ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 3 rup. 8-9
  • Ni ibiki abahinga badashobora kutubwira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki abahinga badashobora kutubwira?
  • Be maso!—2021
  • Ivyo bijanye
  • Umuhinga asigura icatumye yemera Imana
    Be maso!—2016
  • Ico ubuhinga bukumariye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ubuzima bwabayeho gute?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 3 rup. 8-9
Umwigisha wa siyansi ariko araganira na bamwe mu banyeshure biwe.

Ni ibiki abahinga badashobora kutubwira?

Bisa n’uko abahinga bamaze kwiga ibijanye n’imice yose y’ibintu biboneka. Ariko hariho ibibazo vyinshi bihambaye badashobora kwishura.

Abahinga boba bashoboye gusigura ingene ijuru n’isi be n’ubuzima vyabayeho? Inyishu ni oya. Hari abavuga ko abahinga bari mu gisata gikurikirana uko isi imeze boshobora gusigura ingene ijuru n’isi vyabayeho. Ariko rero, Marcelo Gleiser umwigisha mu vy’imibumbe kuri kaminuza yitwa Dartmouth, akaba kandi akekeranya ko Imana ibaho, avuga ati: “Ntiturigera dushobora gusigura ukuntu ijuru n’isi vyabayeho.”

No ku bijanye n’ukuntu ubuzima bwabayeho, ikinyamakuru kimwe (Science News) kivuga giti: “Bishobora kuba bidashoboka gusigura ingene ubuzima bwatanguye neza na neza kw’isi: Amabuye n’ibisigarira vy’ibiti n’ibikoko vyari gufasha mu kumenya ivyabaye koko isi igitangura kubaho, haraheze igihe kirekire bizimanganye.” Ayo majambo arerekana ko abanyasiyansi batarashobora kwishura iki kibazo: ‘Ijuru n’isi be n’ubuzima vyabayeho gute?’

Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Nimba ibiri kw’isi vyararemwe, ni nde yabiremye?’ Ushobora kandi kuba umaze kwibaza ibibazo nk’ibi: ‘Nimba hariho Umuremyi aciye ubwenge kandi akundana, kubera iki areka abantu yaremye bagashikirwa n’ingorane? Kubera iki ireka hakaba amadini menshi? Kubera iki Imana ireka abayisenga bagakora ibibi vyinshi?’

Abanyasiyansi ubwabo ntibashobora gutanga inyishu z’ivyo bibazo. Ariko ivyo ntibisobanura ko udashobora kuronka inyishu zitomoye zavyo. Nkako, abantu benshi baramaze kuronka inyishu zibashimisha muri Bibiliya.

Abanyasiyansi bamwebamwe bafashe akanya ko kwiga Bibiliya baremera ko hariho Umuremyi. Nimba wipfuza kumenya igituma bavyemera, nuje kuri jw.org. Nurondere mavidewo yʼurukurikirane “Ico bavuga ku nkomoko y’ubuzima.”

Siyansi na Bibiliya vyaratumye bajijuka

Georgiy N. Koidan, umuhinga mu vya chimie

“Akenshi nkora ivyo ‘gushira hamwe’ ama molekile. Urakenera gutegekanya imbere y’igihe ibintu bitari bike uza gukora. Iyo hari ikintu wibagiye gukora, iyo molekile irashobora gusambuka. Naho ico gikorwa canje kigoye, kirasanzwe cane ukigereranije n’ibintu ibihumbi biba mu tugingo ngengabuzima kugira dukore ama molekile ahanitse. Ivyo bituma nemera ko hategerezwa kuba hariho umuhinga ahambaye cane mu vya chimie, akaba ari Umuremyi.

“Igihe niga Bibiliya, narabonye ko atari igitabu gisanzwe. Naho haciye nk’imyaka 2.000 Bibiliya yanditswe, mbona ko impanuro zayo n’ubu ziguma ari ngirakamaro. Ivyo ivuga ku bijanye no gutorera umuti ingorane mu muryango, ku kazi no mu kibano birafasha cane. Vyatumye ntahura ko ata wundi yotanga impanuro zo kwizigirwa nk’izo atari uwufise ubwenge buhanitse cane.”

Yan-Der Hsuuw, umuhinga mu bijanye n’ubuzima bw’umwana akiri mu nda

“Uko umwana ari mu nda agenda arakura, utugingo ngengabuzima twose dutegerezwa gukorera hamwe kugira hagire utuvamwo udutsi nsozabwenge, imitsi, amagufa, amaraso be n’ibindi bihimba, amaherezo bikavamwo umuntu. Ntidushobora gutahura ukuntu umwana akurira mu nda ya nyina. Bituma mbona ko hariho Umuremyi aciye ubwenge yashizeho ubuzima.

“Ukuntu muri Zaburi 139:15, 16 havuga ingene umwana akurira mu nda ya nyina, birasa neza na neza n’ivyo abahinga bubuye mu myaka mirongo iheze. Vyari gushoboka gute ngo ivyo bintu bibe bimaze igihe kirekire bivuzwe mu buryo butagira amakosa nk’ubwo atari Umuremyi yabihishuye?”

Nurabe ividewo Rocío Picado Herrero: Umwigisha wa chimie asigura igituma yemera Imana. Nurondere iyo videwo kuri jw.org.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika