ICIGWA CA 1
Imana Iragutumira ngo Ube Umukunzi Wayo
Imana ishaka ko uba umukunzi wayo. Woba urigera wiyumvira yuko ushobora kuba umukunzi w’Umuntu ahambaye cane kw’isi no mw’ijuru? Aburahamu uwabayeho kera cane, yitwa umukunzi w’Imana. (Yakobo 2:23) Hariho abandi bavugwa muri Bibiliya na bo nyene bagiraniye ubucuti n’Imana, kandi barahezagiwe cane. Muri iki gihe, abantu bava mu mihingo yose yo kw’isi baracitse abakunzi b’Imana. Na wewe nyene urashobora kuba umukunzi w’Imana.
Kuba umukunzi w’Imana biraruta kuba umukunzi w’umuntu uwo ari we wese. Imana ntiyigera ihemukira abakunzi bayo b’intahemuka. (Zaburi 18:25) Kuba umukunzi w’Imana biraruta kugira amatungo. Iyo umuntu w’umutunzi apfuye, amahera yiwe atwarwa n’abandi. Ariko rero abafitaniye ubucuti n’Imana baba bafise itunga ata muntu n’umwe yoshobora kubatwara.—Matayo 6:19.
Abantu bamwebamwe boshobora kugerageza kukubuza kwiga ivyerekeye Imana. Eka na bamwebamwe mu bakunzi bawe no mu bo mu muryango iwanyu ivyo bobigira. (Matayo 10:36, 37) Hamwe abandi bogutwenga canke bakagutera ubwoba, ca wibaza uti: ‘Noba nshaka guhimbara nde? Abantu canke Imana?’ Iyumvire ibi: Uwokubwira ngo ureke gufungura, wovyemera? Oyaye! Urakeneye ibifungurwa kugira ngo ubeho. Ariko Imana irashobora gutuma ubaho ibihe bidahera! Nuko rero ntiwigere ureka ngo hagire umuntu n’umwe akubuza kwiga uburyo ushobora kuba umukunzi w’Imana.—Yohana 17:3.