo natumviriza, nuhitane wundi umwe canke babiri, kugira ikintu cose gishingwe bivuye ku ntahe ishinzwe n’ivyabona bibiri canke bitatu. Natabumviriza, nubibwire ishengero. Nimba n’ishengero ataryumvirije, kuri wewe nabe nk’umunyamahanga n’umutozakori.”​—Mat. 18:15-17.

11. Yehova abona gute ibicumuro bikurikira?

▪ Ubuhumbu

▪ Gukoresha ibishusho mu gusenga

▪ Ukuryamana kw’abasangiye igitsina

▪ Ukwiba

▪ Gukina akamari

▪ Akaborerwe

• “Ntimuzimizwe. Nta basambanyi, canke abasenga ibigirwamana, canke abarenga ibigo, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa, canke abagabo baryamana n’abagabo, canke ibisuma, canke abanyamunoho, canke imborerwa, canke abatukana, canke abanyazi bazotorana ubwami bw’Imana.”​—1 Kor. 6:9, 10.

12. Wiyemeje iki ku bijanye n’ubuhumbu, uburimwo ibintu bitandukanye bijanye n’igitsina bikorwa n’abantu batubakanye?

• “Nimuhunge ubusambanyi.”​—1 Kor. 6:18.

13. Kubera iki dukwiye kwirinda gukoresha ibintu vyizizira umuntu canke biyovya ubwenge kiretse ku mvo z’ubuvuzi?

• “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana, igikorwa ceranda kijana n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira. Kandi mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.”​—Rom. 12:1, 2.

14. Ibikorwa bimwebimwe bijanye n’amadayimoni Imana yiyamiriza ni ibihe?

• “Muri wewe ntihaze haboneke . . . uwuragura, umunyamageza canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba canke umupfumu, canke uwuzirikisha abandi ubupfumu canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke uwagize umwuga ukubura ibizoba canke umuntu asiguza abapfuye.”​—Gus. 18:10, 11.

15. Igihe umuntu akoze icaha gikomeye ariko akaba yipfuza gusubira gutoneshwa na Yehova, akwiye guca akora iki?

• “Igicumuro canje [narakikwaturiye], kandi ikosa ryanje sinaripfutse. Navuze nti: ‘Nzokwaturira Yehova ibigabitanyo vyanje.’”​—Zab. 32:5.

• “Hoba hari uwurwaye muri mwebwe? Nahamagare abagabo b’inararibonye b’ishengero baze kuri we, bamusengere, bamusige amavuta mw’izina rya Yehova. Kandi isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.”​—Yak. 5:14, 15.

16. Ukwiye gukora iki umenye ko umukirisu mugenzawe yakoze igicumuro gikomeye?

• “Mu gihe . . . umuntu acumuye mu kuba yumvise imivumo ivuzwe icese, akaba ari icabona canke yabibonye canke yabimenye, natabimenyesha, azotegerezwa kwishura ikosa ryiwe.”​—Lew. 5:1.

17. Igihe hashikirijwe itangazo ry’uko umuntu atakiri Icabona ca Yehova, dukwiye kumufata gute?

• “[Mureke] kwivanga n’uwo wese yitwa mwene wacu akaba ari umusambanyi canke umunyamunoho canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa canke umunyazi, no gusangira ntimugasangire n’umuntu mwene uyo.”​—1 Kor. 5:11.

• “Nihagira uwuza iwanyu atazanye iyo nyigisho, ntimwigere mumwakira mu mazu yanyu canke ngo mumuramutse.”​—2 Yoh. 10.

18. Kubera iki abagenzi bawe somambike bakwiye kuba bakunda Yehova?

• “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.”​—Imig. 13:20.

• “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”​—1 Kor. 15:33.

19. Kubera iki Ivyabona vya Yehova bataja muri politike?

• “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.”​—Yoh. 17:16.

20. Kubera iki ukwiye kugamburukira abategetsi?

• “Umuntu wese nayobokere abakuru bari hejuru, kuko ata bukuru buriho bitavuye ku Mana; abakuru bahari bashizwe n’Imana mu bibanza vyabo bigereranye.”​—Rom. 13:1.

21. Igihe abantu bagusavye gukora ibintu biteye kubiri n’amategeko y’Imana, ukwiye gukora iki?

• “Dutegerezwa kugamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyak. 5:29.

22. Ni ivyanditswe ibihe vyogufasha kuguma witandukanije n’isi igihe uhitamwo akazi wokora?

• “Ntibazobangura inkota, ihanga ngo riyibangurire irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.”​—Mika 4:3.

• “Nimuve iwe [Babiloni Akomeye], bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe.”​—Ivyah. 18:4.

23. Ni uburyo ubuhe bwo kwinezereza no kwiruhura wohitamwo, kandi ni ubuhe wokwirinda?

• “Uwo wese akunda ubukazi umutima [wa Yehova] uramwanka koko.”​—Zab. 11:5.

• “Muzinukwe ikibi, mwumire ku ciza.”​—Rom. 12:9.

• “Ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.”​—Flp. 4:8.

24. Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahurira hamwe n’ayandi madini mu masengesho?

• “Ntimushobora kunywa igikombe ca Yehova n’igikombe c’amadayimoni.”​—1 Kor. 10:21.

• “‘Mwitandukanye na bo,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye’; ‘nanje nzobakira.’”​—2 Kor. 6:17.

25. Ni ingingo ngenderwako izihe zogufasha kumenya ko woja mu musi mukuru kanaka canke utowujamwo?

• “Bivanga n’amahanga, batangura kwiga ibikorwa vyabo. Baguma bakorera ibigirwamana vyabo, bino biraheza bibabera umutego.”​—Zab. 106:35, 36.

• “Abapfuye, nta co bazi namba.”​—Umus. 9:5.

• “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.”​—Yoh. 17:16.

• “Igihe carenganye [kirahagije] c’ukuba mwarakoze ukugomba kw’amahanga igihe mwagendera mu bikorwa vy’ubushirasoni, mu nambu zikomeye, mu kunywa umuvinyu birenze urugero, mu kwidagadura, mu guhiganwa mu kunywa, no mu vy’ugusenga ibigirwamana kw’ikizira.”​—1 Pet. 4:3.

26. Inkuru zerekeye imisi mikuru y’ivuka zivugwa muri Bibiliya zigufasha gute kumenya ko iyo misi mikuru itabereye?

• “Umusi ugira gatatu wari umusi w’ivuka rya Farawo, maze atereka inzimano abasuku biwe bose yongera aduza umutwe wa wa mukuru w’abahereza ibinyobwa n’umutwe wa wa mukuru w’abakora igikorwa co kwotsa, hagati mu basuku biwe. Asubiza rero uwo mukuru w’abahereza ibinyobwa mu gikorwa ciwe co guhereza ibinyobwa . . . Mugabo uwo mukuru w’abakora igikorwa co kwotsa aramumanika.”​—Ita. 40:20-22.

• “Igihe hariko harahimbazwa umusi w’ivuka rya Herodi, umukobwa wa Herodiya yaratamvye arashimisha cane Herodi ku buryo asezerana ashizeko n’indahiro ko amuha ico asaba cose. Maze nya mukobwa, yohejwe na nyina, avuga ati: ‘Numpe ng’aha kw’isiniya umutwe wa Yohani Umubatizi.’ Maze arungika abantu ngo bace umutwe Yohani mw’ibohero.”​—Mat. 14:6-8, 10.

27. Kubera iki wokurikiza ubuyobozi uhabwa n’abakurambere?

• “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazobibazwa; kugira ngo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko vyogirira nabi mwebwe.”​—Heb. 13:17.

28. Kubera iki bihambaye ko wewe n’umuryango wawe mwama mutegekanya umwanya wo gusoma Bibiliya no kuyiga?

• “Ahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro. Azoba koko nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, gitanga ivyamwa vyaco mu gihe caco kandi amababi yaco ntakabirane, kandi ico akora cose kizokunda.”​—Zab. 1:2, 3.

29. Kubera iki ukunda kwitaba amakoraniro no kuyagiramwo uruhara?

• “Nzomenyesha izina ryawe bene wacu; hagati mw’ishengero nzogushemeza.”​—Zab. 22:22.

• “Twiyumvirane kugira tuvyuriranire ugukundana n’ibikorwa vyiza, tudaheba kwa gukoranira hamwe kwacu, nk’uko bamwe babimenyereye, mugabo turemeshanya, kandi birushirize kumera gutyo uko mubona wa musi wegereza.”​—Heb. 10:24, 25.

30. Igikorwa nyamukuru Yezu yadushinze ni ikihe?

• “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mubabatiza . . . , mubigisha kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”​—Mat. 28:19, 20.

31. Igihe dutanga intererano ku bw’igikorwa c’Ubwami canke igihe dufasha abavukanyi bacu, Yehova yipfuza ko tubikorana agatima akahe?

• “Tera iteka Yehova ukoresheje ibintu vyawe vy’agaciro.”​—Imig. 3:9.

• “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”​—2 Kor. 9:7.

32. Ni ingorane izihe abakirisu bitega ko zishobora kubashikira?

• “Hahiriwe abahamwe bahorwa ubugororotsi, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo. Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabahama kandi bakababeshera ibintu bibi vy’ubwoko bwose babampora. Munezerwe musimbasimbishwe n’akanyamuneza, kuko impembo yanyu ari nini mw’ijuru; kuko ukwo ari ko bahamye abahanuzi b’imbere yanyu.”​—Mat. 5:10-12.

33. Kubera iki ari agateka kadasanzwe kubatizwa ukaba Icabona ca Yehova?

• “Ijambo ryawe rimbereye umwigino n’umunezero w’umutima wanje; kuko nitiriwe izina ryawe, ewe Yehova Mana!”​—Yer. 15:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika