Igipfukisho c’imbere
Musomyi mukundwa,
Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Nezerwa, musore [canke nkumi], mu buto bwawe, kandi umutima wawe ukugirire neza mu misi y’ubusore bwawe, kandi ugendere mu nzira z’umutima wawe no mu vyo amaso yawe abona.” (Umusiguzi 11:9) Iyo ukiri muto, ubuzima usanga buryoshe cane, kandi twipfuza ko ubuhimbarirwa. Ariko rero, tukuremesheje kubigira mu buryo buhimbara Yehova Imana. Ntiwigere wibagira ko abona ivyo ukora mu buzima be n’uko azobikubaza. Ese ukuntu rero bibereye ko wisunga iyi mpanuro Salomo aca atanga igira iti: “Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe.”—Umusiguzi 12:1.
Dusenga dusaba ko amakuru ari muri iki gitabu yogufasha kwihanganira imikazo n’ibigeragezo bihanze urwaruka muri iki gihe be n’uko yogufasha gufata ingingo zihuye n’ivyo Imana igomba. Niwabigenza gutyo, uzonezereza umutima wa Yehova.—Imigani 27:11.
Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova