ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 3 rup. 4-5
  • Ijuru n’isi bitwigisha iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ijuru n’isi bitwigisha iki?
  • Be maso!—2021
  • Ivyo bijanye
  • Ese ukuntu isi yacu ari nziza!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Izuba be n’imibumbe irizunguruka vyabayeho gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ububasha bwo kurema bw’«Umuremyi w’ijuru n’isi»
    Niwiyegereze Yehova
  • Umuremyi Arashobora Gutuma Ubuzima Bwawe Burushiriza Kugira Ico Buvuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 3 rup. 4-5
Ingenzi ziri kw’isonga ry’umusozi mw’ijoro, ziriko zirihweza inyenyeri n’imibumbe mu kirere. Umwe muri bo ariko arabira muri telesikope.

Ijuru n’isi bitwigisha iki?

Abahinga mu vy’imibumbe barabandanya gutangazwa n’ukuntu ijuru n’isi bimeze. Baguma barondera ibindi vyuma vyobafasha kuvyihweza neza. None ni ibiki bamaze kwubura?

Amagalagisi atunganijwe neza. Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (Astronomy) cavuze giti: “Amagalagisi ntasanzaye mu kirere mu buryo butarimwo urutonde, ahubwo atunganijwe neza.” Ni igiki gituma ivyo bishoboka? Abahinga biyumvira ko ivyo bishoboka kubera ikintu kitaboneka kimeze nk’umwijima (matière noire). Ico kintu cadondowe ko ari “nk’igikwa kitaboneka . . . amagalagisi, imigwi y’amagalagisi be n’ibigwi bininibinini vy’amagalagisi . . . bitonzeko, kikaba ari co kibifashe.”

Vyagenze gute ngo ivyo bintu bibe biri ku rutonde nk’urwo? Vyoba ari ibintu vyapfuye kwiyadukiza? Raba ivyavuzwe n’umuhisi Allan Sandage. Abonwa ko ari “umwe mu bahinga b’imibumbe bakomakomeye babayeho mu kinjana ca 20,” kandi yaremera Imana.

Yavuze ati: “Nasanze bitumvikana kwiyumvira ko urwo rutonde rwiyadukije. Hategerezwa kuba hari ikintu carushizeho.”

Ikirere kiratuma ubuzima bushoboka. Zirikana inguvu abahinga bita interaction faible. Zituma izuba riguma ryaka ku rugero rwiza. Iyo izo nguvu ziba nke cane, ntitwari kwigera tubona izuba. Iyo ziba nyinshi cane na ho, izuba riba ryarazimanganye.

Izo nguvu ni zimwe mu zindi nyinshi zigenga ikirere zituma ubuzima bushoboka. Umuhinga akaba n’umwanditsi Anil Ananthaswamy avuga ko iyo hagira ikintu na kimwe kitamera nk’uko categerezwa kumera, “inyenyeri, imibumbe be n’amagalagisi bitobayeho. Ubuzima ntibwoshobotse.”

Isi ni ahantu heza abantu bashobora kuba. Kw’isi hariho umwuka mwiza, amazi menshi, hamwe n’ukwezi gutuma isi iguma mu kibanza yagenewe. Ikinyamakuru kimwe (National Geographic) kivuga giti: “Ukuntu isi imeze, ukuntu ibiyiriko bikorana be n’ibinyabuzima biri kuri yo bituma uwu mubumbe [w’isi] uba ho hantu honyene abantu bashobora kuba.”a

Umwanditsi umwe avuga ko mw’igalagisi turimwo, imibumbe izunguruka izuba iri “kure cane y’izindi nyenyeri.” Ariko ico nyene ni co gituma ubuzima kw’isi bushoboka. Iyaba isi yari hafi y’izindi nyenyeri, ikaba nko hagati na hagati canke ku mpera y’igalagisi turimwo, kw’isi hobayeho imishwarara myinshi yotumye ubuzima budashoboka. Ahubwo nk’uko abahinga bamwebamwe bavyerekana, isi iri ahantu heza, ivyo bigatuma ubuzima bushoboka.

Umuhinga Paul Davies, yisunze ivyo azi ku bijanye n’ukuntu ikirere kimeze be n’amategeko akigenga, yavuze ati: “Sinokwemera ko twabayeho kw’isi bivuye ku gihamana canke ko twiyadukije. . . . Hariho icatumye tubaho.” Davies ntiyigisha ko Imana ari yo yaremye ijuru n’isi be n’abantu. Ariko uvyibazako iki? Biboneka ko ijuru n’isi vyateguwe kugira bitume ubuzima bushoboka. Ubwo ntivyoba bimeze ukwo kubera ko vyaremwe?

a Ico kiganiro co muri National Geographic nticari gifise intumbero yo kwerekana ko isi n’abantu baremwe n’Imana. Ahubwo cariko kiravuga ingene isi ari ahantu heza abantu bashobora kuba.

Iyumvire iki kintu:

Amakuru ategekanye ikirere arerekana igihe izuba n’ukwezi bizoserukirako n’igihe bizorengerako. None nimba umuntu ashobora kubona ivyo bintu akabivuga imbere y’igihe, ni nde yashizeho amategeko agenga ikirere atuma ivyo vyose bishoboka?

Umugabo ariko araraba kuri telefone yiwe igihe izuba rirengera.
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika