ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 56
  • Sauli—Umwami wa Mbere

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Sauli—Umwami wa Mbere
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Umwami wa mbere wa Isirayeli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Kugamburuka kuruta ikimazi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Mbere
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Yezu atora Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 56

INKURU YA 56

Sauli—Umwami wa Mbere

RABA Samweli ariko arasuka amavuta ku mutwe w’uyo muntu. Uko ni ko bāgirira uwo wese yatowe ngo abe umwami. Yehova yabwiye Samweli ko asuka amavuta ku mutwe wa Sauli. Yari amavuta meza kandi amota neza.

Sauli yabona ko adakwiye kuba umwami, ati: ‘Jewe ndi uwo mu muryango wa Benyamini; uwa nyuma mu miryango yose y’Abisirayeli, ni kuki none uvuze ngo mbe umwami?’ Yehova yaramukunda kubera ko atīshīma, ni co gituma yamutoye ngo abe umwami.

Sauli ntiyari umworo kandi ntiyari mugufi. Yari yavutse mu rugo rutunze, yasa neza mu maso kandi yari muremure kuruta Abisirayeli bose! Yari azi kwiruka cane kandi yari akomeye rwose. Abantu bārahimbawe n’uko Yehova amutoye ngo abe umwami; basemerera icarimwe bati: ‘Uragahora ku ngoma!’

Ico gihe abansi b’Abisirayeli bari bagikomeye. Bārabandanya kubagirira nabi. Sauli amaze kwimikwa, Abamoni bāza kubatera. Sauli akoranya ingabo nyinshi arabatsinda. Abantu baranezerwa kubera ko Sauli ari umwami.

Imyaka irahera Sauli aguma atsinda abansi. Araronka n’umwana adatinya yitwa Yonatani. Yonatani afasha Abisirayeli gutsinda intambara nyinshi. Abafilisiti bari bakiri abansi b’Abisirayeli. Umusi umwe, Abafilisiti isinzi bāza kurwanya Abisirayeli.

Samweli abwira Sauli ngo amurorere gushika aje gutanga inkuka canke ishikanwa kwa Yehova. Samweli ntiyaje n’ingoga. Sauli atinya ko Abafilisiti batangura indwano, aca yita imbere arayīshikanira we nyene. Samweli ashitse amubwira ko yagambaraye ati: ‘Yehova azotora uwundi mwami w’Abisirayeli.’

Munyuma Sauli asubira kugambarara. Samweli amubwira ati: ‘Kugamburukira Yehova bifise akamaro kanini kuruta kumushikanira intama nziza nziza. Kubera ko utumviye Yehova, ntazokureka ngo ugume uri umwami w’Abisirayeli.’

Ivyo dushobora kubikuramwo impanuro nziza. Bitwigisha ko kwumvira Yehova imisi yose bifise akamaro kanini. Bitwigisha kandi ko umuntu mwiza ashobora guhinduka akaba mubi. Ntidushaka kuba babi n’umusi n’umwe, si ko?

1 Samweli ikigabane ca 9-11; 13:5-14; 14:47-52; 15:1-35; 2 Samweli 1:23.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika