ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rq icig. 6 rup. 12-13
  • Ubwami bw’Imana Ni Iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwami bw’Imana Ni Iki?
  • Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Inkuru nziza iva ku Mana
Ibindi
Ni Ibiki Imana Idusaba?
rq icig. 6 rup. 12-13

Icigwa ca 6

Ubwami bw’Imana Ni Iki?

Ubwami bw’Imana buri hehe? (1)

Umwami wabwo ni nde? (2)

Hoba hariho abandi bafatanya na nya Mwami kuganza? Niba bariho, ni bangahe? (3)

Ni igiki cerekana ko turi mu misi y’iherezo? (4)

Ni igiki Ubwami bw’Imana buzokorera abantu mu gihe kiri imbere? (5-7)

1. Igihe Yezu yari kw isi, yarigishije abayoboke biwe gusenga basaba Ubwami bw’Imana. Ubwami ni intwaro irongowe n’Umwami. Ubwami bw’Imana ni intwaro idasanzwe. Bwashinzwe mw ijuru, kandi buzoganza iyi si. Buzokweza izina ry’Imana, burigire ryeranda. Buzotuma ivyo Imana igomba bikorwa kw isi nk’uko bikorwa mw ijuru.​—Matayo 6:9, 10.

2. Imana yasezeranye ko Yezu yobaye Umwami w’Ubwami bwayo. (Luka 1:30-33) Igihe Yezu yari kw isi, yaragaragaje ko yobaye Umutware w’umunyabuntu, akoresha ubutungane, kandi atagira agasembwa. Igihe yasubira mw ijuru, ntiyaciye yimikwa buno nyene ngo abe Umwami w’Ubwami bw’Imana. (Abaheburayo 10:12, 13) Mu 1914, Yehova yahaye Yezu ububasha yari yaramwemereye. Kuva ico gihe, Yezu araganza mw ijuru ari Umwami yagenywe na Yehova.​—⁠Daniyeli 7:13, 14.

3. Yehova kandi yararobanuye abagabo n’abagore bakeyi b’abizerwa abakuye mw isi ngo baje mw ijuru. Bazoganza hamwe na Yezu ari abami, abacamanza n’abaherezi, baganze abantu. (Luka 22:28-30; Ivyahishuriwe 5:9, 10) Yezu yise abo bafatanya na we kuganza mu Bwami bwiwe ‘ubusho buto.’ Igitigiri cabo ni 144 000.​—⁠Luka 12:32; Ivyahishuriwe 14:1-3.

4. Yezu akiba Umwami yaciye yirukana mw ijuru Shetani n’abamarayika biwe b’inkozi z’ikibi, bakororerwa mu micungararo y’isi. Ico ni co catumye ibintu bimera nabi gutya aha kw isi kuva mu 1914. (Ivyahishuriwe 12:9, 12) Intambara, amapfa, indwara z’ibiza, ukwongerekana kw’ubugarariji​—ivyo vyose biri mu bigize “ikimenyetso” cerekana ko Yezu aganza, n’uko ivy’iyi si bigeze mu misi yavyo ya nyuma.​—Matayo 24:3, 7, 8, 12; Luka 21:10, 11; 2 Timoteyo 3:1-5.

5. Ubu bwa vuba Yezu azocira imanza abantu, abatandukanye nk’uko umwungere atandukanya intama n’impene. “Intama” ni abo bazoba babonetse ko ari abatwarwa biwe b’intahemuka. Bazohabwa ubuzima budashira kw isi. “Impene” ni abo bazoba barateye akagere Ubwami bw’Imana. (Matayo 25:31-34, 46) Mu gihe kiri hafi, Yezu azohonya abameze nk’impene bose. (2 Ab’i Tesalonike 1:6-9) Niba ushaka kuba uwo mu ‘ntama’ za Yezu, utegerezwa kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami kandi ugakora ibihuje n’ivyo wiga.​—⁠Matayo 24:14.

6. Ubu isi igabaguwemwo ibihugu vyinshi. Kimwe cose gifise intwaro yaco. Ivyo bihugu kenshi biratana mu mitwe. Ariko Ubwami bw’Imana buzosubirira intwaro zose z’abantu. Buzoba ari yo ntwaro imwe nsa iganza isi yose. (Daniyeli 2:44) Maze nta ntambara, nta bukozi bw’ikibi, nta bukazi bizoba bikiriho. Abantu bose bazoba babana mu mahoro n’umutekano.​—⁠Mika 4:3, 4.

7. Mu gihe c’Ingoma ya Yezu y’Imyaka Igihumbi, abantu b’abizerwa bazohinduka abatagira agasembwa, kandi isi yose uko ingana izohinduka iparadizo. Mu mpera y’iyo myaka igihumbi, Yezu azoba yaranguye ikintu cose Imana yamusavye gukora. Maze azosubiza Ubwami Se. (1 Ab’i Korinto 15:24) None ntiwobwira abagenzi bawe hamwe n’abo ukunda ico Ubwami bw’Imana buzokora?

[Ifoto ku rup. 13]

Ku ngoma ya Yezu, ntihazoba hakiriho urwanko canke umwikeko

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika