Intwaro izozana Iparadizo
Igihe Yezu yari kw’isi, yabgiye abigishwa biwe gusaba Ubgami bg’Imana, bat“Ubgami bgawe buze, ivy’ugomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru.” (Matayo 6:9, 10) Bitayeko, ntiyahengeshanya kwigāna“inkuru nziza y’Ubgami.” (Matayo 4:23) Nkako, ivy’Ubgami yaravyigishije kurusha ibindi vyose. Kubera iki? Kubera k’ubgo Bgami ari bgo Imana izokoresha ngw’itorere umuti ingorane zo mur’iki gihe zibangamiye abantu. Imana izokuraho ingwano, ikigoyi, ingwara, ubugarariji; izogarukana ubumwe n’amahoro ikoresheje ubgo Bgami.
Woba wipfuza kuba mw’isi nk’iyo? Nimba uvyipfuza, utegerezwa gusoma aka gatabu. Kazokwigisha k’ubgo Bgami ari intwaro, ariko kw’iruta izindi zose zīgeze gutwara abantu. Kand’uzokwiga ingene Imana yagiye irasigurira abasavyi bayo imigambi yerekeye ubgo Bgami mu buryo butangaje. Bisubiriye, uzosanga ubgo Bgami bushobora kugufasha no mur’iki gihe nyene.
Nkako urashobora kuba umutwarwa w’ubgo Bgami. Mugabo imbere yo guhitamwo, hari vyinshi ukeneye kumenya. Turagusavye rero ngo wihweze aka gatabu. Ivyo kazokwigisha vyose vyerekeye nya Bgami, bishimikiye kuri Bibiliya.
Ariko tubanze turābe igituma dukeneye Ubgami bg’Imana.
Mu ntango y’ukubaho kw’abantu, Imana yaremye umuntu atunganye imushira mw’iparadizo. Ico gihe nta Bgami bgari bukenewe.
Arikw’abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva, bumviriza Shetani umumarayika yagararije. Uwo mumarayika abeshera Imana, arabagondoza baragarariza. Bāri bakwiye rero gupfa, kukw“ingero y’icaha ari urupfu.” — Abaroma 6:23.
Umuntu w’umunyavyaha atagororotse ntashobora kuvyara abana bagororotse. Ukwo nikw’abana ba Adamu bose bavukanye agasembga, bāza ari abanyavyaha kandi biteze urupfu. — Abaroma 5:12.
Kuva ubgo, abantu baciye bakenera Ubgami bg’Imana ngo bubafashe kwikurako umuvumo w’icaha n’urupfu. Bisubiye, ubgo Bgami buzohanagura izina ry’Imana burikureko iceyi ibinyoma vya Shetani vyaritayeko.
Imana Yehova yasezeranye ko hobaye “uruvyaro” (cank’umwana), ruzokiza abantu icaha. (Itanguriro 3:15) Urwo “ruvyaro” rwobaye Umwami mu Bgami bg’Imana.
Yobaye nde none?
Hari umuntu w’umwizigirwa cane ku Mana yitwa Aburahamu, yabayeho hashize imyaka ishika 2 000 inyuma y’icaha ca Adamu. Yehova abgira Aburahamu ngw’ave mu gisagara yavukiyemwo, aje kuba mu mahema i Palesitina.
Aburahamu yakoze ivyo Yehova amubgiye vyose, hamwe n’ikintu kigumye cane. Yehova yamutegetse gutanga umuhungu wiwe Isaka nk’inkuka ku ruhimbi.
Mu vy’ukuri Yehova ntiyashaka k’umuntu atangwako inkuka. Yashaka kumenya ukuntu Aburahamu amukunda. Aburahamu yari hafi kwica Isaka, Yehova aca aramubuza.
