Akarorero wokwigana—Dawidi
Dawidi arakunda umuziki. Ni umuririmvyi karuhariwe akaba n’umwanditsi w’indirimbo w’umuhanga. Mbere arihingurira ibicurarangisho vyiwe. (2 Ngoma 7:6) Ni umuhinga akomeye ku buryo umwami wa Isirayeli amutumako ngo aze gucurarangira ku kirimba. (1 Samweli 16:15-23) Dawidi aremera, ariko ntaca yirata canke ngo areke umuziki wiganzire ubuzima bwiwe. Ahubwo riho akoresha ubuhanga bwiwe kugira ashemeze Yehova.
Woba ukunda umuziki? Ushobora kuba utari umuririmvyi karuhariwe, ariko nticobuza ko wigana akarorero ka Dawidi. Uti gute? Mu kutareka umuziki ngo wiganzire ubuzima bwawe canke ngo utume wiyumvira kibure ukora ibintu bidatera iteka Imana. Ahubwo nukoreshe umuziki kugira urushirize guhimbarwa n’ubuzima. Ubushobozi bwo gutunganya no guhimbarirwa umuziki ni ingabirano iva ku Mana. (Yakobo 1:17) Dawidi yayikoresheje mu buryo buhimbara Yehova. Woba uzomwigana?