ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 4 rup. 12-13
  • Tuje muri Kirgistani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Kirgistani
  • Be maso!—2016
Be maso!—2016
g16 no. 4 rup. 12-13
Utuzu twitwa yourtes turi mu mubande wa Tash Rabat muri Kirgistani

Utuzu tumeze nk’amahema twitwa yourtes turi mu mubande wa Tash Rabat

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kirgistani

Ikarata ya Kirgistani

KIRGISTANI ni igihugu kiri muri Aziya yo Hagati, gikikujwe n’imisozi iriko ibibarafu ku masonga. Gihana urubibe na Kazakistani, Uzbekistani, Tajikistani n’Ubushinwa. Ibice nka 90 kw’ijana vy’ico gihugu ni imisozi. Kirgistani ni yo irimwo umusozi muremure kuruta iyindi muri rwa rukurikirane rw’imisozi bita Tian Shan, ukaba ureha n’imetero 7.439 z’amaduga. Ibice nka 4 kw’ijana vy’ico gihugu ni amashamba. Ntibitangaje rero kuba ari kimwe mu bihugu vyo kw’isi birimwo ibiti vyinshi cimeza bivamwo imise.

Icabona ca Yehova ariko arigisha Bibiliya umukenyezi wo muri Kirgistani

Ivyabona vya Yehova barigisha Bibiliya abantu ibihumbi bo muri Kirgistani

Ubwakiranyi n’urupfasoni ni vyo biranga abanyagihugu bo muri Kirgistani. Igihe uvugana n’umuntu akuruta, umuvuga mu bwinshi, ukamubisa ngo yicare muhuriye muri bisi, ukamuha n’icicaro ciza igihe umwakiriye.

Imiryango myinshi usanga ifise abana batatu canke barenga. Umuhungu muto akenshi agumana n’abavyeyi naho yoba amaze kwubaka urwiwe, kugira abitwararike mu busaza bwabo.

Abigeme kuva bakiri bato, baramenyerezwa ibikorwa vyo mu rugo kugira bazokwiteho ingo zabo. Baza gushikana imyaka nka 16 bashoboye gukora ivyo mu rugo vyose. Akenshi umugeni agenda bamutekereye. Mu vyo bamutekerera haba harimwo ibisaswa vy’ubwoko bwose, impuzu zitandukanye, ikirago canke ibindi. Umukwe atanga amahera canke ibitungwa bwa nkwano.

Mu misi mikuru canke mu gihe c’amaziko, barabaga intama canke ifarasi. Baca bayigaburamwo ibipande kandi igipande cose kiba gifise nyeneco. Umushitsi wese ahabwa igipande bakwiranye bivanye n’imyaka canke icubahiro afise. Ivyo vyose babigira kugira berekane rwa rupfasoni. Baca bagaburira abantu bose imfungurwa kavukire bita beshbarmak barisha amaboko.

Umusore ariko aravuza igicurarangisho citwa komuz

Komuz ni igicurarangisho gikoreshwa cane

IBIHARANGA MURI MAKE

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kiraboneka mu gikirgistani. Kiraboneka no kuri internet kuri www.jw.org

  • Abanyagihugu: 5.776.000

  • Umurwa mukuru: Bishkek

  • Indimi: Igikirgistani n’ikirusiya

  • Ivyo bashora mu mahanga: Ipampa, ubwoya bw’ibikoko, inzahabu, ubutare bwitwa mercure n’ubwitwa uranium

  • Idini: Isilamu (ibice 80 kw’ijana)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika