ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 24 rup. 160-rup. 165 ing. 1
  • Gutoranya Amajambo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gutoranya Amajambo
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe neza ububasha bw’ururimi rwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Kuvuga Worohewe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 24 rup. 160-rup. 165 ing. 1

ICIGWA CA 24

Gutoranya Amajambo

Ni ibiki ukeneye kugira?

Koresha amajambo aranga icubahiro kandi agaragaza ubuntu, ayo baca batahura ata ngorane, atuma imvugo yawe itaguma ari ya yindi, kandi aserura inguvu n’inyiyumvo bibereye. Koresha amajambo mu buryo bujanye n’amategeko y’indimburo.

Ni Kuki Bihambaye?

Birerekana icubahiro ufitiye ubutumwa uriko urashikiriza, bikanahishura vyinshi ku vyerekeye inyifato ufise ku bantu uriko urabwira. Biragira ico bikoze ku kuntu abandi bakira ivyo uvuga.

AMAJAMBO ni ibikoresho bikomeye mu vyo guhanahana amakuru. Mugabo kugira ngo amajambo yacu ashitse intumbero agenewe, dukeneye kuyatoranya tuvyitondeye. Hari igihe ijambo rishobora kuba ribereye igihe kimwe, mugabo mu kindi gihe rigashobora kugira nabi iyo ibintu vyifashe ukundi. Iyo imvugo nyuramatwi ikoreshejwe nabi, ishobora gucika “ijambo ribabaza.” Gukoresha mwene izo mvugo bishobora gusa kuba nk’ibisunitswe n’impemu, bikagaragaza ukutubahiriza abandi. Amajambo amwamwe usanga afise insobanuro irimwo zibiri, imwe muri zo ikaba ibabaza canke isuzuguza. (Imig. 12:18; 15:1) Ku rundi ruhande “ijambo ryiza,” ni ukuvuga ijambo ritanga indemesho, rirazana umunezero mu mutima w’umuntu aribariwe. (Imig. 12:25) Kuronka amajambo abereye bisaba akigoro, niyo hoba ari ku muntu w’inkerebutsi. Bibiliya itubwira yuko Salomo yari azi ko bikenewe kurondera “amajambo aryoshe” be n’‘amajambo atunganye y’ukuri.’—Umus. 12:10.

Mu ndimi zimwezimwe, hari imvugo zikoreshwa mu kubwira abakuze canke abari mu kibanza c’ubukuru, hakaba n’izindi mvugo zitandukanye zikoreshwa mu kubwira abo mungana canke abatoyi kuri wewe. Kwirengagiza mwene izo mvugo z’urupfasoni bibonwa ko ari ukutubaha. Eka mbere ntibiryoshe kwiroreshako mwene izo mvugo z’urupfasoni kandi ari izisanzwe zikoreshwa ku bandi bantu. Mu bijanye no kugaragaza icubahiro, Bibiliya iratanga ingingo mfatirwako ihambaye kuruta iyoshobora gusabwa n’amategeko canke imigenzo y’aho iwanyu. Ihimiriza Abakirisu ‘kwubaha abantu bose.’ (1 Pet. 2:17) Abakora ivyo babikuye ku mutima bavugisha abantu b’urugero urwo ari rwo rwose rw’imyaka mu buryo buranga icubahiro.

Birumvikana, abantu benshi batari Abakirisu b’ukuri usanga bakoresha imvugo ibishe kandi itisoneye. Bashobora kwiyumvira yuko imvugo itagiramwo urupfasoni yongerereza ugushimika ku vyo bavuga. Canke ukuyikoresha kwabo gushobora gusa kugaragaza ko amajambo bazi ari ku rushi, ivyo bikaba bibabaje. Hamwe umuntu yoba yahora akoresha mwene iyo mvugo imbere y’uko amenya inzira za Yehova, ashobora gusanga bigoye kuvavanura n’ako kamenyero. Yamara birashoboka. Impwemu y’Imana irashobora gufasha umuntu agahindura uburyo yahora avuga. Ariko rero, nya muntu ategerezwa kandi kugira umutima ukunze wo kugwiza amajambo meza, ni ukuvuga amajambo avuga ibibereye, amajambo yubaka, hanyuma akayakoresha adahorereza.—Rom. 12:2; Ef. 4:29; Kol. 3:8.

Imvugo Itagoye Gutahura. Igisabwa c’ishimikiro kugira ngo imvugo ibe nziza ni uko iba itahurika bitagoranye. (1 Kor. 14:9) Nimba amajambo ukoresha adashoka atahurwa n’abakwumviriza, uca ubabera nk’umuntu ariko avuga ururimi rw’urunyamahanga.

Amajambo amwamwe usanga afise insobanuro yisangije mu bantu bakora akazi kanaka. Mwene ayo majambo bashobora kuba bayakoresha imisi yose. Mugabo ukuntu uyakoresha mu kiringo kitari co bishobora kutakworohereza mu kuganira n’abandi. Vyongeye, naho nyene wokoresha amajambo akoreshwa imisi yose, mu gihe woja mu tuntu tw’ido n’ido bitari ngombwa, abakwumviriza bashobora gushira imizirikanyi yabo ku bindi.

Umushikirizansiguro yubahiriza abandi ahitamwo amajambo atahurika no ku bantu boba ata bumenyi bwinshi bafise. Mu kwigana Yehova, arerekana ko yubahiriza “umworo.” (Yobu 34:19) Nimba umushikirizansiguro asanze bikenewe ko akoresha ijambo ritamenyerewe, akwiye rero kurikoresha mu mungane yoroshe atuma insobanuro itomoka.

Amajambo yoroshe kandi atowe neza araserurana ububasha bwinshi ivyiyumviro. Amungane magufimagufi kandi yoroshe aroroha gutegera. Urashobora kuza urarobekamwo amungane amwamwe maremare gatoyi kugira ngo uburyo insiguro ishikirizwa ntibube ubucagaguritse. Mugabo, ku vyiyumviro woba ushaka ko abakwumviriza bibuka bimwe bidasanzwe, nukoreshe canecane amajambo yoroshe be n’amungane yoroshe, kandi arashe.

Imvugo Irobetse Kandi Itarimwo Amahinyu. Amajambo meza ntabuze. Aho kuguma ukoresha amajambo amwe nyene ku bintu vyose, za urahindura. Aho ni ho imvugo yawe izoba iyinyura amatwi yongere igire n’ico ivuze. None amajambo yawe woyagwiza gute?

Igihe usoma, nuze urashira akamenyetso ku majambo udatahura neza, hanyuma uyarondere mu nyizamvugo nimba iriho mu rurimi rwawe. Nurobanure makeyi muri yo, hanyuma ugire akigoro kavuye ku mutima ko kuyakoresha igihe bibereye. Uragaba uyāture neza kandi uyakoreshe aho ashoka atahurika, ntikube ugupfa gukwega ivyiyumviro vy’abantu gusa. Kugwiza amajambo ukoresha bizotuma imvugo yawe itaguma ari ya yindi. Mugabo kwiyubara birakenewe, kuko igihe umuntu yatura amajambo nabi canke akayakoresha nabi, abandi baca biyumvira yuko mu vy’ukuri atazi ivyo ariko aravuga.

Intumbero yacu mu kugwiza amajambo dukoresha ni ukumenyesha ibintu abatwumviriza, si ukubatangaza. Imvugo igoye hamwe n’amajambo maremare bikwegera ivyiyumviro vy’abantu ku wushikiriza insiguro. Icipfuzo cacu gikwiye kuba ukubwira abantu amakuru y’agaciro no gutuma ashimisha abayumva. Niwibuke wa mugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Ururimi rw’abanyabgenge rutonyanga ubgenge bubereye, arikw akanwa k’ibipfu gasuka ubupfu.” (Imig. 15:2) Ikoreshwa ry’amajambo meza, amajambo abereye kandi atahurika ningoga, rirafasha gutuma imvugo iba iyiruhura kandi ikabura, aho kuba iyitarimwo inyiyumvo kandi idashimishije.

Uko ugwiza amajambo, uraraba neza ukoreshe ijambo ribereye. Amajambo abiri ashobora kugira insobanuro zimwe mugabo zifise akantu zitandukaniyeko kandi zokoreshwa mu bihe bitandukanye. Ivyo uvyemeye, uzoshobora kuryohora imvugo yawe irushirize kuba iyitomoye, vyongeye wirinde kubabaza abakwumviriza. Uraza urumviriza witonze abantu bavuga neza. Inyizamvugo zimwezimwe usanga munsi y’ijambo ryose zishiramwo ivyitiranwa (amajambo asangiye insobanuro mugabo adasa) n’ibihushane (amajambo afise ukuntu ahushanye mu nsobanuro). Ntuca rero utora gusa imvugo zinyuranye zikoreshwa ku ciyumviro kimwe, ahubwo kandi uranatora amatandukaniro matomato. Ivyo birafasha cane igihe uriko urondera ijambo ribereye wokoresha ku kintu kanaka. Imbere yo kwongera ijambo ku yo usanzwe uzi, raba neza yuko uzi ico risobanura, ukuntu risomwa, hamwe n’igihe rikwiye gukoreshwa.

Imvugo zidomako ziratanga iciyumviro gitomoye kuruta mwene zirya zigishikiriza muri rusangi. Umushikirizansiguro yoshobora kuvuga ati: “Ico gihe, abantu benshi bararwaye.” Canke yoshobora kuvuga ati: “Mu mezi makeyi inyuma y’Intambara ya Mbere y’Isi Yose, abantu nk’21.000.000 barapfuye bishwe na ya giripe yitwa iyo muri Esupanye.” Urumva ingene haca haba itandukaniro igihe uwushikiriza insiguro aseruye mu buryo butomoye ico ashaka kuvuga mu mvugo ngo “ico gihe,” “abantu benshi,” na “bararwaye”! Gusigura ibintu muri ubwo buryo bisaba kuba uzi ibintu bijanye n’ico kibazo, bigasaba n’ugutoranya amajambo witonze.

Gukoresha ijambo ribereye birashobora kandi kugufasha kuduga kw’ijambo utarinze gukoresha amajambo igifyo. Kuvuga ikintu mu majambo menshi bihakwa gutuma umuntu apfukiranya ivyiyumviro. Kworosha biratuma abandi boroherwa no gutegera ibintu bihambaye no kubigumya mu bwenge. Birafasha gushikiriza ubumenyi nyakuri. Inyigisho ya Yezu Kirisitu yarabaye iyihambaye kubera yakoresha imvugo yoroshe. Mwigireko. (Raba uturorero muri Matayo 5:3-12 no muri Mariko 10:17-21.) Za urimenyereza gusigura ibintu mu buryo burashe, mu majambo atowe neza.

Amajambo Yumvikanisha Inguvu, Inyiyumvo, n’Uburyohe bw’Ururimi. Uko ugwiza amajambo, ntiwiyumvire gusa ivy’amajambo mashasha, ahubwo kandi wiyumvire amajambo afise akaranga yisangije. Rimbura nk’akarorero amavuga aserura inguvu; ingereka ziryosha imvugo; hamwe n’imvugo zerekana igishika, zumvikanisha umutima mwiza, canke ziserura ubwira.

Bibiliya yuzuye uturorero tw’imvugo mwene iyo iri n’ico ivuze. Biciye ku muhanuzi Amosi, Yehova yahimirije abantu ati: “Ivyiza abe ari vyo mushishikara, ariko s’ibibi, . . . Mwanke ibibi, mukunde ivyiza.” (Am. 5:14, 15, ni twe tubihiritse.) Umuhanuzi Samweli yamenyesheje Umwami Sauli ati: “Uhoraho na we uyu musi agutabuyekw ingoma y’Abisirayeli.” (1 Sam. 15:28, ni twe tubihiritse.) Igihe Yehova yabwira Ezekiyeli, yakoresheje imvugo igoye kwibagira, ati: “Ab’inzu ya Isirayeli bose mu ruhanga rwabo [ni] abanyakadāda, bikomantaje imitima.” (Ezk. 3:7, ni twe tubihiritse.) Mu gushimika ku kuntu Isirayeli yari yakoze ikibi kibishe, Yehova yabajije ati: “Mbeg’umuntu yogunga Imana? Ariko mwebge mwarangunze.” (Mal. 3:8, ni twe tubihiritse.) Mu kudondora ikigeragezo c’ukwizera c’i Babiloni, Daniyeli yaradondoye ibintu neza ati: “Maze Nebukadineza uburake buca buramusaza” kubera ko Shaduraki, Meshaki na Abedunego banse gusenga igishushanyo yahagaritse, ni kwo guca ategeka yuko babadadira bababoha hanyuma bakabaterera mw’“[i]tanure ry’umuriro uhinda.” Mu kudufasha gutegera ukuntu ubushuhe bwari bukaze, Daniyeli yavuze yuko umwami yategetse abantu biwe “[gu]komanya itanure ngo rishuhe uko ryahora ryaka ibihetangabo ndwi,” gushika n’aho abantu b’umwami baryegereye bahasize ubuzima. (Dan. 3:19-22, ni twe tubihiritse.) Yezu mu kubwira abantu b’i Yeruzalemu hagisigaye utusi dukeyi ngo urupfu rwiwe rushike, yavuganye impuhwe nyinshi ati: “Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda! Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’umusaka.” (Ni twe tubihiritse.)—Mat. 23:37, 38.

Amajambo atoranijwe neza arashobora gutuma abakwumviriza basigara babona ibintu mu mizirikanyi yabo nk’uko biri. Ukoresheje amajambo akora ku mutima, abakwumviriza “bazobona” bongere bakorakore ibintu uriko uravuga, “bahonje” ibifungurwa uriko uravuga vyongere “bibamotere,” eka “bumve” amajwi uriko uradondora, bongere bumve n’abantu bavuze ivyo woba uriko urasubiramwo. Abumviriza bazotwarwa n’ivyo uriko uravuga kubera ko ubafasha kuvyibonera.

