ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 27 rup. 142-146
  • Imana yawe ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yawe ni nde?
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Baranse Kwunama
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Baranse kwunamira igishusho
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • ‘Imana yacu irashobora kudukiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Intangamarara y’igihimba ca 10
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 27 rup. 142-146

Ikigabane ca 27

Imana yawe ni nde?

IKI kibazo ngo Imana yawe ni nde, ni kubera iki ari ikibazo gihambaye?— Ni kubera yuko abantu basenga Imana nyinshi (1 Ab’i Korinto 8:5). Igihe intumwa Paulo yahabwa ububasha na Yehova bwo gukiza umugabo atari bwigere atambuka, abantu barasemereye bati: “Imana zitumanukiyemwo zīshushanije n’abantu!”. Abantu bashatse gusenga Paulo na mugenziwe Barunaba. Paulo bamwise Herume, Barunaba na we bamwita Zeyu, ayo akaba yari amazina y’imana z’ikinyoma.

Mugabo, Paulo na Barunaba ntibaretse ngo abantu babasenge. Baciye bitera muri iryo sinzi ry’abantu, maze bavuga bati: “Mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima” (Ivyakozwe 14:8-15). Iyo “Mana nzima” yaremye ibintu vyose ni nde?— Ni Yehova, ‘Asumba vyose, akaganza isi yose’. Yezu yise Yehova, “Imana yonyene y’ukuri”. None rero, ni nde akwiriye gusengwa wenyene?— Ni Yehova wenyene!—Zaburi 83:18; Yohana 17:3; Ivyahishuriwe 4:11.

[Ifoto ku rup. 143]

Ni kubera iki Paulo na Barunaba bataretse ngo abantu babikubite imbere?

Abantu benshi basenga imana z’ibinyoma aho gusenga “Imana yonyene y’ukuri”. Kenshi usanga basenga ibintu babaza mu mbaho, bacura mu mabuye canke mu butare (Kuvayo 32:4-7; Abalewi 26:1; Yesaya 44:14-17). Mbere abagabo be n’abagore bacika ba rurangiranwa, rimwe na rimwe usanga bitwa imana, bagacika ibigirwamana. Vyoba bibereye ko tubaninahaza?—

Sauli amaze gucika intumwa Paulo, yanditse ati: ‘Imana y’iki gihe yarahumye imitima y’abatizera’ (2 Ab’i Korinto 4:4). Iyo mana ni nde?— Ni Shetani wa Mucokoranyi! Shetani yarashoboye gutuma abantu basenga abantu benshi n’ibintu vyinshi.

Igihe Shetani yagerageza kurondera ko Yezu amwikubita imbere akamusenga, Yezu yabwiye iki Shetani?— Yamubwiye ati: ‘Yehova Imana ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa kurangurira umurimo mweranda’ (Matayo 4:10). Yezu rero yaratomoye yuko Yehova gusa ari we akwiye gusengwa. Reka dusome ivyerekeye abasore bamwebamwe bari bazi ico kintu. Abo basore ni Shaduraka na Meshaki be na Abedunego.

Abo basore b’Abaheburayo bari mu bagize ihanga ry’Imana ari ryo Isirayeli, bakaba bari bajanywe inyagano mu gihugu ca Babiloni. Muri ico gihugu, umwami yitwa Nebukadinezari yakoze igishushanyo amahanga c’inzahabu. Umusi umwe, yarashinze itegeko rivuga yuko umuziki uramutse uvuze, umuntu wese yunamira ico gishushanyo. Yagabishije ati: ‘umuntu wese adakubita inkoro hasi ngo asenge, araza gutabwa mw’itanure rirurumba umuriro’. Wewe wari gukora iki?—

[Ifoto ku rup. 144]

Ni kubera iki aba basore bataja kwikubita imbere y’ico gishushanyo?

Mu bisanzwe, Shaduraka, Meshaki na Abedunego, bama bakora ikintu cose umwami abategetse. Mugabo, ico kintu baranse kugikora. Woba uzi igituma?— Kwari kubera yuko icagezwe c’Imana cavuga giti: ‘Ntukagire izindi mana, atari jewe gusa. Ntukibazire igishushanyo, ngo ucikubite imbere’ (Kuvayo 20:3-5). Ni co gituma Shaduraka, Meshaki na Abedunego bagamburutse icagezwe ca Yehova aho kugamburuka itegeko ry’umwami.

Umwami yarashavuye cane, ubwo nyene aca arengutsa ba basore batatu b’Abaheburayo. Yababajije ati: ‘Ni ivy’ukuri koko yuko mudasaba imana zanje bwite? Reka ndabahe akandi karyo. None rero, nimwumva umuziki uvuze, muze kwikubita hasi musenge igishushanyo nakoze. Nimutabigira, muca mutabwa mw’itanure rirurumba umuriro. Imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?’.

Ico gihe abo basore bokoze iki? Wewe wari gukora iki?— Babwiye uyo mwami bati: ‘Imana yacu dusaba irashobora kuturokora. Mugabo naho itoturokora, ntituzosaba imana zawe. Ntituzokwikubita imbere y’igishushanyo cawe c’inzahabu’.

Umwami yararatse. Ategeka ati: ‘Nimushushe itanure rishuhe incuro ndwi kuruta uko risanzwe rishuha!’. Yaciye ategeka abagabo biwe bakomakomaye kuboha Shaduraka, Meshaki na Abedunego, ngo baheze babate muri iryo tanure! Iryo tanure ryari rishushe cane ku buryo abo bantu b’umwami bishwe n’imbeya! None ba Baheburayo batatu bobo vyabagendeye gute?

Shaduraka, Meshaki na Abedunego baciye bagwa hagati mu mucanwa. Mugabo, baciye ubwo nyene bahaguruka! Nta na kimwe babaye. Ntibari bakiboshe. Ivyo vyashobotse gute?— Umwami yaratereje amaso muri iryo tanure, maze abona ikintu camuteye ubwoba. Yabajije ati: ‘Mbega harya ntitwatereye mu muriro abagabo batatu?’. Abasuku biwe bamwishura bati: ‘Koko ni abo mwami’.

[Ifoto ku rup. 145]

Yehova yarokoye gute abasavyi biwe akabakura mw’itanure rirurumba umuriro?

Maze umwami avuga ati: ‘Mbona hariyo abantu bane bigendagenderayo, kandi umuriro nta n’umwe uriko uraturira’. Woba uzi uwo muntu agira kane uwo ari we?— Yari umumarayika wa Yehova. Yarakingiye abo Baheburayo batatu kugira ngo ntihagire ico baba.

Umwami ivyo abibonye, aza ku bwinjiriro bw’iryo tanure, maze asemerera ati: “Yemwe Shaduraka na Meshaki na Abedunego, mwa basavyi b’Imana isumba vyose, ni musohoke, muze hano!”. Basohotse, umuntu wese yarashoboye kubona yuko batahiye. Nta n’akamoto k’umuriro wabumvako. Umwami aca avuga ati: ‘Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo gukiza abasavyi bayo kubera yuko batasenze iyindi mana kiretse Imana yabo bwite’.—Daniyeli, ikigabane ca 3.

[Amafoto ku rup. 146]]

Muri iki gihe abantu baninahaza ibigirwamana bwoko ki?

Turashobora gukura icigwa ku vyashitse ico gihe. No muri iki gihe, abantu barashinga ibishushanyo, amasanamu be n’ibindi bintu, kugira bisengwe. Inkoranyabumenyi imwe (The Encyclopedia Americana) ivuga iti: “Ibendera ni ikintu ceranda nka kurya kw’umusaraba”. Ibishushanyo bishobora kuba bibajwe mu mbaho, bihinguwe mw’ibuye, bikozwe mu cuma, canke bikozwe mu mpuzu. Abigishwa ba Yezu bo mu ntango ntibashobora gusenga umwami w’abami w’Umuroma. Umugabo umwe atohoza ivya kahise yitwa Daniel P. Mannix yavuze ko ivyo abigishwa bo mu ntango banse gukora, vyogereranywa no “kwanka kuramutsa ibendera canke gusubiramwo indahiro y’ukudahemukira igihugu”.

None, gukoresha igishushanyo gikozwe mu gitambara, mu mbaho, mw’ibuye canke mu cuma mu vy’ugusenga, woba wibaza yuko Imana itabibona kumwe?— Vyoba bibereye ko umusavyi wa Yehova asenga igishushanyo nk’ico?— Shaduraka, Meshaki na Abedunego ntibasenze igishushanyo nk’ico, kandi ivyo vyatumye Yehova ahimbarwa. Ushobora gute kwigana akarorero kabo?—

Abasukurira Yehova ntibashobora gusenga uwundi muntu n’umwe canke ikindi kintu na kimwe. Soma ibivugwa ku bijanye n’ivyo, muri Yosuwa 24:14, 15, 19-22; Yesaya 42:8; 1 Yohana 5:21; no mu Vyahishuriwe 19:10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika