Ururirimbo rwa 66
Ububasha bw’ubuntu
1. Dukurir’ubwats’Imana
Ku buntu igira,
Ku bantu b’umukungugu
Turavyibonera!
Naho ar’inyabubasha
Yama itwitwararika.
Twumva tuyiyegereje
Tukayiyoboka.
2. Yezu mu kwigisha kwiwe
’Buntu bwari bwose,
Eka n’abagoyagoya
Yabibuka bose.
Yabigisha mu bwitonzi
Bakumva baruhuriwe,
Ku Mana ’bantu baraza
Kuko bahariwe.
3. Ubuntu rero n’icamwa
Tubwirizwa kwama.
Kuri ya ntwaro y’Ubwami
’Bantu bazorama.
Mu ngorane bifitiye
Tubabwire iyi nkuru:
Yuko bob’abanyabuntu,
’Co ni co gikuru.
4. Nta kindi twebwe twokora
Niba dutahura
Yuk’ubuntu buhambaye,
Mbere butwungura!
Gutanga n’ivy’akamaro,
Biduh’imihezagiro.
’Buntu bushemez’Imana,
Imwe buhungiro.