Amajambo yerekana ivyiyumviro neza arashobora gutuma abantu batwenga canke bakarira. Ashobora kwinjiza mu muntu icizigiro, umuntu yavunitse umutima akamushiramwo icipfuzo co kubaho, vyongeye akamuvyurira ugukunda Umuremyi wiwe. Abantu bo hirya no hino kw’isi barakozwe ku mutima rwose n’icizigiro kizanwa n’amajambo yo mu bisomwa vya Bibiliya nka Zaburi 37:10, 11, 34; Yohana 3:16; n’​Ivyahishuriwe 21:4, 5.

Uko usoma Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro vya “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” uzobona amajambo menshi n’imvugo nyinshi bitari bimwe. (Mat. 24:45, NW) Ntubisome ngo uce ubisiga aho. Nurobanuremwo amajambo wumva ko aguhimbara, hanyuma uyongere ku yo usanzwe ukoresha.

Imvugo Ikurikiza Amategeko y’Indimburo. Abantu bamwebamwe barabona yuko imvugo yabo ishobora kutama ijana n’amategeko y’indimburo. Mugabo none bokora iki kuri ivyo?

Nimba ukiri ku ntebe y’ishure, ntugishe akaryo ufise ubu ko kwiga indimburo nziza n’ugutoranya neza amajambo. Nimba utazi neza igituma itegeko rinaka ry’indimburo rimeze ukunaka, nubaze umwigisha wawe. Ntuvyige kugira gusa wironkere amanuta. Wewe urafise imvo abandi banyeshure bashobora kuba badafise. Ushaka kuba umusuku abishoboye w’inkuru nziza.

Vyogenda gute hoho nka hamwe woba uri umuntu yitereye mu myaka, ukaba kandi wakuze uvuga ururimi rutari urwo ukoresha ubu? Canke kumbure ukaba utaronse akaryo ko kwiga cane mu mashure mu rurimi rwawe bwite. Ntuvunike inkokora. Ahubwo nugire akigoro kaboneka ko kuryohora ibintu, ivyo ubigire ku bw’inkuru nziza. Vyinshi mu vyo tuzi ku ndimburo twavyize mu kwumviriza abandi iyo bariko baravuga. Nuko rero, uraza urumviriza witonze igihe abashikirizansiguro babimenyereye batanga insiguro. Igihe usoma Bibiliya hamwe n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, niwitegereze neza inyubako y’amungane, amajambo akoresherejwe hamwe, be n’amakikuro bikoreshejwemwo. Nuce ufatira kuri utwo turorero twiza uryohore imvugo yawe.

Abakina ibikino be n’abaririmvyi bakundwa na benshi boshobora gukoresha amajambo n’imvugo biteye kubiri n’indimburo. Usanga abantu barondera kuza barigana mwene abo bantu. Abacuruza ibiyayura umutwe hamwe n’abantu mu buzima bwabo ari inkozi z’ikibi n’abashegabo kenshi usanga bifitiye amajambo bisangije, bakagenda baha amajambo insobanuro itandukanye n’iyo asanganywe. Ku Bakirisu ntibiranga ubukerebutsi kwigana abo bantu. Ivyo tubigize vyohava bidusanisha n’abo bantu b’isi ugasanga tubayeho nka bo.—Yoh. 17:16.

Numenyere gukoresha imvugo nziza imisi yose. Uretse imvugo yawe igacika iyo mw’ibarabara mu biyago vya misi yose, ntiwitege ko uzoshobora kuvuga neza mu bihe bidasanzwe. Mugabo ukoresheje imvugo nziza mu bintu bisanzwe vyo mu buzima, izoza irizana bitagoranye kandi udahase igihe uzoba uri ku mukiruruko canke igihe ushinga intahe yerekeye ukuri ku bandi.

UBURYO BWO KURYOHORA

  • Mu nama twagiriwe muri iki cigwa, nurobanuremwo ikintu kimwe gusa ushaka gutunganya. Niwishingire iyo ntumbero mu kiringo c’ukwezi canke kurenga.

  • Uramiza ku muzirikanyi iyo ntumbero igihe uriko urasoma. Yigumize ku muzirikanyi igihe wumviriza abashikirizansiguro babishoboye. Nurabe aho wandika amajambo ushaka kwinjiza mu mvugo yawe bwite. Mu musi umwe canke ibiri nuze urakoresha rimwerimwe mu yo wanditse.

UMWIMENYEREZO: Uko witegurira Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi canke Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero muri iyi ndwi, nurobanuremwo amajambo makeyi atakworohera gutahura. Nuyarondere mu nyizamvugo nimba ushobora kuyironka, canke ubaze insobanuro yayo umuntu azi amajambo neza.

Amajambo nshaka kwongera ku yo nsanzwe nkoresha

Ayo kurobeka no kuvuga vyo Ayaserura inguvu, inyiyumvo, canke yo kuryosha imvugo

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․ ․․․․․․․․․․․․․․

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika