Imibabaro yoba izoteba igahera?
Woba wokwishura ngo . . .
egome?
oya?
kumbure?
IVYO BIBILIYA IVUGA
“Imana . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”—Ivyahishuwe 21:3, 4, Bibiliya y’isi nshasha.
ICO VYOKUMARIRA
Urahera amazinda ko Imana atari yo iduteza ingorane.—Yakobo 1:13.
Urahumurizwa no kumenya ko Imana itwumvira impuhwe igihe dushikiwe n’imibabaro.—Zekariya 2:8.
Urizigira ko imibabaro yose igiye guhera.—Zaburi 37:9-11.
TWOBA VY’UKURI DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?
Egome, kubera n’imiburiburi imvo zibiri:
Imana iranka imibabaro n’akarenganyo. Rimbura ukuntu Yehova Imana yumvise amerewe igihe abasavyi biwe bo mu bihe vya kera bafatwa bunyamaswa. Bibiliya ivuga ko yatuntura kubera “ababaturubika.”—Abacamanza 2:18, NW.
Imana iranka urunuka abantu bagirira nabi abandi. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko “amaboko asesa amaraso y’intungane” ayishisha.—Imigani 6:16, 17.
Imana iratubabara umwe wese ku giti ciwe. Umuntu si we wenyene azi “icago ciwe n’ububabare bwiwe” mugabo na Yehova arabizi.—2 Ngoma 6:29, 30.
Yehova abicishije ku Bwami bwiwe, agiye gukuraho imibabaro ishikira umuntu umwumwe wese. (Matayo 6:9, 10) Mu kurindira, arahoza abigiranye ikibabarwe abamurondera ata buryarya.—Ivyakozwe 17:27; 2 Abakorinto 1:3, 4.
ZIRIKANA KURI IBI BINTU
Kubera iki Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro?
Bibiliya irishura ico kibazo mu BAROMA 5:12 no muri 2 PETERO 3:9.