ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 21 rup. 150-rup. 152 ing. 5
  • Gusoma Ivyanditswe n’Ugushimika Kubereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gusoma Ivyanditswe n’Ugushimika Kubereye
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Ugushimika Kugira ngo Ushire Ivyiyumviro Ahabona
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gusigura Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushimika ku Vyiyumviro Nyamukuru
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Kuremesha Abantu ngo Bakoreshe Bibiliya
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 21 rup. 150-rup. 152 ing. 5

ICIGWA CA 21

Gusoma Ivyanditswe n’Ugushimika Kubereye

Ni ibiki ukeneye kugira?

Nushimike ku majambo canke ku mvugo zishira ahabona iciyumviro ushikiriza. Nusome n’inyiyumvo ibereye.

Ni Kuki Bihambaye?

Inguvu zose z’ivyanditswe bisomwa ziraseruka iyo habaye ugushimika kubereye.

IGIHE ubwira abandi ivyerekeye imigambi y’Imana, waba ubibabwira muri mwenyene canke uri ku mukiruruko, ikiganiro ushikiriza gikwiye gushimikira ku biri mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo mu bisanzwe birimwo ugusoma ivyanditswe muri Bibiliya, na vyo bikaba bikwiye kugirwa neza.

Ugushimika Kubereye Kurashiramwo Inyiyumvo. Ivyanditswe bikwiye gusomanwa inyiyumvo. Rimbura uturorero dukeyi. Igihe usoma Zaburi 37:11 n’ijwi ryumvikana, ijwi ryawe rikwiye kwumvikanamwo ko witeganye umunezero amahoro ahasezeranwa. Igihe usoma Ivyahishuriwe 21:4 ku biraba uguhera kw’amarushwa n’urupfu, ijwi ryawe rikwiye kugaragaza yuko ushimana igishika ugutabarwa kw’igitangaza kuburwa muri ico gisomwa. Igisomwa co mu Vyahishuriwe 18:2, 4, 5, narirya kidusaba kuva muri ‘Babiloni Hahambaye’ iremerewe n’ivyaha, gikwiye gusomwa n’ijwi ryumvikanamwo ko ibintu vyihutirwa. Birumvikana, inyiyumvo userura ikwiye kuba ivuye ku mutima, mugabo ntirenze urugero. Ukuntu akanyengetera kabereye kangana, kurerekanwa na nya gisomwa ubwaco, hamwe n’ukuntu kiriko kirakoreshwa.

Nushimike ku Majambo y’Ukuri. Mu gihe ivyo uvuga ku murongo munaka bishingiye ku gahimba kamwe gusa kawo, ukwiye gushimika kuri ako gahimba igihe usoma nya canditswe. Nk’akarorero, igihe usoma Matayo 6:33, nimba urondera gusigura ico ‘kubanza kwitwararika ubwami’ bisigura, ntiwoshimika ubwa mbere na mbere kuri “ukugororoka kwayo” canke kuri “ivyo vyose.”

Mu nsiguro yo kw’Ikoraniro ry’Umurimo, hari aho woteganya gusoma Matayo 28:19. Ni amajambo ayahe ukwiye gushimikako? Nimba ushaka kuremesha abantu gushiruka ubute mu gutanguza inyigisho za Bibiliya zo ku muhana, nushimike kuri “muhindure . . . abigishwa.” Ku rundi ruhande, dufate ko uteganya kuvuga ivyerekeye ibanga Abakirisu bajejwe ryo kubwira ukuri kwa Bibiliya abantu b’inyambukira. Canke ushobora kuba ushaka kuremesha abamamaji bamwebamwe ngo bakorere aho bakenewe kuruta ahandi. Ushobora rero gushimika kuri “abantu bo mu mahanga yose.”—NW.

Kenshi icanditswe gikoreshwa mu gutanga inyishu y’ikibazo, canke mu gushigikira iciyumviro abandi bafiseko amakenga. Mu gihe ivyiyumviro vyose biseruwe muri nya canditswe bishimitsweko cokimwe, abakwumviriza boshobora kutabona aho bihuriye. Wewe iciyumviro ushobora kuba ukibona neza, mugabo bo ntibakibone.

Nk’akarorero, dufate ko uriko usoma Zaburi 83:18 muri Bibiliya irimwo izina ry’Imana. Mu gihe ugushimika kwose ugushize ku mvugo “Usumba vyose,” umunyamuhana yoshobora kudategera ukuri gusa n’ukwibonekeza kw’uko Imana ifise izina ryayo. Ukwiye gushimika kw’izina “Yehova.” Ariko rero, igihe uriko urakoresha ico canditswe nyene mu gihe usigura ukugaba n’ukuganza kwa Yehova, ukwiye gushimika canecane ku mvugo “Usumba vyose.” Ni co kimwe n’igihe woba uriko urakoresha Yakobo 2:24 kugira werekane akamaro k’ukugira ukwizera kujana n’ibikorwa. Gushimika canecane ku mvugo “bitsindanishiriza umuntu” aho gushimika kuri “ibikorwa,” vyoshobora gutuma bamwe mu bakwumviriza batumva ico ushaka kuvuga.

Akandi karorero gafasha ushobora kugasanga mu Baroma 15:7-13. Ico ni igihimba c’ikete intumwa Paulo yandikiye ishengero ryari rigizwe n’Abanyamahanga be n’Abayuda kavukire. Ngaho iyo ntumwa ishikiriza iciyumviro c’uko ubusuku bwa Kirisitu butagirira akamaro Abayuda bakebwe gusa, mugabo ko bukagirira n’abantu bo mu mahanga kugira ngo “abanyamahanga bahimbarize Imana imbabazi zayo.” Paulo aca asubiramwo amajambo yo mu vyanditswe bine yerekana ako karyo abanyamahanga bafise. None ukwiye gusoma gute ayo majambo kugira ngo ushimike ku ciyumviro Paulo yari afise mu muzirikanyi? Mu gihe woba uriko urashira utumenyetso ku majambo ushimikako, ushobora kudushira kuri “abanyamahanga” ku murongo w’9, kuri “yemwe banyamahanga” ku murongo w’10, “yemwe banyamahanga mwese” na “amoko yose” ku murongo wa 11, be na “abanyamahanga” ku murongo wa 12. Gerageza gusoma Abaroma 15:7-13 ushimika gutyo. Ivyo ubigize, iciyumviro ca Paulo cose kirarushiriza gutomoka no kworoha gutegera.

Uburyo bwo Gushimika. Amajambo atekeye ivyiyumviro ari yo ushaka ko yibonekeza, ushobora kuyashimikako mu buryo bwinshi. Uburyo ukoresha bukwiye kuba bujanye na nya canditswe hamwe n’aho ushikiririza insiguro yawe. Ngibi ivyiyumviro bikeyi vy’ukuntu wobigenza:

Ugushimika n’ijwi. Ivyo birimwo uguhindura ijwi ukwo ari kwo kwose gutuma amajambo atekeye ivyiyumviro yibonekeza mu gihimba gisigaye c’iryungane. Ukwo gushimika ushobora kugushikako mu guhindura urugero rw’ijwi, haba mu kuryongereza canke mu kurigabanya. Mu ndimi nyinshi, guhindura urugero rw’ijwi birongereza ugushimika. Ariko rero mu ndimi zimwezimwe, ivyo vyoshobora guhindura insobanuro yose y’ikintu. Igihe ugenda bukebuke uriko urasoma amajambo makurumakuru, ivyo birongereza uburemere bwayo. Mu ndimi zitemera ko umuntu aduza ijwi nk’uburyo bwo gushimika ku majambo amwamwe, birakenerwa ko ugira ibisanzwe bigirwa vyose muri urwo rurimi, kugira ngo ushike ku kintu ciza wipfuza.

Ukuruhuka. Ivyo ushobora kubigira imbere canke inyuma yo gusoma agahimba nyamukuru k’icanditswe, canke ukabigira aho hompi. Kuruhuka buno nyene imbere yo gusoma iciyumviro ngenderwako biratuma abantu barindirana igishika ibigira bikurikire; kuruhuka mu nyuma birarushiriza gutuma iciyumviro kibanyura. Ariko rero, mu gihe uturuhuko tubaye twinshi kurenza, nta na kimwe giheza ngo cibonekeze.

Ugusubiramwo. Urashobora gushimika ku ciyumviro kinaka mu guhagarara gatoyi hanyuma ugasubiramwo gusoma nya jambo canke nya majambo. Uburyo bakunda gushima gukoresha ni uguheza gusoma nya canditswe hanyuma ugasubiramwo nya jambo rikuru.

Ibimenyetso vy’umubiri. Ibimenyetso vy’umubiri hamwe n’ivyo mu maso hawe kenshi birashobora kwongereza akanyengetera k’ijambo canke k’i gice c’iryungane.

Ijwi. Mu ndimi zimwezimwe, amajambo ashobora rimwe na rimwe gusomanwa ijwi rigira ico rikoze ku nsobanuro yayo, kandi rikayashira ahabona. No ngaha nyene, ukwiye kwiyubara, canecane igihe userura akanebaguro.

Igihe Ari Abandi Basoma. Igihe umuntu wo ku muhana asoma icanditswe, ashobora gushimika ku majambo atari yo, canke ntashimike kw’ijambo na rimwe. None woca ugira iki? Mu bisanzwe, birarushiriza kuba vyiza utomoye insobanuro mu gusigura ico canditswe. Uhejeje kugisigura, ushobora guca ushimikira canecane ku majambo atekeye ivyiyumviro ari muri Bibiliya.

UBURYO BWO GUTSIMBATAZA UGUSHIMIKA

  • Ku biraba icanditswe ico ari co cose utegekanya gusoma, niwibaze uti: ‘Ni inyiyumvo iyihe canke akanyengetera akahe aya majambo aserura? Nkwiye kugaserura gute?’

  • Nusuzume nya bisomwa utegekanya gukoresha. Kuri kimwekimwe cose, niwibaze uti: ‘Iki canditswe kija gushitsa intumbero iyihe? Ni amajambo ayahe akwiye gushimikwako kugira ngo nshike kuri iyo ntumbero?’

IMYIMENYEREZO: (1) Nusuzume icanditswe uteganya gukoresha mu murimo wo mu ndimiro. Niwimenyereze kugisoma n’inyiyumvo ibereye. Ufise mu muzirikanyi uburyo uteganya gukoresha ico gisomwa, nugisome n’ijwi ryumvikana ushimika kw’ijambo nyaryo canke ku majambo abereye. (2) Mu gitabu muriko muriga, nutore ingingo imwe irimwo ivyanditswe vyasubiwemwo mu majambo. Niwihweze ukuntu ivyanditswe vyakoreshejwe. Nushire utumenyetso ku majambo atanga ivyiyumviro. Nusome nya ngingo yose n’ijwi ryumvikana, mu buryo bushimika neza kuri nya vyanditswe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika