Agaciro Ngirakimazi k’Inkuru Nziza mu Kibano Iwanyu
MW’ISI ya kino gihe kenshi turumva batanga iki ciyumviro ngo: “Ingingo z’ivy’Ubukirisu nta co zimaze. Ntizishoboka mu kibano kitoroshe ca kino gihe.” Ariko rero, mu kiganiro bivugwa ko cagizwe hagati y’indogozi y’Umuhindu Mohandas K. Gandhi hamwe n’uwari yahoze ari Uwuserukira Ubwongereza mu Buhindi, ari we Lord Irwin, hari iyindi nyiyumvo yahaseruriwe. Bivugwa yuko Lord Irwin yabajije Gandhi ico yiyumvira ko cotorera umuti ingorane zari hagati y’Ubwongereza n’Ubuhindi. Gandhi ngo yakiriye Bibiliya ayizingurura ku kigabane ca gatanu ca Matayo hanyuma avuga ati: “Igihugu cawe n’icanje nivyashika ku kwumvikanira ku nyigisho zatanzwe na Kirisitu muri iyi Nsiguro yo ku Musozi, tuzoba dutoreye umuti ingorane atari iz’ibihugu vyacu gusa, ariko z’isi yose.”
Iyo nsiguro ivuga ivy’ukurondera kamere y’ivy’impwemu no kuba umutekereji, umunyamahoro, umunyakigongwe, umukunzi w’ivyo kugororoka. Ntiyiyamiriza ubwicanyi gusa, ariko iriyamiriza n’ukurakira abandi; ntiyiyamiriza ukurenga ibigo gusa ariko iriyamiriza n’ivyiyumviro vy’inambu nyene. Iriyamiriza ibintu abantu bakora bataribwemange bijanye n’ukwahukana bisenyura ingo kandi abana bakaba ari bo bahagorerwa. Itubwira iti: ‘Kunda n’abatagukunda, uhe abakene, ureke gucira abandi urubanza ata kigongwe, ufate abandi nk’uko woshima ko bagufata.’ Izo mpanuro zose, ziramutse zikurikijwe, zovamwo ivyiza bitagira uko bivugwa. Uko horushiriza kuba abantu bazishira mu ngiro mu kibano iwanyu, ni ko ikibano canyu corushiriza kuba ciza!
Ivyabona vya Yehova barosha abantu kumera gutyo. Bibiliya ibigisha kwubaha umubano w’ababiranye. Abana babo bamenyerezwa kugendera ingingo zigororotse. Barashimika ku gaciro k’umuryango. Ingo zunze ubumwe ni umugisha ku kibano canyu no ku gihugu canyu. Inkuru ya kahise yuzuye uturorero tw’intwaro nyabubasha zagiye zirasenyuka igihe ubucuti bwunga abo mu ngo bugoyagoye n’ubushegabo bukongerekana. Uko abantu hamwe n’ingo borushiriza kwoshwa n’Ivyabona vya Yehova kubaho bisunga ingingo zigenga Ubukirisu, ni ko ubuyererezi, ubushurashuzi hamwe n’ubugizi bwa nabi vyogabanuka mu kibano iwanyu.
Imwe mu ngorane nininini ziruhije ibibano n’ibihugu ni amacakubiri y’amoko. Igihushanye n’ivyo, intumwa Petero yavuze ati: “[Ndamenye] yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose, ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera.” Paulo na we yanditse ati: “Ntihashobora kuba Umuyuda cank’Umugiriki, ntihashobora kuba umugurano cank’uwidegemvya, ntihashobora kuba umugabo cank’umugore; kuko mwese mur’umwe muri Kristo Yesu.” (Ivyakozwe 10:34, 35; Ab’i Galatiya 3:28) Ivyabona vya Yehova ivyo baravyemera. Abantu b’amoko yose n’amabara yose barakora bafatanye mu nda ku biro bikuru vyabo, ku mashami no mu mashengero.
Muri Afirika, amoko amwamwe ntashobora kuja hamwe ngo habure indyane. Ariko rero, mu mahwaniro y’Ivyabona vya Yehova, abantu bo mu moko atandukanye barafungurira hamwe, bakaryama hamwe, eka bagasengera hamwe mu bumwe bushitse kandi bakifatanya mu buryo buranga igishika. Abakuru b’intwaro baratangara iyo babibonye. Akarorero kerekana ubushobozi Ubukirisu bw’ukuri bufise bwo kunywanisha abantu karavuzwe mu kinyamakuru Amsterdam News c’i New York co ku wa 2 Myandagaro 1958. Insasanuro yashikirijwe bivuye ku kwitegereza rya teraniro mpuzamakungu ryavugwa mu kigabane c’imbere y’iki, aho Ivyabona barenga ica kane c’umuliyoni bari bakoraniye mu Gisagara c’i New York.
“Ahantu hose wasanga Abirabure, Abazungu n’Abanyabuseruko, emwe abo mu nzego zose z’ubuzima no mu mihingo yose y’isi, bavanganye mu munezero, eka ata wandya wangura. . . . Ivyo Vyabona basenga Imana bo mu bihugu 120, babaho kandi bagasenga bafatanye mu nda mu mahoro, bakereka Abanyamerika ukuntu ivyo bishobora kugirwa ata ngorane. Iryo teraniro ni akarorero keza ntangere k’ukuntu abantu bashobora gukora kandi bakabana bafatanye mu nda.”
Abenshi boshobora kuvuga yuko ingingo za gikirisu ataco zomarira iyi si yacu ya none. Ariko rero, ni ikindi kintu ikihe cagize akamaro canke kizokagira? Ingingo z’ivy’Ubukirisu zirashobora kuba iz’agaciro koko mu gihe zikurikijwe mu kibano iwanyu ubu, kandi zizoba ishimikiro ryo kunywanisha ‘amahanga yose, imiryango yose n’amoko yose’ kw’isi iyo iva ikagera ku ngoma y’Ubwami bw’Imana buzoba buganza abantu.—Ivyahishuriwe 7:9, 10.
[Iciyumviro ku rup. 23]
Abantu b’amoko yose n’amabara yose bakora bafatanye mu nda
[Iciyumviro ku rup. 24]
Ubukirisu ni ngirakimazi. Ni ikindi kintu ikihe cagize akamaro?