ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 43 rup. 234-rup. 235 ing. 3
  • Gukoresha Amayagwa Yatanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukoresha Amayagwa Yatanzwe
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Gutegura Ibigabu Umunyeshure Ahabwa mw’Ishure
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gutegura Insiguro Zishikirizwa Ishengero
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kugira Urucacagu
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushira Ahabona Ingingo Nkurunkuru
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 43 rup. 234-rup. 235 ing. 3

ICIGWA CA 43

Gukoresha Amayagwa Yatanzwe

Ni ibiki ukeneye kugira?

Niwubakire insiguro yawe ku kiganiro catanzwe, hanyuma nimba inkomoko y’amayagwa yatanzwe, nuyikuremwo ivyanditswe be n’ingingo nkurunkuru.

Ni Kuki Bihambaye?

Igihe dukoresha amayagwa yatanzwe kugira ngo twubake insiguro yacu, tuba twerekanye ko duha agaciro porogarama yo kugaburirwa yaringanijwe n’umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.

BIBILIYA igereranya ishengero rya gikirisu n’umutumba w’umuntu. Urugingo rwose rurakenewe, mugabo “zose [ntizi]gira igikorwa kimwe.” Mu buryo buhuye n’ivyo, dukwiye kurangura agateka ako ari ko kose dutewe. Ivyo bisaba yuko dutahura kandi tukitwararika neza ikigabu ico ari co cose dushinzwe co kuvuga, aho gufatira mu rwara ubuhambare bw’ibiganiro bimwebimwe kubera twiyumvira yuko ibindi biganiro ari vyo vyoba birushirije kuba ibishimishije. (Rom. 12:4-8) Umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge ufise ibanga ryo gutanga ibifungurwa vy’impwemu “ku gihe kibereye.” (Mat. 24:45, NW) Igihe dukoresha ubushobozi bwacu bwite kugira ngo dushikirize insiguro dukurikije amacishabwenge twahawe, tuba twerekanye ko dukenguruka iyo ndinganizo. Ivyo biraterera agacumu k’ubumwe kw’ikora neza ry’ishengero ryose uko ringana.

Ivyo Gushiramwo. Igihe washinzwe ikiganiro mw’ishure, niwiyubare kugira ngo ushikirize ico kiganiro nyene woye gushikiriza ibindi bintu. Kenshi uzosanga hatangwa amayagwa atomoye yo kurabirako. Nimba utabwiwe amayagwa yanditse uzokoresha bwa shimikiro ry’insiguro yawe, ushobora gutororokanya amayagwa uyakuye ahantu wihitiyemwo. Ariko rero, igihe utegura insiguro yawe, uraraba neza yuko ivyo ushikiriza vyose vyubakiwe ku kiganiro catanzwe. Igihe uhitamwo ivyo ushiramwo, bizokenerwa kandi ko utirengangiza kurimbura abakwumviriza abo ari bo.

Nutohoze witonde ayo mayagwa urabirako, usuzume ivyanditswe biri muri yo. Maze nurimbure ukungene woyakoresha mu buryo burushirije kuba kirumara ku neza y’abakwumviriza. Nurobanure ingingo zibiri canke kumbure zitatu muri nya mayagwa yanditse kugira ngo zibe ari zo ukoresha bwa ngingo nkurunkuru mu nsiguro yawe. Muri ubwo buryo nyene, nurobanure mu mayagwa yatanzwe ivyanditswe utegekanya gusoma no gusigura.

Muri ayo mayagwa ukwiye gushikiriza ayangana iki? Ukwiye gushikiriza ayo ushobora gushikiriza neza gusa. Ntiwonone ukwigisha neza ngo urundemwo amakuru menshi. Nimba amwamwe mu mayagwa yawe adahuye n’ihangiro ry’insiguro yawe, niwitunire ku bihimba bizogufasha gushika kuri iryo hangiro. Muri ayo mayagwa yatanzwe, nukoreshe ibizoba birushiriza kugira ico vyigishije abakwumviriza. Intumbero woba ufise kuri iri nuta ry’uguhanurirwako mu vy’ukuvuga, si iyo kubona ivyo ushobora gushikiriza uko bingana, ahubwo ni iyo gukoresha ivyatanzwe ngo bikubere ishimikiro ry’insiguro yawe.

Insiguro yawe ntigenewe kuba gusa incamake y’amayagwa yatanzwe. Ukwiye gutegekanya gusigura ingingo zimwezimwe, ukazitebako, ukazitangira ibigereranirizo, kumbure ukanatanga akarorero k’ukuntu zokurikizwa. Ibindi vyiyumviro vy’inyongera bikwiye gukoreshwa kugira ngo uce irya n’ino ingingo zihambaye zo mu mayagwa wahawe aho kugira ngo bisubirire ayo mayagwa.

Abavukanyi bakwije ibisabwa vyo kuba abigisha amaherezo bashobora kuzosabwa gushikiriza inyigisho kw’Ikoraniro ry’Umurimo. Baratahura ko bakeneye gukoresha neza amayagwa yatanzwe ha kuyasubiriza ikindi kintu. Mu buryo nk’ubwo nyene, abavukanyi bashikiriza insiguro z’icese barahabwa incacagu zo kwisunga. Izo ncacagu zirareka umuntu agahuza n’ukuntu ibintu vyifashe, mugabo zikaba zerekana neza ingingo nkurunkuru zo guca irya n’ino, ivyiyumviro vyo gukoresha bizishigikira, be n’ivyanditswe bitanga umushinge wo kwubakirako nya nsiguro. Kwiga kwigisha ukoresheje amayagwa yatanzwe bwa shimikiro, ni igihimba gihambaye mu vyo kwitegurira utundi duteka tw’ivyo gushikiriza insiguro.

Iryo menyerezwa rirashobora no kugufasha kurongora inyigisho za Bibiliya zo ku muhana zitera imbere. Uzomenya gushimika ku mayagwa y’inyigisho ha gutitura ikiganiro mu gushimika ku bindi bintu bishobora kuba bishimishije mugabo bidakenewe kugira ngo ico kiganiro gitahurike. Yamara niwatahura neza iki cigwa, ntuzokwumira birenze urugero kuri ayo mayagwa ku buryo unanirwa gutanga izindi nsobanuro umutohoji ashobora kuba akeneye.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Nukoreshe gusa amayagwa afitaniye isano rirashe n’ikiganiro washinzwe.

  • Nimba ikigabu washinzwe kirimwo no gukoresha amayagwa manaka yanditswe bwa shimikiro ry’insiguro yawe, nurobanuremwo ingingo nkurunkuru be n’ivyanditswe vy’ishimikiro ukuye muri nya mayagwa, ha kubikura mu yandi masoko.

UMWIMENYEREZO: Ku misi itatu itandukanye igihe usoma icanditswe c’umusi, nushire akamenyetso kw’ijambo canke ku ryungane riranga ikiganiro kiriko kiraganirwa. Nushire ahabona insasanuro imwe canke zibiri ngufingufi zijanye neza n’ico kiganiro. Hanyuma mu majambo yawe bwite, nugire ico uvuze kuri ico kiganiro mu gukoresha icanditswe be n’ivyiyumviro washizeko utumenyetso.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika