ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • sn ururirimbo 33
  • Ntimubatinye!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntimubatinye!
  • Turirimbire Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Oya ntimubatinye!
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Ntimubatinye!
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • ‘Uko isi imeze kuriko kurahinduka’
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ubuzima butagira iherezo—ngubwo!
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Turirimbire Yehova
sn ururirimbo 33

Ururirimbo 33

Ntimubatinye!

Integuro icapuwe

(Matayo 10:28)

1. Nimugende bantu banje

Kuvug’ivya bwa Bwami.

Ntimugatiny’abansi.

Bwir’ukuri abandi.

Tangaze ko Kristu wanje

Yatay’umwansi hanze,

Kw’agiye kumudadira

Arek’abantu banje.

(ICITABIRIZO)

Bantu banje, ntimutinye

Ababater’ubwoba.

Uwanje nzomukingira.

Oya nta co muzoba.

2. Nah’abansi bagwiriye

Kandi bakabakanga,

Batwenga basamanga

Mu rwenge rw’ubuhanga,

Ntimubatinye na gato.

Naho bazobahama.

Nzokingir’intahemuka

Zitsind’urwo rugamba.

(ICITABIRIZO)

Bantu banje, ntimutinye

Ababater’ubwoba.

Uwanje nzomukingira.

Oya nta co muzoba.

3. Ntimutinye turi kumwe;

Oya sinzobareka.

Naho mwopfa, nta nkeka

Urupfu nzorwereka.

Ntutiny’abic’umubiri

Batokwic’ubuzima.

Gume mur’intahemuka

Nta burinzi nzobima.

(ICITABIRIZO)

Bantu banje, ntimutinye

Ababater’ubwoba.

Uwanje nzomukingira.

Oya nta co muzoba.

(Raba kandi Gus. 32:10; Neh. 4:14; Zab. 59:1; 83:2, 3.)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika