ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 5 rup. 10-11
  • Ikintu c’agatangaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikintu c’agatangaza
  • Be maso!—2016
Be maso!—2016
g16 no. 5 rup. 10-11

Ikintu c’agatangaza

Uduhimba twa karubone

Mu bigize ibinyabuzima hari ikintu citwa karubone. Igitabu kimwe kivuga yuko “ata kintu gifitiye akamaro ubuzima kuruta karubone.” Ukuntu imeze gutuma uduhimba twayo twitwa atome tunywana canke tukanywana n’uduhimba tw’ibindi bintu, maze hakavamwo imigwimigwi amamiliyoni y’uduhimba. Abahinga baguma bubura iyindi migwimigwi y’uduhimba canke bakayihingura.

Nk’uko tuza kubibona, uduhimba twa karubone turashobora kuja hamwe tukavamwo ibintu bifise imero zitandukanye: uri ibimeze nk’iminyororo, nk’ipiramide, nk’umuzingi, nk’impapuro canke nk’uturingoti. Ico kintu citwa karubone ni agatangaza.

IBIMEZE NKA PIRAMIDE

Diyama

Muri ivyo harimwo diyama. Diyama nyayo iba igizwe n’akagwi kamwe k’uduhimba twa karubone gafise imero ya piramide. Mwene ako kagwi usanga gakomeye cane, akaba ari co gituma diyama ikomeye kuruta ubundi butare bwose tuzi.

IBIMEZE NK’IMPAPURO ZIGEREKERANYE

Ikaramu y’igiti

Hari igihe uduhimba twitwa atome twa karubone dufatana cane tukavamwo imigwimigwi igerekeranye ariko idafatanye rwose ku buryo ishobora kunyerera nka kurya kw’impapuro bagerekeranije. Ni co gituma ubutare bwitwa graphite bufasha cane mu vyuma nka kurya kw’amavuta, bugakoreshwa kandi mu makaramu y’igiti.a

IBIMEZE NK’IKIMAMARA

Umurongo w’ikaramu y’igiti

Uduhimba twa karubone turashobora kuja hamwe tukavamwo ikintu gifise imero y’ikimamara. Ni co bita graphène, kikaba gifise ubukomezi buruta ubw’icuma. Umurongo w’ikaramu y’igiti uba ugizwe n’utuvunjivunji dukeyi canke twinshi twa graphène.

IBIMEZE NK’UDUPIRA

Fullerènes

Hari imigwi y’uduhimba twa karubone ifise imero nk’iy’udupira, uturingoti tunzwinya n’izindi. Iyo migwi yitwa fullerènes. Ni mito cane ku buryo mu kuyipima bakoresha ingero ingana n’imetero uyigabuye n’umuliyaridi.

IBINYABUZIMA

Utugingo ngengabuzima turimwo karubone

Utugingo ngengabuzima twinshi tugize ibiterwa, ibikoko n’abantu usanga twubakiye kuri karubone, ino ikaba iboneka mu bintu ntanganguvu (hydrates de carbone), mu binure no mu ndemamubiri.

“Kamere [z’Imana] zitaboneka . . . zitahurirwa ku bintu vyaremwe.”​—Abaroma 1:20.

a Raba ikiganiro kivuga ngo “Quelqu’un aurait-il un crayon?” muri Be maso! yo muri Mukakaro 2007 (mu gifaransa).

Urunyenyeri

Karubone tuyikesha urutonde rwiza ruri mu nyenyeri

Karubone iboneka igihe intimatima z’uduhimba dutatu tw’umwuka bita hélium tunywanye. Abahinga biyumvira yuko ivyo bibera mu ntimatima y’ibinyenyeri binini bita géantes rouges. Ariko kugira ngo utwo duhimba tunywane, hari ibintu bitegerezwa kuba vyubahirijwe neza. Umuhinga yitwa Paul Davies yanditse ati: “Umuntu ahinduye akantu na gatoyi ku kuntu [amategeko agenga ivyo mu kirere] atunganijwe, ikirere coca kizimangana, n’ibinyabuzima ntibisubire kubaho, ushizemwo n’abantu.” Ni igiki none gituma amategeko agenga ivyo mu kirere aguma ku rutonde rwiza ukuraho? Hari abavuga ko vyiyadukije, abandi bakavuga ko ari igikorwa c’Umuremyi afise ubwenge. Muri ivyo bibiri wumva icumvikana ari ikihe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika