Icigwa ca 16
Ingingo Ufata yo Gukorera Imana
Utegerezwa gukora iki kugira ngo ube umukunzi w’Imana? (1, 2)
Wiyegurira Imana gute? (1)
Ni ryari ukwiye kubatizwa? (2)
Woronka gute inkomezi zotuma uguma uri umwizerwa ku Mana? (3)
1. Kugira ngo ube umukunzi w’Imana, utegerezwa kuronka ubumenyi bukwiye bw’ukuri kwa Bibiliya (1 Timoteyo 2:3, 4), kwizera ibintu wize (Abaheburayo 11:6), kwihana ivyaha vyawe (Ivyakozwe 17:30, 31), hanyuma ugahindura ingendo yawe y’ukubaho. (Ivyakozwe 3:19) Maze urukundo ukunda Imana rukwiye gutuma uyiyegurira. Ivyo bisobanura ko mw isengesho wewe ubwawe utura Imana wiherereye uyibwira yuko uyihaye ngo ukore ivyo igomba.—Matayo 16:24; 22:37.
2. Umaze kwiyegurira Imana, ukwiye kubatizwa. (Matayo 28:19, 20) Ukubatizwa gutuma uwo ari we wese amenya ko wiyeguriye Yehova. Ukubatizwa rero ni ukw’abakuze ku buryo bashobora gufata ingingo yo gukorera Imana. Igihe umuntu abatizwa, umubiri wiwe wose ukwiye kwibizwa mu mazi akanya gatoyi.a—Mariko 1:9, 10; Ivyakozwe 8:36.
3. Umaze kwiyegura, Yehova azokwitega ko ubaho wisunga isezerano wagize. (Zaburi 50:14; Umusiguzi 5:4, 5) Ya Diyabule izogerageza kugutesha ivyo gukorera Yehova. (1 Petero 5:8) Mugabo uriyegereza Imana mw isengesho. (Ab’i Filipi 4:6, 7) Niwige Ijambo ryiwe buri musi. (Zaburi 1:1-3) Nugume wiyegereje ishengero. (Abaheburayo 13:17) Ukoze ivyo vyose, uzoronka inkomezi zo kuguma uri umwizerwa ku Mana. Gutyo rero uzokora ibihe bidashira ivyo Imana igusaba!
[Akajambo k’epfo]
a Birasabwa ko umuntu yiga igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima budashira, canke igitabu nk’ico casohowe n’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society, kugira ngo yitegurire kubatizwa.