ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 104
  • Yezu Asubira mw Ijuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Asubira mw Ijuru
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ku bijanye n’Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Abaja mw Ijuru Ni Bande; Kubera Iki?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 104

INKURU YA 104

Yezu Asubira mw Ijuru

IMISI irahera Yezu aciyereka abigishwa biwe. Umusi umwe abonwa n’abigishwa 500. Igihe yababonekera urazi ivyo yababwiye? Yababwiye ivy’ubwami bw’Imana. Imana yamutumye kw isi kwigisha ivy’ubwo bwami. N’aho amariye kuzuka yagumye avyigisha.

Uribuka ubwami bw’Imana ico ari co? Ni intwaro y’Imana vy’ukuri iri mw ijuru, Yezu na we ni we yatowe n’Imana ngo abe umwami. Nk’uko twavyize, Yezu yarerekanye ko azoba umwami w’igitangaza igihe yagaburira abashonje, igihe yakiza abarwaye azura n’abapfuye!

Igihe Yezu azoba ari umwami w’imyaka igihumbi mw ijuru, isi izomera ite? Yose izohinduka iparadizo y’akaroruhore. Indwano, ubugarariji, indwara n’urupfu ntibizoba bikiriho. Turazi ko ivyo ari ivy’ukuri kubera ko Imana yaremye isi ngo ibe iparadizo, abantu bayibemwo. Ni co gituma mu ntango yaremye itongo ry’i Edeni. Yezu na we azoshirwa abonye ko ico Imana yashatse kirangūtse.

Igihe c’uko Yezu asubira mw ijuru kirashika. Imisi 40 yayimaze yiyereka abigishwa biwe, baca baremera ko yasubiye kuba muzima. Imbere y’uko agenda, ababwira ati: ‘Muragume i Yeruzalemu gushika muronse impwemu yera.’ Impwemu yera ni inguvu z’Imana zimeze nk’umuyaga uhuhuta, zobafashije gukora ivy’Imana igomba. Munyuma ababwira ati: ‘Inkuru yanje muyijane muyishikane kure.’

Amaze kuvuga ivyo haca haba igitangaza. Atangura kuduga mw ijuru nk’uko ubibona ngaha. Hanyuma igicu kiramuhisha ntibaba bakimubona. Aja mw’ijuru, atangura kuganza abigishwa biwe ariyo ari.

1 Ab’i Korinto 15:3-8; Ivyahishuriwe Yohana 21:3,4; Ivyakozwe n’intumwa 1:1-11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika