ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 9 rup. 12
  • Abisirayeli basaba ko boronswa umwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abisirayeli basaba ko boronswa umwami
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • ‘Urugamba ni urwa Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Dawidi na Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 9 rup. 12
Dawidi afise umugozi wo guteresha amabuye, ingabo za Sauli na zo ziriko ziramuraba

IGIHIMBA CA 9

Abisirayeli basaba ko boronswa umwami

Umwami wa mbere wa Isirayeli, ari we Sauli, aragambarara. Asubirirwa na Dawidi, uwo Imana igirana na we isezerano ry’ubwami bwamaho

SAMUSONI amaze gupfa, Samweli yarasukuye ari umuhanuzi akaba n’umucamanza wa Isirayeli. Abisirayeli baguma bamubwira ko bashaka kumera nk’ayandi mahanga maze bakagira umwami abaganza. Naho Yehova yababajwe n’ico kintu basavye, yarategetse Samweli kubashirira aho bashaka. Imana yaratoye umugabo yicisha bugufi yitwa Sauli ngo abe umwami. Ariko mu nyuma, Umwami Sauli yarabaye umunyabwibone n’umugambarazi. Yehova ntiyashimye ko abandanya kuba umwami maze abwira Samweli kugena uwundi, uno akaba yari umusore yitwa Dawidi. Ariko rero, hociye imyaka itari mike kugira ngo Dawidi aganze ari umwami.

Bishoboka ko igihe Dawidi yari akiri umuyabaga ari ho yaja kuramutsa benewabo bari mu ngabo za Sauli. Ingabo zose zari zatewe ubwoba n’umurwanyi umwe wo mu bansi babo, uwo na we akaba yari ikigatanya citwa Goliyati, yaguma acokora izo ngabo be n’Imana yazo. Kubera ko ivyo vyababaje cane Dawidi, yaremeye kurwana n’ico kigatanya. Uwo musore yitwaje umugozi wo guteresha amabuye be n’amabuye makeyi vyonyene, yaragiye gutana mu mitwe n’uwo mwansi wiwe, uno na we akaba yari afise uburebure bw’imetero hafi zitatu. Igihe Goliyati yacokora Dawidi, uno yishuye ko we yari yitwaje ikirwanisho gikomeye kuruta ivyo ico kigatanya cari gifise, kuko yari aje kukirwanya mw’izina rya Yehova Imana! Dawidi yarishe ico kigatanya Goliyati akoresheje ibuye rimwe gusa maze aca agica umutwe akoresheje inkota yaco bwite. Ingabo z’Abafilisitiya zaciye zihunga umutima uri mu mutwe.

Mu ntango, Sauli yaratangajwe n’uburindutsi Dawidi yari afise maze aca aha uwo musore kugaba ingabo ziwe. Ariko ukuroranirwa kwa Dawidi kwatumye Sauli amugirira ishari ry’umururazi. Dawidi yabwirijwe kuyanyaga maze amara imyaka itari mike aza aranyegera. Naho vyari ukwo, kubera ko Dawidi yatahura yuko Umwami Sauli yari yagenywe na Yehova Imana, yagumye ari intahemuka kuri uwo mwami yariko arondera kumwica. Amaherezo, Sauli yarapfiriye mu ntambara. Gatoyi inyuma y’aho, Dawidi yarabaye umwami, nk’uko Yehova yari yarabisezeranye.

‘Nzokomeza intebe yiwe y’ubwami gushitsa ibihe vyose.’—2 Samweli 7:13

Dawidi amaze kuba umwami, yaripfuje cane kwubakira Yehova urusengero. Yamara, Yehova yabwiye Dawidi yuko umwe mu bomukomotseko ari we yokwubatse urwo rusengero. Salomo umuhungu wa Dawidi ni we yahavuye arwubaka. Ariko rero, Imana yarahaye impera Dawidi mu kugiranira na we isezerano riteye akanyamuneza ry’uko mu bomukomotseko hovuyemwo umuryango w’abami ata wundi wobaye umeze nka wo. Uwo muryango wohavuye ubonekamwo wa Murokozi, ari rwo Ruvyaro, yari yarasezeranywe muri Edeni. Yobaye ari Mesiya, bisobanura ngo “Uwarobanuwe,” yagenywe n’Imana. Yehova yari yarasezeranye yuko Mesiya yobaye Umutware w’intwaro, ari bwo Bwami bwokwamyeho.

Abitumwe n’ugukenguruka kuvuye ku mutima, Dawidi yaregeranije ibikoresho vyinshi cane vyo kwubakisha be n’amabuye y’agaciro umuyoro vyokoreshejwe mu kwubaka urusengero. Yaratunganije kandi amazaburi menshi yahumetswe. Igihe Dawidi yari mu gupfa, yiyemereye ati: ‘Impwemu y’Uhoraho yavugiye muri jewe, ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.’—2 Samweli 23:2.

​—Bivugwa muri 1 Samweli; 2 Samweli; 1 Ngoma; Yesaya 9:7; Matayo 21:9; Luka 1:32; Yohani 7:42.

  • Ni kubera iki Umwami Sauli Yehova yamusubirije Dawidi?

  • Dawidi yagaragaje kamere izihe n’imbere y’uko aba umwami?

  • Ni nde ari rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe, ari we Murokozi, yavuzwe ko yokomotse mu muryango wa Dawidi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika