Ururirimbo rwa 145
Twihangane
1. Yehov’Umwami mu kwihangana
Ni we w’akarorero!
Yasizw’icey’ata ko kingana,
Aguman’intumbero.
Is’rayeli yayihanganiye
Kimwe n’abandi bose.
N’intama ziwe zariboneye
Ko yihangana rwose.
2. Naho Yehova Rurangiranwa
Yam’atwihanganira,
Twirinde kuba mudaheranwa
Ku vyo batugirira.
Ivyamwa vy’impwemu vyodufasha
Kudapf’ivyo tuvuze.
Twitonze tuzokwirind’inyosha
Zo gupf’ivyo dukoze.
3. Kwihangana kuzigam’ubumwe
Kukanadukomeza.
Mw’ishengero, mu ngo, tuja hamwe;
Ku Man’ivyo ni vyiza.
’Rukundo n’ubwitonzi bituma
Twihanganir’akaje.
Vyonatuma twama dushikama,
Gushika wa mus’uje.