Ivyogufasha
Woba umaze kubura uwawe?
Ja kuri jw.org, wandike “icofasha abatuntuye.”
Woba uri mu ngorane z’ivy’ubutunzi?
Ja kuri jw.org, wandike “gukoresha neza amahera.”
Woba umaze kwibaza uti: ‘Kubaho bimaze iki?’
Ja kuri jw.org, wandike “kubera iki wobandanya kubaho” canke “kubaho bimaze iki?”
Woba urwaye indwara idakira?
Ja kuri jw.org, wandike “indwara idakira.”
Bibiliya irimwo impanuro nziza cane zofasha umwe wese mu bagize umuryango. Izo mpanuro zirashobora gufasha umuntu kurushiriza kubona ibintu mu buryo bwiza.—IMIGANI 1:1-4.
Tukuremesheje ngo witohoreze Bibiliya urabe ivyo yigisha. Raba ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Ca kuri iyi kode canke uje kuri jw.org.