Kubera ko Aburahamu yīzera Imana koko, Yehova amuraganira kw’abazomukomokako azobaha igihugu c’i Palesitina; amenyesha kandi k’uruvyaro rwatanzweko umuhango rwokomotse kuri we no ku muhungu wiwe Isaka. — Itanguriro 22:17, 18; 26:4, 5.
Isaka yavyaye abahungu b’amahasa, Esau na Yakobo. Yehova avuga k’uruvyaro rwatanzweko umuhango rwokomotse kuri Yakobo. — Itanguriro 28:13-15.
Yakobo, uw’Imana yīse Isirayeli yavyaye abahungu 12, mu nyuma nabo bavyara abana. Abana ba Aburahamu batangura rero kurondoka. — Itanguriro 46:8-27.
Ikigoyi kiratera mur’iyo ntara, Yakobo hamwe n’abiwe bamanuka i Misiri, kubera ko Farawo umwami waho yari yabahamagaye. — Itanguriro 45:16-20.
Mu Misiri ni ho bumviye k’uruvyaro rwatanzweko umuhango rwokomotse kuri Yuda umuhungu wa Yakobo. — Itanguriro 49:10.
Mu nyuma Yakobo arasandaba, abana biwe nabo barongerekana gushika aho baba nk’igihugu. Abanyamisiri baca bagira ubgoba, babagira abaja babo. — Kuvayo 1:7-14.
Mu nyuma Yehova atuma Musa, umuntu w’umwizigirwa cane, ngw’abgirize uwitwa Farawo mur’ico gihe, arekure Abisirayeli bave mu Misiri. — Kuvayo 6:10, 11.
Kubera ko Farawo yānse, Yehova ateza Abanyamisiri ivyago cumi. Ku cago ca nyuma, atuma umumarayika yica, atikiza abana b’imfura bose bo mu Misiri. — Kuvayo ikigabane ca 7-12.
Imana ibgira Abisirayeli ngo ni bākerera umwagazi w’intama uza kuribga ku mugoroba, amaraso yawo bakayasīga ku bishimaryango, umumarayika w’Imana araza kurengana hejuru y’inzu zabo. Ukwo nikw’imfura z’Abisirayeli zarokotse. — Kuvayo 12:1-35.
Kubera ico, Farawo ategeka Abisirayeli kuva mu gihugu. Mu nyuma arihindukiza, abōma mu nyuma ngw’abagarukane mu Misiri.
Yehova yugurura inzira mu kiyaga Gitukura ngw’Abisirayeli bahunge. Igihe Farawo n’ingabo ziwe bageragereje kubakurikira, baca basoma nturi. — Kuvayo 15:5-21.
Yehova arongōra abana b’Isirayeli mu bugaragwa, abashikana ku musozi witwa Sinayi. Niho yabahēreye amategeko. Iyo bayubaha, bobaye ubgami bg’abaherezi; bobaye kand’ihanga ryera. Mu misi yakurikiye, Abisirayeli bararonse rero akaryo ko kuronka ikibanza gihambaye mu Bgami bg’Imana. — Kuvayo 19:6; 24:3-8.
Abisirayeli bamaze nk’umwaka i Sinayi, Yehova abajana i Palesitina ca gihugu yari yararaganiye Aburahamu sekuruza wabo.
Bashitse i Palesitina, Imana ihava irareka ngo batwarwe n’abami. Ico gihe bāciye baronka ubgami kw’isi.
Umwami wa kabiri w’Abisirayeli yari Dawidi, uwakomotse kuri Yuda. Dawidi yaranesheje abansi bose b’Abisirayeli, i Yeruzalemu aca ahagira umurwa mukuru w’ico gihugu.
Ivyabaye igihe Dawidi yaganza biragaragaza kw’igihe Yehova ashigikiye umwami, nta muntu n’umwe mukuru ashobora kumutsinda.
Dukurikije ijambo rya Yehova, uruvyaro rwatanzweko umuhango rwokomotse kuri Dawidi. — 1 Ngoma 17:7, 11, 14.
Salomo umuhungu wa Dawidi ni we yamusubiriye ku ngoma. Yabaye umwami w’inkerebutsi, kandi ku ngoma yiwe Abisirayeli bāragize umugisha.
Bitayeko, Salomo yubakiye Yehova urusengero rw’agatangaza i Yeruzalemu. Ukw’Abisirayeli bāri bamerewe ku ngoma ya Salomo bigereranya imigisha imw’imwe Ubgami bg’Imana buzozanira abantu bidatevye. — 1 Abami 4:24, 25.
Arikw’abami batari bake bakurikiye Salomo ntibari abizigirwa.
Abakomoka kuri Dawidi bakiri ku ngoma i Yeruzalemu, Yehova atuma ūvugishwa n’Imana Yesaya ngw’amenyeshe k’umuhungu w’umwizigirwa akomoka kuri Dawidi azoza kuganza isi yose. Ni we yobaye Uruvyaro rwatanzweko umuhango. — Yesaya 9:6, 7.
Uvugishwa n’Imana Yesaya yamenyesheje kw’inganji yiwe yoshimagijwe cane kurusha iya Salomo. — Yesaya ikigabane ca 11 na 65.
Abasavyi b’Imana ntaho bigeze bibaza cane uwobaye urwo Ruvyaro uw’ariwe nko kuva ico gihe.
Imbere y’uk’urwo Ruvyaro rushika, abami b’Abisirayeli baba babi gushika aho Yehova agomora Abanyababiloni ngo bigarurire ico gihugu, mu 607 imbere ya Yezu. Benshi mu bāri bagituyemwo bomorerwa i Babiloni. Arikw’Imana ntiyari yibagiye umuhango wayo. Uruvyaro rwohavuye rusokoroka mu muryango wa Dawidi. — Ezekiyeli 21:25-27.
Ivyabaye mu gihugu c’Abisirayeli vyerekana ko nāho umuntu w’umwizigirwa yoba umwami, akazana imigisha, yama ari mike rwose. Abantu b’abizigirwa barapfa, ababasubirira nabo ntibama ari abizigirwa. Abantu bāri bakeneye iki none? Uruvyaro rwatanzweko umuhango.
Mu nyuma, imyaka ibihumbi n’ibihumbi iheze, nya Ruvyaro rurashika. Yari nde?
Umwigeme w’Umwisirayeli yitwa Mariya ni we umumarayika w’Imana yahaye inyishu y’ico kibazo. Yamumenyesheje ko yoronse umuhungu yitwa Yezu. Ngaya ayo umumarayika yavuze:
“Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Isumba vyose, kandi [Yehova] Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, ahangame.” — Luka 1:32, 33.
Yezu rero ni we yategerezwa kuba Uruvyaro rwatanzweko umuhango, hanyuma na ntaryo akaba Umwami mu Bgami bg’Imana. Ni kuki none Yezu yari atandukanye n’abantu b’abizigirwa babayeho imbere yiwe?
Ni uko Yezu yavutse habanje kuba igitangaro. Nyina wiwe yari inkumi, kandi ntiyagira se w’umuntu. Ubga mbere Yezu yaba mw’ijuru. Mpwemu yera y’Imana ari zo nkomezi ikoresha zimukurayo, ubugingo bgiwe zibgimurira mu nda ya Mariya. Yezu rero nta gicumuro ca Adamu yanduye, kandi mu buzima bgiwe ntiyigeze acumura. — 1 Petero 2:22.
Yezu yabatijwe amaze imyaka 30.
Yarigishije ivy’Ubgami bg’Imana, mu nyuma ateba arimenyekanisha kw’ari Umwami wo mur’ubgo Bgami. — Matayo 4:23; 21:4-11.
Yezu yarakoze n’ibitangaro vyinshi.
Yarakijije abagwaye. — Matayo 9:35.
Yaragaburiye abashonje mu buryo butangaje. — Matayo 14:14-22.
Yarazuye n’abapfuye. — Yohani 11:38-44.
Ivyo bitangaro vyerekana ivyo Yezu azogirira abantu ari Umwami mu Bgami bg’Imana.
Uribuka ingene umwami Dawidi yagize Yeruzalemu umurwa mukuru w’ubgami bgiwe? Yezu yavuze k’Ubgami bg’Imana butobaye ngaha kw’isi, ariko bgobaye mw’ijuru. (Yohani 18:36) Ni co gituma ubgo Bgami bgitwa “Yeruzalemu [wo] mw’ijuru.” — Abaheburayo 12:22, 28.
Yezu yaradondaguye amategeko abazotwarwa n’ubgo Bgami bategerezwa kwubaha. Ayo mategeko ari muri Bibiliya. Makuru makuru ngaya: Abantu bategerezwa gukunda Imana kandi bagakunda bagenzi babo. — Matayo 22:37-39.
Yezu yarerekanye kw’atoganje wenyene. Hari abantu botowe ngo baje mw’ijuru bamufashe gutwara. (Luka 12:32; Yohani 14:3) Bobaye bangahe? Inyishu iri mu Vyahishuriwe Yohani 14:1, ni 144 000.
Ariko nimba abantu 144 000 gusa ari bo baja mw’ijuru ngo bafashe Yezu kuganza, abandi bantu nabo bafise ikihe cizigiro?
Bibiliya ivuga ngw “Abagororotsi bazoragwa [isi, bayibemwo] ibihe bidashira.” — Zaburi 37:29.
Abazoba kw’isi imyaka yose bitwa“izindi ntama.” — Yohani 10:16.
Gurtyo rero, hari ivyizigiro vy’ubgoko bubiri. Imana Yehova yahamagaye abantu 144 000 ngo baje mw’ijuru bafadikanye na Yezu Kristu kuganza. Arikw’abandi bantu ibihumbi n’ibihumbi, bizigiye badakekeranya kuba kw’isi imyaka yose batwarwa n’Ubgami bgayo. — Ivyahishuriwe Yohani 5:10.
Shetani yaranse Yezu itako iramugwanya. Yezu yamaze imyaka itatu n’igice yigisha, hanyuma Shetani ituma abamufata baramwica: Yezu yamanikishijwe imisumari ku giti. Ni kuki Imana yamurekuye ngo bamwice?
Ntitwibagire ko dukomoka kuri Adamu, ko twese dukora ivyaha kandi tukaba dukwiye gupfa kubera ico. — Abaroma 6:23.
Ntitwibagire kandi ko Yezu atāgira agasembga kandi kw’atāri akwiye gupfa, kubera ivuka ryiwe ritangaje. Nāho ari ukwo, Imana yararekuye Shetani ngw‘ikomeretse Yezu ku gitsintsiri’ kugira ngw’imwice. Arikw’Imana yaramuzuye, aza ari ikiremwa kitaboneka kandi kidashobora gupfa. Kubera ko Yezu agifise uburenganzira bgo kwitwa umuntu agororotse, iyo kamere ashobora kuyikoresha akadukura mu caha. — Itanguriro 3:15; Abaroma 5:12, 21; Matayo 20:28.
Kugira ngo Bibiliya itwumvishe neza inkuka Yezu yatanze ukw’imeze, ikoresha ibigereranyo menyesha-kazoza. (prophetique)
Uribuka ko Yehova yagerageje urukundo rwa Aburahamu igihe yamutegeka gutanga umuhungu wiwe nk’inkuka?
Cāri ikigereranyo menyesha-kazoza, cerekana inkuka ya Yezu. Ivyo vyērekanye urukundo rwinshi Yehova afitiye abantu. Nkako yararekuye Umwana wiwe ngo yicwe ahorwa twebge, kugira ngo turonke ubuzima. — Yohani 3:16.
Uribuka ingene Yehova yabohoye Abisirayeli mu Misiri, kand’agakiza imfura zabo mu gutuma umumarayika yica abaca hejuru? — Kuvayo 12:12, 13.
N’ico nyene cāri ikigereranyo menyesha-kazoza. Nk’ukw’amaraso y’umwagazi w’intama yarokoye imfura z’Abisirayeli, nikw’amaraso ya Yezu akiza abamwemera. Kandi nk’ukw’ivyabaye mur’iryo joro vyatumye Abisirayeli bava mu buja, nik’urupfu rwa Yezu rwabohoye abantu mu caha no mu rupfu.
Ni co gituma Yezu yitwa “umwagazi w’intama w’Imana, ukuraho icaha c’abari mw’isi.” — Yohani 1:29.
Arikw’igihe Yezu yari kw’isi, yaratororokanije abigishwa, atako arabamenyereza kwamamaza inkuru nziza y’Ubgami, no mu nyuma y’urupfu rwiwe nyene. — Matayo 10:5; Luka 10:1.
Abigishwa biwe ni bo babaye abantu ba mbere Yezu yatoye ngo bafashanye na Kristu kuganza mu Bgami bgayo. — Luka 12:32.
Uribuka uyu muhango Imana yahaye Abayahudi: Iyo bagumya amategeko yayo, bari kuba “ubgami bg’abaherezi.” Ubu baba bafise uburyo bgo kwinjizwa mu Bgami bg’Imana, bakayikorera ari abaherezi mw’ijuru, iyo bemera Yezu. Yamara benshi muri bo bāramuhakanye.
Kandi kuva ico gihe, Abayahudi ntibabandanije kuba igihugu catoranijwe n’Imana. Kuva ubgo Palesitina nticari kikiri igihugu catanzweko umuhango. — Matayo 21:43; 23:37, 38.
Kuva mu gihe ca Yezu gushika ubu, Yehova yatororokanije abohavuye bafadikanya na Yezu kuganza mw’ijuru. Abashika ibihumbi bitari bike baracari kw’isi. Tubita amasigarira yasīzwe. — Ivyahishuriwe Yohani 12:17.
Ubu uratanguye kubona Ubgami bg’Imana ic’ari co. Ni intwaro yo mw’ijuru irongōwe n’Umwami Yezu Kristu, hamwe na bamwe 144 000 bakurwa mw’isi. Inganji yabgo izosasagara mu bantu b’intahemuka, kandi buzoshobora kuvyagiza amahoro kw’isi.
Yezu amaze gupfa, yarazutse aja mw’ijuru. Ashitseyo, ararindīra ngw’Imana imushingire igihe yotanguriyeko kuganza ari Umwami mu Bgami bg’Imana. (Zaburi 110:1) Ivyo vyobaye ryari?
Rimwe rimwe Yehova yararotesha abantu kugira ngw’abamenyeshe inkuru zerekeye Ubgami bgiwe.
Mu gihe ca Daniyeli, Yehova yatumye ben’izo ndoto kwa Nebukadinezari umwami w’i Babiloni. Mur’izo nzozi, yabonye igiti c’inganzamarumbu. — Daniyeli 4:10-37.
Ico giti cariciwe, igishitsi caco kimara imyaka indwi gihambiriwe.
Ico giti cagereranywa na Nebukadinezari. Nk’ukw’ico gishitsi camaze imyaka indwi gihambiriwe, niko na Nebukadinezari yamaze imyaka indwi agwaye ibisazi. Mu nyuma Nebukadinezari yarakize.
Ivyo vyose vyāri ikigereranyo menyesha-kazoza. Nebukadinezari yagereranywa n’inganji ya Yehova ikwiye mw’ijuru no kw’isi. Mu ntango, iyo nganji yari mu minwe y’abakomoka kuri Dawidi baganza i Yeruzalemu. Igihe Nebukadinezari yıgarurira Yeruzalemu mu 607 imbere ya Yezu, inganji y’abo bami yaciye igarukira aho. Nta wundi mwami akomoka kuri Dawidi yosubiye kuganza “gushika aho uwubikwiye azozira.” (Ezekiyeli 21:27 NW) Uwo yari Yezu Kristu.
Hategerezwa guhera igihe kingana iki kuva mu 607 imbere ya Yezu gushika igihe Yezu yotanguriye kuganza? Imyaka indwi mu biharuro vy’Imana, ni ukuvuga imyaka 2 520. (Ivyahishuriwe Yohani 12:6, 14) Iyo myaka 2 520, itangurira mu 607 imbere ya Yezu igahera mu 1914.
Yezu rero yatanguye kuganza mw’ijuru mu 1914. Ivyo ni ukuvuga iki none?
Bibiliya mu kubitumenyesha, ikoresha ivyo Yohani yeretswe.
Yohani yabonye umugore mw’ijuru ariko avyara umwana w’umuhungu. — Ivyahishuriwe Yohani 12:1-12.
Uwo mugore agereranywa n’integuro yo mw’ijuru y’Imana, igizwe n’abasavyi b’Imana b’abamarayika bari mw’ijuru. Uwo mwana w’umuhungu agereranywa n’Ubgami bg’Imana. Ubgo Bgami“bgavutse”mu 1914.
Mu nyuma habaye iki? Kwirukana Shetani mw’ijuru hamwe n’abamarayika bagararije nka yo, ni co gikorwa ca mbere Yezu yakoze amaze kwima. Yezu yabacurangurije kw’isi. — Ivyahishuriwe Yohani 12:9.
Bibiliya irigāna inkurikizi y’ivyo: “Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye ari n’inzigo nyinshi, azi kw’afise igihe gito.” — Ivyahishuriwe Yohani 12:12.
Gurtyo rero, igihe Yezu yatangura kuganza mw’ijuru, kw’isi abansi biwe baciye bakovya mu gukora. Nk’uko Bibiliya yari yabimenyesheje, Yezu yatanguye kuganza hagati mu bansi biwe. — Zaburi 110:1, 2.
Ivyo vyogize inkurikizi nki ku bantu?
Inyishu ya Yezu ngiyi: Ingwano, amapfa, ingwara, kunyiganyiga kw’isi. — Matayo 24:7, 8; Luka 21:10, 11.
Kuva mu 1914, ivyo vyago biradushikira. Ni ikindi kimenyamenya cemeza k’Ubgami bgatanguye kuganza mur’uwo mwaka.
Hotegerejwe kuba ‘amaganya mu mahanga yabuze ukw’agira . . . ; kand’abantu bogwishijwe igihumura n’ubgoba.’ (Luka 21:25, 26 NW) Ivyo si vyo twibonera none kuva mu 1914?
Intumwa Paulo yongeyeko ngw“abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, . . . batumvira abavyeyi, . . . banka kwuzura, barementanya, batigarura.” — 2 Timoteyo 3:1-5.
Urumvise igituma mur’iki gihe bitoroshe kubaho? Shetani ntiyasinziriye. Ariko n’Ubgami nyene bgagumye bukora.
Mu gihe cakurikiye 1914, amasigarira y’abafise ikizigizigi co kuja mw’ijuru gufadikanya na Yezu kuganza, yatanguye kwamamaza inkuru nziza y’Ubgami bgashinzwe. Ico gikorwa cakwiye kw’isi yose nk’uko Yezu yari yabivuze. — Matayo 24:14.
Ni igiki gituma iyo nkuru yamamazwa hose?
Ica mbere, ni ukugira ngw’abantu bamenye ubgo Bgami bg’Imana.
Ica kabiri, ivyo bibafasha kwihitiramwo kuba abatwarwa b’ubgo Bgami.
Yezu yavuze ko mur’iki gihe turimwo, abantu bogabuwemwo imirwi ibiri: ku ruhande rumwe “intama,” ku rundi “impene.” — Matayo 25:31-46.
“Intama” ziramukunda, kandi zigakunda benese. “Impene”zo si ukwo zimeze.
“Intama” zizohabga ubuzima budahera, arikw“impene” bazobuzīma.
Kwamamaza inkuru nziza y’Ubgami ni vyo birangūra iryo sobanurwa.
Ivya kazoza Yesaya yamenyesheje ngibi:
“Mu misi y’iherezo, umurwa wubatsweko ingoro ya [Yehova] uzogasāra ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.” — Yesaya 2:2.
Ubu abantu bari mu “misi y’iherezo.”
“Ingoro” isengerwamwo Yehova iri “hejuru” y’amadini y’ibinyoma.
“Amoko menshi azojayo, abarirane, ati ‘ni muze tuduge, tuje ku murwa wa [Yehova], ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw’itwigishe ivy’inzira zayo, natwe tuzigenderemwo.’ ” — Yesaya 2:3.
Ukwo nikw’abantu b’amahanga yose bāza gusenga Yehova, kandi bagatumira na bagenzi babo ngo nabo nyene bāze. Biga kukora ibihwanye n’ivyo Yehova ashaka.
“Inkota zabo bazozicuramwo amasuka, amacumu yabo nayo bayacuremwo inkero. Nta hanga rizobangurira inkota irindi, kandi ntibazosubīra kwiga kugwana.” — Yesaya 2:4, NW.
Abasenga Yehova bashize hamwe kandi bari mu mahoro.
Igikorwa Ubgami bg’Imana bgarangūye ni uko bgakoranije abantu bashika nk’imiliyoni zitatu, baba abatwarwa babgo.
Batororokanira hambavu y’amasigarira ya bamwe bafise ikizigizigi co kuja mw’ijuru kuganza hamwe na Kristu.
Ishengero ry’Imana rirabaronsa imfungurwa z’umutima. — Matayo 24:45-47.
Bose hamwe kw’isi yose bagize umuryango w’abavukanyi bakundana bimwe bishitse. — Yohani 13:35.
Mu vyiyumviro vyabo haratekānye kandi bafise icizigiro. — Ab’i Filipi 4:7.
Ntibitevye, inkuru nziza izoba imaze kwamamazwa, n“intama” zimaze gukorakoranywa. Bga Bgami buzoca bukora iki none?
Ntiwibagire: Wa mwami w’intahemuka Dawidi yaratsinze abansi bose b’abantu b’Imana. N’Umwami Yezu rero ni ukwo nyene azogira.
Kera mu nzozi z’umwami Nebukadinezari, yabonye igishusho amahanga, cagereranywa na Leta nkuru nkuru zaganje isi kuva mu gihe ciwe gushika mur’iki gihe turimwo.
Hanyuma yabonye ibuye rimanyutse riva ku musozi rigwa kuri nya gishusho rirakimenagura. Iryo buye ryagereranywa n’Ubgami bg’Imana.
Ivyo ni ukuvuga isangangurwa ry’iyi nteguro mbi y’ibintu iriho. — Daniyeli 2:44.
Bimwe bimwe mu vy’Ubgami buzosangangura ngibi:
Idini y’ikinyoma izozimangana nk’uk’umuntu yota urusyo mu kiyaga. — Ivyahishuriwe Yohani 18:21.
Ni co gituma abakunda Imana bose bingingwa ngo bave mw’idini y’ikinyoma Ubu Bga VUBA. — Ivyahishuriwe Yohani 18:4.
Hanyuma Umwami Yezu ‘azokubita amahanga, azoyaragiza inkoni y’icuma.’ — Ivyahishuriwe Yohani 19:15.
Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bativanga mu vy’intwaro, naho batanga ikori kandi bakwubaha amategeko y’igihugu babamwo.
Mu kurangiza, Shetani yo nyene, ca “gisato” c’amahero, kizotabga mu cobo. — Ivyahishuriwe Yohani 20:2, 3.
“Intama” gusa, ni ukuvuga abagandukira Umwami Yezu ni bo bazorokoka mur’ayo marushwa. — Matayo 25:31-34, 41, 46.
Mu vy’intumwa Yohani yeretswe, yabonye “intama” zirokotse ziva mu mubabaro.
“Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’umwagazi w’intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe.” — Ivyahishuriwe Yohani 7:9.
Iryo “shengero ryinshi” rigizwe n’abo bose bākīra inkuru nziza yamamazwa batagonānwa.
Ni bo barokoka“wa mubabaro mwinshi.” — Ivyahishuriwe Yohani 7:14.
Ayo“mashami” yerekana ko bemeye ko Yezu aba Umwami wabo.
Ko bambaye “imvune zera” vyerekana ko bemera inkuka Yezu yatanze.
“Umwagazi w’intama” ni Yezu Kristu.
Ni iyihe migisha bahabga? Ibuka ukuntu Abisirayeli bāri bahiriwe igihe batwarwa n’umwami w’umwizigirwa Salomo. Ico ni ikigereranyo gito c’amahirwe arindiriye abantu ku ntwaro ya Yezu.
Hazoba amahoro nyakuri hagati mu bantu, no hagati y’abantu n’ibikōko, bibe nk’uko Yesaya yabivuze. — Zaburi 46:9; Yesaya 11:6-9.
Yezu nawe, nk’uko yakijije abagwaye igihe yari kw’isi, nikw’azozimanganya ingwara mu bantu. — Yesaya 33:24.
Nk’uko yagaburiye ishengero, nikw’azozimanganya ikigoyi kibabaza abantu. — Zaburi 72:16.
Nk’uko yazuye abapfuye, nikw’azosubiza ubuzima abatāronse akaryo ko kugandukira Ubgami bg’Imana. — Yohani 5:28, 29.
Intambge ku yindi, azosubiza abantu ukugororoka Adamu yatakaje.
Esh’ukuntu bizoba bihimbaye, siko? Woshima kuronka ayo mahirwe? Nimba ubishimye, erekana ubu k’ugandukira Ubgami bg’Imana uce uba “intama.”
Ni wige Bibiliya, uce umenya Imana Yehova na Yezu Kristu. — Yohani 17:3.
Ni wifatanye n’abandi batwarwa b’Ubgami. — Abaheburayo 10:25.
Ni wige amategeko y’ubgo Bgami, uteko uyubahe. — Yesaya 2:3, 4.
Ni wiyegurire Yehova umukorere, uteko ubatizwe. — Matayo 28:19, 20.
N’uhunge ikibi: kwiba, kubesha, gusambana, kuborerwa, n’ibindi vyose bishisha Imana Yehova. — 1 Ab’i Korinto 6:9-11.
N’ufadikanye n’abandi kwamamaza inkuru nziza y’Ubgami. — Matayo 24:14.
Hanyuma Imana igufashije, uzokwibonera igarukanwa ry’iparadizo Adamu yatakarije uruvyaro rwiwe, uteko wirābire irangurwa ry’uyu muhango: “Numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe, rit‘eh’ihema y’Imana iri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw’ivya mbere bishize.’ ” — Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4.
[Igicapo ku rup. 20]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
607 imbere ya Yezu 1914 inyuma ya Yezu
Imbere ya Yezu Inyuma ya Yezu
500 1 000 1 500 2 000 2 520
[Amafoto ku rup. 11]
Aburahamu
Isaka
Yakobo
Yuda
Dawidi
[Ifoto ku rup. 14]
144 000
[Ifoto ku rup. 16]
Adamu
Yezu