ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my igice 1
  • Kuva kw Irema Gushika ku Mwuzure

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuva kw Irema Gushika ku Mwuzure
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Amamiliyoni y’Ibiremwa vy’Impwemu
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Ubugarariji mu Karere k’Ibinyabuzima-mpwemu
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Imana Itangura Kurema
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Umuntu w’Umutinyutsi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my igice 1

IGICE CA 1

Kuva kw Irema Gushika ku Mwuzure

Ijuru n’isi vyavuye he? Ukwezi, inyenyeri hamwe n’ibintu vyinshi biri kw isi vyābayeho bite? Igihe Bibiliya ivuga ko vyaremwe n’Imana, itanga inyishu y’ukuri. Igitabu cacu rero gitangurira ku nkuru za Bibiliya zerekeye irema.

Turiga ko ibiremwa vya mbere vy’Imana, bāri abantu b’impwemu bafise ishusho ntoyi y’Imana. Bāri abamarayika. Ariko isi yaremewe abantu basa natwe. Ni co gituma Imana yaremye umugabo yitwa Adamu n’umugore yitwa Eva, ibashira mw itongo ryiza cane. Ariko bārayigambarariye, ntibaba bagikwiye kubandanya kubaho.

Kuva kw iremwa rya Adamu gushika kuri ya mvura y’isegenya, imyaka yahaciye yose hamwe ni 1 656. Muri ico gihe, abantu babi benshi bārabayeho. Mw ijuru hāri ibiremwa bitaboneka, Shetani n’abamarayika bayo babi. Kw isi na ho, hāriho Kayini hamwe n’abandi bantu babi benshi, tutibagiye na bamwe bari bafise inguvu nyinshi cane. Ariko kandi hāriho n’abantu beza kw isi—Abeli, Henoki na Nowa. Mu Gice ca MBERE turaza gusoma ivyabaye vyerekeye abo bantu bose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika