Ururirimbo rwa 129
Ubu ni co gihe!
1. Ubu ni co gihe ntu
Co kuvuga mu bantu
Tubabwir’ata bwoba;
Bemey’Ubwami nta co boba.
Baburire hakiri kare,
Babiloni bayisezere,
Ntibazotikizwe n’Imana,
Babone gukoran’ishaka.
Ubu ni co gihe, banguka.
2. Ubu ni co gihe co
Kumurika nk’umuco,
Tugafash’ababanyi
Naho twoba turi bakeyi.
Dukorer’Imana vy’ukuri.
Ah’umwidegemvyo ni h’uri.
Kuko na y’izoc’idushima;
Kuri yo ni ho tuzoguma.
Ubu ni co gihe, shikama.
3. Hagiye kub’indwano,
Iciza kibe hano.
Is’izova mu mwiza,
Abantu turahumuriza.
Mu nyuma hazoger’umusi
Abapfu bagaruke kw’isi.
Ivyago bizoba vyagiye.
Ni kw’Imana yavumereye.
Ubu ni co gihe gikwiye.