Ururirimbo rwa 170
‘Imana iboneke ko ari inyakuri’
1. Yehov’Imana y’ukuri
Kubesha ntageza.
Kuri we ni ho twiheka.
Ntiyivuguruza.
Si nk’umuntu, wewe yama
Ari munyakuri.
’Kuri kwiwe ntikwanduye
Kuzama kuhari.
2. Yarungitse Yezu kw’isi
Gukor’ivy’agomba.
Muri vyose yerekanye
Kw’Iman’idahumba.
Yakor’igomba ry’Imana,
’Ngingo zayo ntate.
Yakor’ibigororotse
Aba Se ntabate.
3. Har’abatwenga rya Jambo,
Bakund’amabwire.
Yehov’avug’ivy’ukuri;
Ntitubivirire.
Twamamaze iryo Jambo;
Niturivugire.
’Ngo turirondere cane
Kandi turyumvire.