ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 97
  • Yezu Aje nk’Umwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Aje nk’Umwami
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Umwami yinjira i Yeruzalemu
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Akiza Abarwayi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Indogoba Ivuga
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ubwami bw’Imana ni iki? Twokwerekana gute ko tubushaka?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 97

INKURU YA 97

Yezu Aje nk’Umwami

YEZU amaze gukiza impumyi zari zitunzwe n’ugusega aca ashikīra imihana y’i Betaniya. Abwira babiri mu bigishwa biwe ati: ‘Ni mwinjire mu mihana, muraza kubona inyana y’indogoba, muyiziture muyinzanire.’

Bayimuzaniye ayicarako aja i Yeruzalemu, na ho ntihari kure cane. Yegereje kuhashika, ishengero riza kumusanganira. Benshi muri ryo bambura imyitwikiro yabo bayisasa mu nzira. Abandi na bo baca amashami y’ibigazi, na yo nyene barayasasa. Baca batera urwamo bati: ‘Mana hezagira umwami aje mw izina rya Yehova!’

Kera mu Bisirayeli, abami bashasha binjira i Yeruzalemu bari ku nyana y’indogoba ngo biyerekane ku bantu. Ivyo ni vyo na Yezu yagize, abantu na bo baca berekana ko bashaka ko aba umwami wabo. Ariko si bose bāmushaka. Ivyo tuvyerekwa n’ivyabaye yinjiye mu rusengero.

Yinjiye akiza impumyi n’ibimuga. Abana babibonye batera urwamo bamushemeza. Abaherezi barashavura, bati ‘ntiwumva ivyo abo bana bariko baravuga?’

Na we ati: ‘Egome ndavyumva. Ntimurasoma muri Bibiliya ahanditswe ngo: “Mu kanwa k’abana bato, Imana izokurayo amajambo yo gushemeza?” ’ Nya bana baguma bashemeza umwami yatowe n’Imana.

Dushaka kuba nk’abo bana, si ko? Hari aho bamwe bamwe bogerageza kutubuza ngo ntitugānire ivy’ubwami bw’Imana. Ariko twoguma tubwira abandi ibitangaza Yezu azokorera abantu.

Aho Yezu yari kw isi, igihe co kuba umwami nticari bwagere. Kizogera ryari none? Abigishwa ba Yezu bārashaka kubimenya. Ivyo tuza kuvyumva mu nkuru ikurikira.

Matayo 21:1-17; Yohani 12:12-16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika