IGICE CA 14
Wokwerekana gute ko uri intahemuka kuri Yehova?
Nuje ku ruhande rw’Imana. 1 Petero 5:6-9
Niwirinde kugira uruhara mu migenzo iyo ari yo yose itemerwa na Bibiliya. Ivyo bisaba uburindutsi.
Ntiwisuke mu vya politike bigirwa mu bihugu; ntibishigikira Yehova n’Ubwami bwiwe.
Nuhitemwo neza mu kwumviriza Imana. Matayo 7:24, 25
Niwifatanye n’Ivyabona vya Yehova; bazogufasha kwiyegereza Imana.
Nubandanye kwiga ivyerekeye Imana kandi ugerageze kugamburuka amategeko yayo.
Igihe ukwizera kwawe kumaze gukomera, urakwiye kwegurira Yehova ubuzima bwawe maze ukabatizwa.—Matayo 28:19.
Niwumvirize Imana. Soma Bibiliya, kandi usabe Ivyabona vya Yehova bagufashe kuyitahura. Nuce ushira mu ngiro ivyo wiga. Niwabigira, uzobaho ibihe bidahera.—Zaburi 37:29.