ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 4 rup. 4
  • 1 Genda bukebuke

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Genda bukebuke
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • Intangamarara
    Be maso!—2016
  • Vyoba bishoboka gutsinda utumenyero tubi?
    Be maso!—2004
  • 2 Ca kure ivyokubera intambamyi
    Be maso!—2016
  • Bavyeyi—Nimwinjize mu Bana Banyu Utumenyero Kirumara
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 4 rup. 4
Umugore ariko arandika urutonde rw’ibintu

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ICOGUFASHA KWIMENYEREZA IBINTU VYIZA

1 Genda bukebuke

Hari aho wokwumva umengo wohindurira rimwe ibintu vyose mu buzima bwawe. Ushobora kwibwira uti: ‘Iyi ndwi, nzoheba itabi, mpebe gutukana no kuryama ntevye, ntangure kwinonora imitsi, gufungura neza no kuza ndaja kuramutsa sogokuru na nyokuru.’ Ariko rero, uribuka ko imigere ibiri idatereka! Wosanga uburiyemwo vyose!

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.”​—Imigani 11:2.

Umuntu yifata ruto ntarenza urugero. Arazi ko umwanya wiwe, inkomezi ziwe n’uburyo afise biri n’aho bigarukira. Rero aho kugerageza guhindura rimwe na rimwe akantu kose, agenda araryohora ibintu bukebuke.

Imigere ibiri ntitereka! Wosanga uburiyemwo vyose!

ICO WOKORA

Gira ivyo uhinduye intambwe ku yindi. Raba ibintu bishobora kugufasha:

  1. Nugire intonde zibiri, rumwe ruriko ibintu vyiza ugomba kwimenyereza hamwe n’ururiko ibintu bibi ugomba guheba. Ntiwandike bike gusa; niwandike ibintu vyose wiyumvira.

  2. Raba ivyoja imbere y’ibindi, ubitondeke wisunze ivyo ubona ko bihambaye.

  3. Hitamwo ibintu bikeyi ku ntonde zose, naho coba kimwe gusa canke bibiri, uvyitunireko. Nuce utandukira ikindi kimwe canke bibiri.

Kugira binyaruke, akamenyero kabi nugasubirize keza. Nk’akarorero, nimba ku rutonde rwawe rw’ibintu bibi harimwo kuraba televiziyo umwanya muremure, ku rw’ibintu vyiza hakaba harimwo kwitaho incuti n’abagenzi, woshobora kubigenza gutya: Aho gushika watsa televiziyo ukiva ku kazi, niwame ubanza kuramutsa umugenzi canke incuti.

BIBILIYA IVUGA KANDI ITI:

“Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

“Iherezo ry’ikintu mu nyuma, riraruta intango yaco.”​—Umusiguzi 7:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika