ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 115
  • Iyindi Paradizo kw Isi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iyindi Paradizo kw Isi
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ni bande bazozuka? None bazoba hehe?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • “Tuzosubira muri Paradizo!”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Hanyuma ya Haru–Magedoni, Isi Izoca Iba Iparadizo
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 115

INKURU YA 115

Iyindi Paradizo kw Isi

RABA ivyo biti birebire, ayo mashurwe meza n’iyo misozi miremire. Aho si heza none? Rāba iyo mpongo iriko irarīra ku ntoki z’uyo mwana. Raba izo ntare n’arya mafarasi ahagaze hariya mu bwatsi. Woshima kuba mu nzu iri ahantu nk’aha?

Imana ishaka ko ubaho imyaka yose mw iparadizo ngaha kw isi. Ntishaka ko ugira umubabaro canke amarushwa, bishikira abantu muri iki gihe. Abazoba mw iparadizo izoza, ivyo Bibiliya ibaraganira ngibi: ‘Imana izobāna na bo, nta rupfu nta gutaka, nta n’amarushwa azoba akiriho. Ivya kera vyaheze.’

Yezu azoshirwa abonye ibintu bihindutse. Urazi igihe bizobera? Bizoba ahejeje guhanagura isi, akayikiza ababi n’ibibi bakora. Ibuka ko igihe Yezu yari kw isi yakijije abantu indwara z’ubwoko bwose, atako azura n’abapfuye. Yabigize ngo yerekane ivyo azokora kw isi yose igihe azoba ari umwami mu bwami bw’Imana.

Iyumvīre ukuntu bizoba ari vyiza kuba mu yindi paradizo ngaha kw isi! Yezu azoba atwara ari mw ijuru, ari kumwe n’abo yitoreye. Abo bami bazokwitwararika abari kw isi bose, bashirwe babonye ko bahimbawe. Reka turābe ivyo twokora kugira ngo Imana ibone kuduha ubuzima bwamaho mu yindi paradizo izozana.

Ivyahishuriwe Yohani 21:3,4; 5:9, 10; 14:1-3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika