ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 48
  • Ab’i Gibeyoni Bakerebutse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ab’i Gibeyoni Bakerebutse
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yosuwa n’Abanyagibeyoni
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyigwa dukura ku nkuru y’Abanyagibeyoni
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Izuba Rihagarara
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ibibazo Vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 48

INKURU YA 48

Ab’i Gibeyoni Bakerebutse

IBISAGARA bitari bike vy’i Kanani biritegura ngo birwane n’Abisirayeli. Biyumvira ko bashobora gutsinda. Abo mu gisagara cari hafi c’i Gibeyoni bo si uko biyumvira. Bo bari bazi ko Imana ifasha Abisirayeli, ntibashaka rero kurwana n’Imana. Urazi ico bagize none?

Bigize nk’abantu baba kure cane, bamwe muri bo bambara impuzu zatabutse n’inkweto zaheze; indogoba zabo baziremeka amagunira yaheze; bafata n’imikate yumye baja kwa Yosuwa. Bashitse bamubwira bati: ‘Tuje tuva kure cane kubera ko twumvise ivya Yehova Imana yanyu ihambaye. Twarumvise ivyo yabagiriye vyose mu Misiri, ni co gituma umukuru wacu yatubwiye ngo dutekere impamba tuze, tuvuge duti: “Turi abasuku banyu, ni muturaganire ko mutazodutera.” Raba n’impuzu zacu zahereye mu nzira, n’imikate yacu iramaze kwuma.’

Yosuwa n’abandi bakuru baravyemera, baca barasezerana ko batazobatera. Hashize imisi itatu, bumva ko ba bantu b’i Gibeyoni ari ababanyi babo.

Yosuwa ababaza ati: ‘Ni kuki mwatubwiye ko muva kure?’

Bamwishura bati: ‘Twumvise ko Imana yanyu Yehova yabaraganiye ko izobaha iki gihugu cose c’i Kanani, duca dutinya ko mwotwica.’ Abisirayeli barashikije indagano yabo ntibabica, ariko babagira abasuku babo.

Umwami w’i Yeruzalemu arashavura, kubera ko ab’i Gibeyoni bagiye kwumvikana n’Abisirayeli. Aca abwira abandi bami bane ati: ‘Ni muze mumfashe kurwanya ab’i Gibeyoni.’ Bose uko ari batanu baja kubatera. None abo bantu b’i Gibeyoni barerekanye ubukerebutsi mu kuja kwumvikana n’Abisirayeli? Ni vyo tugira turabe.

Yosuwa 9:1-27; 10:1-5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika