ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ssb ururirimbo 86
  • Dutsimbataze icamwa c’urukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Dutsimbataze icamwa c’urukundo
  • Ririmbira Yehova amashemezo
  • Ivyo bijanye
  • Dutsimbataze urukundo
    Turirimbire Yehova
  • ‘Mubandanye Kwama Cane’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yehova arakunda ‘abama ivyamwa bihanganye’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Urukundo ni rwo mugozi wunga ubumwe
    Ririmbira Yehova amashemezo
Ibindi
Ririmbira Yehova amashemezo
Ssb ururirimbo 86

Ururirimbo rwa 86

Dutsimbataze icamwa c’urukundo

(1 Ab’i Korinto 13:8)

1. Yehov’ivyiza yam’ahunda

Ba basuku biwe akunda.

Ivyo barabikeneye

Ngo bakor’ico bemeye.

Ya mpwemu barayishima

Kw’ivyamwa vyinsh’itabima.

Harimwo kimwe ntangere,

Ni co rukundo, vyemere.

2. Kamere twebwe dukorana

Muri ca gikorwa c’Imana,

Turihata ntizandure

Ng’umurimo turangure.

Ubwenge ntibuhagije

Mu gufash’intama zije.

Yamara tubigorere

Bwa buzima bironkere.

3. Tuguma tugir’utwigoro

Tukarondera n’amahoro.

Twigumye nitwababazwa,

Ni h’abandi bokomezwa.

No mu bintu bitobito

Dukundan’ata gahato.

Urukundo tuzorwama

Kandi ni rwo ruzorama.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika