ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 17 rup. 139-rup. 142 ing. 1
  • Gukoresha Mikoro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukoresha Mikoro
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Urugero rw’Ijwi Rubereye
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Guhindura ihwaniro ry’akarere ryo mu 2020 ryataziriwe ngo ‘Mwame munezerewe’
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Nimwigishe abana banyu gutanga insasanuro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Gutunganya Ingoro z’Ubwami kugira abitaba amakoraniro bakingirwe ikiza ca Korona
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 17 rup. 139-rup. 142 ing. 1

ICIGWA CA 17

Gukoresha Mikoro

Ni ibiki ukeneye kugira?

Igihe mikoro ikoreshwa kugira ngo ijwi riduge igihe uri ku makoraniro, nuyikoreshe neza.

Ni Kuki Bihambaye?

Ibivugwa bigira ico vyungura abandi igihe gusa bishobora kwumvikana neza.

ABAVUKANYI n’abavukanyikazi bacu baramara umwanya munini bakagira n’akigoro kanini kugira bashobore kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Kugira ngo bashobore kwungukira ku vyo bumvise, bategerezwa gushobora kwumva neza.

Mu misi y’Abisirayeli ba kera, nta vyuma vyo kuduza ijwi bikoreshwa n’umuyagankuba vyariho. Igihe Musa yashikiriza ijambo ihanga rya Isirayeli mu Biyaya vy’i Mowabu imbere y’uko binjira mu Gihugu c’Isezerano, mbega abariko barumviriza bose bashoboye kwumva gute narirya baharurwa mu mamiliyoni? Musa ashobora kuba yakoresheje uburyo bw’uguhanahana ibivugwa, aho abagabo bahagaze ahatandukanijwe n’uburebure bugereranye baza barasubiramwo ibivuzwe bakurikirana, muri iryo kambi. (Gus. 1:1; 31:1) Bidatevye inyuma y’aho Abisirayeli batanguriye kwigarurira igihugu co mu burengero bwa Yorodani, Yosuwa yarakoranirije iryo hanga imbere y’Umusozi Gerizimu n’Umusozi Ebalu, bikaboneka ko Abalewi bari mu kiyaya cabagabura. Ngaho, abantu bose barumva kandi bakitabīra ku mihezagiro n’imivumo y’Imana baba basomewe. (Yos. 8:33-35) Birashoboka yuko n’ico gihe nyene, uburyo bw’uguhanahana ibivugwa bwoba bwarakoreshejwe, mugabo nta nkeka yuko ukwumvikanisha ijwi neza cane kwo muri ako karere na kwo nyene kwafashije.

Imyaka nk’1.500 inyuma yaho, igihe ‘ishengero ryinshi cane’ ryakoranira ku Kiyaga c’i Galilaya ngo ryumvirize Yezu, uno yuriye mu bwato, yigirwa hakurya y’inkengera, hanyuma abwicaramwo ngo ashikirize ijambo iryo shengero. (Mrk. 4:1, 2) Ni kuki Yezu yashikirije ijambo ari mu bwato? Biboneka ko ari kubera yuko ijwi ry’umuntu rigenda ryumvikana bimwe bitangaje igihe rica ku buringanire bw’amazi.

Gushika mu ntango z’ikinjana ca 20, ijwi ry’uwushikiriza ijambo hamwe n’ukwumvikana neza kwaryo ni vyo kenshi vyaza birerekana ukuntu abashobora kwumva ibivuzwe bangana mu bumviriza. Ariko rero, guhera mu myaka y’1920, abasavyi ba Yehova barashoboye gukoresha ivyuma vyo kwongereza ijwi bikoreshwa n’umuyagankuba bikaduza ijwi ry’umuntu ku mahwaniro yabo.

Ibikoresho vyo Kuduza Ijwi. Mwene ivyo bikoresho birashobora kuduza incuro nyinshi ijwi ry’uwushikiriza insiguro, bikanazigama ubwiza bwaryo n’urugero rwaryo mu buryo bubereye. Umushikirizansiguro ntasabwa kunangīra utugozi twiwe tw’ijwi. Abumviriza ntibategerezwa kwibabaza kugira ngo bashobore kwumva ibivugwa. Ahubwo barashobora kwitunira ku butumwa buba buriko burashikirizwa.

Harakozwe ibitari bike kugira ngo ibikoresho vyiza vyo kuduza ijwi biboneke ku mahwaniro no ku materaniro y’Ivyabona vya Yehova. Vyongeye, Ingoro z’Ubwami nyinshi zirakoresha ivyuma vyo kuduza ijwi ry’abatanga insiguro, abarongora amakoraniro, canke abasoma bari ku mukiruruko. Bisubiye, amashengero amwamwe na yo nyene usanga afise mikoro zikoreshwa n’abumviriza igihe batanga inyishu mu makoraniro. Nimba ishengero ryanyu rifise mwene ivyo vyuma, niwige kubikoresha neza.

Inyobozo Ngenderwako Zimwezimwe. Kugira ngo ukoreshe ivyo vyuma neza, nugumize mu muzirikanyi izi ngingo zikurikira: (1) Mikoro ikwiye mu bisanzwe kuba iri kw’isantimetero 10 canke 15 uvuye ku munwa wawe. Mu gihe mikoro yegereye cane kurenza, amajambo uvuga arajwangarara. Iyo na ho iri kure kurenza, ijwi ryawe ntiriheza ngo ryumvikane. (2) Mikoro ikwiye kuba iri imbere yawe, si ku ruhande. Mu gihe ukomye umutwe ukawujana iburyo canke ibubamfu, nuvuge igihe gusa urabana na mikoro. (3) Niwongereze ijwi n’ubukomezi bwaryo kandi gatoyi kuruta uko wobigira uriko uraganira. Mugabo si ngombwa ngo umoke. Ivyuma vyo kuduza ijwi bizotwara ijwi ryawe ata ngorane gushika ku bari kure mu bakwumviriza. (4) Mu gihe ushaka kurangurura umuhogo, canke ukumva ushaka gukorora canke kwasamura, banza uhindukirize umutwe ku ruhande, kure ya mikoro.

Igihe Uriko Utanga Insiguro. Igihe wegereye umutaramuro w’umushikirizansiguro, mu bisanzwe hariho umuvukanyi atumbereza mikoro. Nuhagarare nk’uko usanzwe igihe ariko aratumbereza mikoro, ugume urabana n’abumviriza. Utwandiko twawe nudushire ku mutaramuro, hanyuma urabe neza yuko mikoro itakuzibira ngo ikubuze kutubona.

Igihe utanguye kuvuga, niwumvirize ukuntu ijwi ryawe ryumvikana igihe rica mu cuma congereza ijwi. Ryoba ari rinini kurenza, canke amajambo amwamwe yoba aza arakubitagura muri ico cuma? Ushobora kuba ukeneye gusubira inyuma nk’isantimetero zibiri n’igice gushika kuri zitanu. Igihe uriko urakubitiza akajisho ku twandiko twawe, niwibuke yuko ukwiye kuvuga no gusoma igihe gusa urabana na mikoro, canke mu maso hawe hari hejuru yayo gatoyi. Ntihabe musi yayo.

Igihe Usomera ku Mukiruruko. Biraba vyiza rwose ugumye utengatiye Bibiliya yawe canke ikindi gisohokayandikiro kugira ngo ugume urabana n’abumviriza. Kubera ko kumbure mikoro izoba iri imbere yawe, hari aho wokenera gufatira ku ruhande gatoya ico uriko urasoma. Ni ukuvuga yuko umutwe wawe ukwiye kuja ku rundi ruhande rwa mikoro gatoyi. Maze igihe usoma, ijwi ryawe rizoca ryinjira muri mikoro buno nyene.

Abavukanyi benshi mu basoma ku Nyigisho y’Umunara w’Inderetsi barahagarara hanyuma bakavugira muri mikoro ihagaze. Ukwo guhagarara kurabafasha guhema borohewe kuruta, be no gusoma n’ubushizi bw’amanga bwinshi. Uramiza ku muzirikanyi yuko ugusoma ingingo kugize igihimba gihambaye c’amakoraniro. Kugira ngo abumviriza bahungukire, ahanini biva ku kuba bumvise amayagwa igihe asomwa.

Igihe Wishura ku Makoraniro. Nimba ishengero ryanyu rikoresha amamikoro kugira ngo abumviriza bagire uruhara, niwibuke yuko na ho nyene bikenerwa ko uvuga utobora n’ijwi rihagije. Igihe wishura, niwihatire kuguma utengatiye mu minwe igisohokayandikiro kiriko kirigwa canke Bibiliya yawe. Ivyo bizotuma ushobora kubona nya gitabu neza igihe uzoba uriko uravugira muri mikoro.

Mu mashengero amwamwe, abavukanyi barashingwa guhereza mikoro abasabwa kwishura. Nimba ari ukwo bigenda mw’ishengero iwanyu, igihe usabwe gutanga inyishu nugumize ukuboko hejuru kugira ngo umuvukanyi aguhereza mikoro ashobore kubona aho wicaye hanyuma ayikuzanire adatevye. Mu gihe mikoro ari nk’imwe bafatira mu minwe, niwitegure kuyishikira. Ntutangure kuvuga utarafata mikoro neza. Igihe uhejeje kwishura, nuce usubiza mikoro ningoga.

Igihe Uri mu Mwerekano. Gukoresha mikoro igihe c’umwerekano bisaba kubizirikana imbere y’igihe bimwe bidasanzwe. Nimba mikoro iteretswe ku mutaramuro, amaboko yawe yompi azoba yidegemvya ku buryo ushobora gufata Bibiliya hamwe n’utwandiko twawe. Gukoresha mikoro bafatira mu minwe bishobora kukuronsa umwidegemvyo urushirije wo kugira ibimenyetso, mugabo hari aho wokenera ko mugenzawe ayigufatira. Muri ubwo buryo iminwe yawe izoba ifise umwidegemvyo wo gufata Bibiliya. Wewe hamwe n’uwufatwa nk’umunyamuhana mukwiye kuvyimenyereza kugira uwo mugenzawe amenye kuyifata neza. Niwibuke kandi yuko igihe uri ku mukiruruko udakwiye guha umugongo abumviriza, canecane igihe uriko uravuga.

Mu myerekano yo kw’Ikoraniro ry’Umurimo, hashobora kubaho abagira umwerekano batari bake, kandi bashobora kugendagenda ku mukiruruko. Rero hashobora gukenerwa mikoro nka zingahe. Izo zikwiye kuba zashizweho neza hakiri kare, canke abazikoresha bakazironka igihe bagiye ku mukiruruko. Kuraba neza yuko mikoro zishizwe mu kibanza cazo no ku gihe kibereye, bisaba kwitegura imbere y’igihe. Kwimenyereza imbere yo kugira imyerekano biratanga akaryo ko kwigisha abawugira ukuntu bokoresha neza mikoro. Nimba umwimenyerezo udashobora kugirirwa ku mukiruruko, hari aho vyoba biranga ubukerebutsi abawugira bafashe mu minwe akantu gatoyi kangana na mikoro, kugira bimenyereze kuyifata neza. Inyuma ya nya mwerekano, abawurimwo bakwiye gusubizaho mikoro bukebuke, bakirinda gukoma intsinga z’izindi mikoro igihe bava ku mukiruruko.

Kwitwararika uburyo bwo gukoresha mikoro birajanye cane n’intumbero imwe y’amakoraniro yacu, na yo ikaba ari ukwungura bagenzi bacu mu kuganira Ijambo ry’Imana. (Heb. 10:24, 25) Twize gukoresha mikoro neza, ubwacu turashobora guterera agacumu k’ubumwe muri iyo ntumbero ihambaye.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Nugumize mikoro kw’isantimetero 10 gushika 15 uvuye ku munwa wawe.

  • Nurabe neza yuko uvuga gusa igihe umunwa wawe urabana na mikoro.

  • Niwongereze ijwi n’ubukomezi bwaryo kandi gatoyi kuruta uko wobigira uriko uraganira.

  • Nimba ukeneye kurangurura umuhogo, nuhindukirize umutwe kure ya mikoro.

UMWIMENYEREZO: Nimba mikoro zikoreshwa mu Ngoro y’Ubwami yanyu, nurabe neza ukuntu abashikirizansiguro babimenyereye bakoresha mikoro zihagarikwa canke mwene imwe bafatira mu minwe. Nurabe uburyo wipfuza gukoresha canke kwirinda, hamwe n’imvo zituma umenya ivyo wogira n’ivyo utogira.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika