ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 7 rup. 10
  • Imana irokora Abisirayeli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana irokora Abisirayeli
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • «Genda kwa Farawo»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Numenye inzira za Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Musa yahisemwo gukorera Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Musa na Aroni kwa Farawo
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 7 rup. 10
Musa afise ibisate bibiri vy’amabuye biriko ya Mabwirizwa Cumi

IGIHIMBA CA 7

Imana irokora Abisirayeli

Yehova arateza ivyago Misiri, Musa akayobora Abisirayeli abakuye muri ico gihugu. Imana iraha Abisirayeli Itegeko ibicishije kuri Musa

ABISIRAYELI baramaze imyaka myinshi baba mu Misiri, baratunga baratunganirwa bongera baragwira. Ariko rero, ico gihugu cahavuye kiganzwa n’uwundi Mufarawo. Uwo mutegetsi ntiyari azi Yozefu. Kubera ko uwo mutware w’inkazi atwaza agahahazo yatewe ubwoba n’igwirirana ry’Abisirayeli, yaciye abagira abaja yongera ategeka yuko abahungu babo bose bakivuka baca batererwa mu Ruzi Nili. Ariko umuvyeyi umwe w’umurindutsi yarakingiye agahungu kiwe, akanyegeza mu rufunzo kari mu gatebo. Umukobwa wa Farawo yaratoye uwo mwana maze aca amwita Musa, amurerera i bwami mu Misiri.

Igihe Musa yari afise imyaka 40, yarikwegeye ingorane mu kurwanira umuja w’Umwisirayeli yariko akubitwa n’Umunyamisiri yamukoresha. Musa yaciye ahungira mu gihugu ca kure, aba yo ari impunzi. Igihe Musa yari afise imyaka 80, Yehova yaramurungitse mu Misiri kugira ngo arenguke kwa Farawo maze amusabe kurekura abasavyi b’Imana.

Farawo ivyo yaravyanse yivuye inyuma. Ivyo vyatumye Imana iteza Misiri ivyago cumi. Igihe cose Musa yarenguka kwa Farawo kugira ngo amuronse akaryo ko kwirinda ngo icago gikurikira ntigitere, Farawo yaranka n’akagagazo n’akantu ivyo Musa n’Imana yiwe Yehova baba bamusavye. Amaherezo, icago kigira cumi caratumye imfura zose zo muri ico gihugu zipfa, kiretse gusa izo mu miryango yagamburukiye Yehova mu kumijagira ku bishimaryango vyabo amaraso y’umwagazi w’intama wari watanzweko ikimazi. Umumarayika Imana yarungitse ngo ageseze izo mfura zose zo mu Misiri, yararenganye iyo mihana. Abisirayeli baciye batangura kuza baribuka ukwo gutabarwa gutangaje, mu guhimbaza uko umwaka utashe umusi mukuru witwa Pasika.

Farawo amaze kubura umwana wiwe w’imfura, yarategetse Musa be n’Abisirayeli bose kuva mu Misiri. Baciye batunganya ivy’uko bava mu Misiri. Mugabo, Farawo yarihindukije mw’ijambo. Yarabakurikiye ari kumwe n’ingabo nyinshi n’imikogote y’intambara. Abisirayeli barabuze isaganirizo bageze ku nkengera y’Ikiyaga Gitukura. Yehova yaraciyemwo kubiri ico Kiyaga Gitukura, atuma Abisirayeli baca ahumutse hagati y’ivyo twokwita ibihome vy’amazi! Igihe Abanyamisiri biterera muri ico kiyaga bakabakurikira, Imana yaciye irekura ya mazi maze Farawo n’ingabo ziwe basoma nturi.

Mu nyuma, magingo Abisirayeli bagikambitse ku Musozi Sinayi, Yehova aragiranira na bo isezerano. Imana ikoresheje Musa bwa muhuza, yarahaye Isirayeli amategeko yobayoboye kandi akabakingira mu mice nka yose y’ubuzima. Mu gihe Abisirayeli bogumye bemera ubutegetsi bw’Imana badahemuka, Yehova yogumye ari kumwe na bo kandi agatuma iryo hanga ribera ayandi umuhezagiro.

Naho vyari ukwo, Abisirayeli benshi barababaje Imana mu kutayizera. Ivyo vyatumye Yehova atuma iryo yaruka rimara imyaka 40 riyerera mu bugaragwa. Rero, imbere y’uko Musa apfa, yarashinze umugabo w’umugororotsi Yosuwa ibanga ryo kumusubirira. Amaherezo, Abisirayeli bari bimirije kwinjira mu gihugu Imana yari yarasezeraniye Aburahamu.

​—Bivugwa muri Kuvayo; Abalewi; Guharūra; Gusubira mu vyagezwe; Zaburi 136:10-15; Ibikorwa 7:17-36.

  • Vyagenze gute ngo Musa akoreshwa n’Imana kugira ngo arokore Abisirayeli?

  • Ni kubera iki Abisirayeli bahimbaza Pasika?

  • Yehova yakuye gute Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri?

ITEGEKO RISUMBA AYANDI YOSE

Ya Mabwirizwa Cumi dusanga muri Kuvayo 20:1-17, ashobora kuba ari yo azwi cane muri amwe yababa 600 yatanzwe biciye kuri Musa. Naho ari ukwo, igihe Yezu Kristu bamubaza itegeko ryasumba ayandi yose iryo ari ryo, yatoye iri rigira riti: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.”—Mariko 12:28-30; Gusubira mu vyagezwe 6:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika