ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rq icig. 16 rup. 31
  • Ingingo Ufata yo Gukorera Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingingo Ufata yo Gukorera Imana
  • Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ivyo bijanye
  • Hoba hageze ko ubatizwa?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Ibatisimu be n’ubucuti ugiranira n’Imana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Noba nkwiye kubatizwa?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Niwishingire Umugambi wo Gukorera Imana Ibihe Bidahera
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
Ibindi
Ni Ibiki Imana Idusaba?
rq icig. 16 rup. 31

Icigwa ca 16

Ingingo Ufata yo Gukorera Imana

Utegerezwa gukora iki kugira ngo ube umukunzi w’Imana? (1, 2)

Wiyegurira Imana gute? (1)

Ni ryari ukwiye kubatizwa? (2)

Woronka gute inkomezi zotuma uguma uri umwizerwa ku Mana? (3)

1. Kugira ngo ube umukunzi w’Imana, utegerezwa kuronka ubumenyi bukwiye bw’ukuri kwa Bibiliya (1 Timoteyo 2:3, 4), kwizera ibintu wize (Abaheburayo 11:6), kwihana ivyaha vyawe (Ivyakozwe 17:30, 31), hanyuma ugahindura ingendo yawe y’ukubaho. (Ivyakozwe 3:19) Maze urukundo ukunda Imana rukwiye gutuma uyiyegurira. Ivyo bisobanura ko mw isengesho wewe ubwawe utura Imana wiherereye uyibwira yuko uyihaye ngo ukore ivyo igomba.​—⁠Matayo 16:24; 22:37.

2. Umaze kwiyegurira Imana, ukwiye kubatizwa. (Matayo 28:19, 20) Ukubatizwa gutuma uwo ari we wese amenya ko wiyeguriye Yehova. Ukubatizwa rero ni ukw’abakuze ku buryo bashobora gufata ingingo yo gukorera Imana. Igihe umuntu abatizwa, umubiri wiwe wose ukwiye kwibizwa mu mazi akanya gatoyi.a​—⁠Mariko 1:9, 10; Ivyakozwe 8:36.

3. Umaze kwiyegura, Yehova azokwitega ko ubaho wisunga isezerano wagize. (Zaburi 50:14; Umusiguzi 5:4, 5) Ya Diyabule izogerageza kugutesha ivyo gukorera Yehova. (1 Petero 5:8) Mugabo uriyegereza Imana mw isengesho. (Ab’i Filipi 4:6, 7) Niwige Ijambo ryiwe buri musi. (Zaburi 1:1-3) Nugume wiyegereje ishengero. (Abaheburayo 13:17) Ukoze ivyo vyose, uzoronka inkomezi zo kuguma uri umwizerwa ku Mana. Gutyo rero uzokora ibihe bidashira ivyo Imana igusaba!

[Akajambo k’epfo]

a Birasabwa ko umuntu yiga igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima budashira, canke igitabu nk’ico casohowe n’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society, kugira ngo yitegurire kubatizwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika