ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 12
  • Abantu Bubaka Umunara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abantu Bubaka Umunara
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Umunara w’i Babeli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Indimi tuvuga zoba zakomotse kuri wa Munara w’i Babeli?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 12

INKURU YA 12

Abantu Bubaka Umunara

IMYAKA myinshi irahera, abahungu ba Nowa bavyara abana benshi cane. Abo bana barakura bavyara abandi bana, abantu ntibateba kugwira kw isi.

Umwe muri abo bantu yari umwuzukuruza wa Nowa, yitwa Nimurodi. Yari umuntu mubi, yarahīga, akica abantu n’ibikōko. Kandi yigize umwami aganza abandi bantu. Imana ntiyamukunda.

Ico gihe abantu bose bavuga ururimi rumwe. Nimurodi yashaka kubakoraniriza hamwe ngo abaganze. Urazi ico yagize? Yababwiye ngo bubake igisagara hamwe n’umunara muri co. Ngabo bariko barabumba amatafari.

Imana Yehova ntiyashimishijwe n’iyo nyubakwa. Yashaka ko abantu basābagira bakagerēra kw isi yose. Ariko bo bavuga, ngo ‘ni muze twiyubakire igisagara, tucubakemwo n’umunara ukora kw ijuru, duce tuba barurangiranwa!’ Bāshaka kwishemeza bo nyene ntibashemeze Imana.

Imana ica irababuza kwubaka iyo nzu. Urazi uko yabigenjeje? Ubwo nyene ituma batangura kuvuga indimi nyinshi mu gishingo c’urwo bāvuga. Nya bubatsi ntibabaye bacumvikana. Ni co gituma ico gisagara caciye citwa Babeli canke Babiloni, ni ukuvuga “umuvurungano.”

Abantu rero batangura gusābagira bava i Babiloni. Abumvikana mu rurimi ni bo bajana kugerēra ahandi hantu.

Itanguriro 10:1, 8-10; 11:1-9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika