Porogarama yo Gutsimbataza Ubushobozi bwo Kuvuga no Kwigisha Neza
WABA ukiri muto canke wigiye imbere mu myaka, uri umugabo canke umugore, iki cigwa kirashobora kugufasha kurushiriza kwisigura mu buryo kirumara no kurushiriza gukwiza ibisabwa bituma uba umwigisha w’Ijambo ry’Imana.
Ibigabu bishingwa abiyandikishije mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi bizoringanizwa n’umucungezi w’ishure. Ku mpapuro zitatu zikurikira, uza kuhasanga ifomu y’impanuro wewe ubwawe uhabwa. Ibitigiri bitangurira arya manuta atandukanye, bihura n’ivyigwa biri ku mpapuro zikurikira. Muri ivyo vyigwa, uhasanga insobanuro y’ico iyo mice y’ivy’ukuvuga n’ukwigisha isaba, hamwe n’igituma umwumwe wose muri yo uhambaye. Urahasanga kandi ubuyobozi ngirakamaro bw’ukuntu woshitsa ibiriko birasabwa.
Irya mirongo y’amabara iri kw’ifomu y’impanuro yerekana amanuta ajanye n’ibigabu birimwo (1) ugusomera abari ngaho, (2) umwerekano ugirwa n’abantu babiri canke barenga, canke (3) insiguro ishikirizwa ishengero. Umucungezi w’ishure azoshirako inuta uzokorerako. Vyoba vyiza umuntu akoreye kw’inuta rimwerimwe gusa. Uzohungukira mu kugira imyimenyerezo usabwa gukora mu mpera y’icigwa catanzwe. Mu gihe utanze ikimenyamenya c’uko wakurikije neza impanuro iri mu cigwa cerekanywe, umuhanuzi wawe azoguha irindi nuta uzokorerako.
Mu gihe ikigabu ushinzwe ari ikigirwa nk’umwerekano, uzokenera ikiringo ufatirako. Urutonde rw’ibiringo bifatirwako ruraboneka ku rupapuro rwa 82, mugabo si ukuvuga ko utorurenza. Umuhanuzi wawe ashobora gusaba ko ugerageza gufatira ku kiringo kinaka kugira ngo uce uruma, canke agashobora kukureka ngo wihitiremwo.
Gusoma iki gitabu no gukora imyimenyerezo irimwo no mu gihe nyene utaba uriko urategura ibigabu washinzwe mw’ishure, bizoterera agacumu k’ubumwe rwose kw’iterambere ryawe. Kumbure ku ndwi ku ndwi urashobora kwihweza icigwa nka kimwe gutyo.
Naho woba umaze igihe kingana gute ugira uruhara mw’ishure canke uja mu busuku bwo mu ndimiro, haguma hariho ico ushobora kuryohora. Ese wokwungukira bimwe bishitse ku nyigisho itangwa biciye mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi!