ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 95
  • Ingene Yezu Yīgisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene Yezu Yīgisha
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Icigwa ku vyerekeye kugira umutima mwiza
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Umugenzi nyakuri ni nde?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Kuba “Umusamariya w’imbabazi” bisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umusamariya w’Imbabazi
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 95

INKURU YA 95

Ingene Yezu Yīgisha

UMUSI umwe hari umuntu Yezu yabwiye ko ategerezwa gukunda mugenziwe. Nya muntu na we amubaza ati: ‘Mugenzanje ni nde?’ Yezu yari azi ivyo ariko ariyumvīra. Yīyumvira ko abagenzi biwe ari abo bisangiye ubwoko canke idini gusa. Reka rero turabe ivyo Yezu yamubwiye.

Rimwe rimwe Yezu mu kwigisha yaca umugani. N’ico gihe ni ko yagize. Yaciye umugani w’umuyahudi n’umunyasamariya. Twaramaze kwiga ko abayahudi benshi batakunda Abanyasamariya. Nya mugani rero ng’uyu:

Harabaye umuyahudi yamanutse mu nzira ija i Yeriko, abambuzi bamugwako bamutwara amahera yiwe, baramukubita bamusiga ari hafi gupfa.

Munyuma haza umuherezi w’umuyahudi, aramubona. Wibaza ko yagize iki? Yaciye hambavu arirenganira. Hanyuma haca uwundi muntu akunda ivy’idini cane bita umulewi. Yarahagaze? Haba namba! Na we nyene ntiyahagaze ngo amufashe. Wa muherezi na wa mulewi ngabo bariko baramanuka.

Ariko rāba uyo ari kumwe n’umwe bakubita. Ni umunyasamariya, ariko afasha umuyahudi. Ariko ashira umuti ku bikomere vyiwe, hanyuma amujane aho yoruhukira gushika akire.

Ahejeje uwo mugani, abwira uwabajije ikibazo ati: ‘Wibaza ko muri abo bantu ari nde yabaye umugenzi w’uyo bakubise? Ni urya muherezi n’urya mulewi, canke ni uyo munyasamariya?’

Yishura ati: ‘Ni uyo munyasamariya yamufashije.’

Yezu ati: ‘Wishuye neza. Genda rero ugirire abandi nk’uko uyo yagize.’

Urashima ingene Yezu yigisha? Turashobora kwiga ibintu vyinshi vy’ingirakamaro twumvirije ivyo yavuze biri muri Bibiliya, si ko?

Luka 10:25-37.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika