ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 1 rup. 16
  • Ifi ihindagura amabara

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ifi ihindagura amabara
  • Be maso!—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2016
  • Amabara agira ico akoze gute kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Urushato rw’inzoka
    Be maso!—2014
  • Utwamwa tw’ubururu bukayangana cane
    Be maso!—2017
Be maso!—2016
g16 no. 1 rup. 16
Ifi yitwa seiche

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ifi ihindagura amabara

IFI yitwa seiche irashobora guhindura ibara kandi ikiyoberanya ku buryo udashobora kuyibona. Nk’uko raporo imwe ibivuga, “iyo fi irazwi ko ishobora guhindura ukuntu isa n’uko imeze mu kanya isase.” None ibigenza gute?

Rimbura iki kintu: Mu rukoba rw’iyo fi harimwo uduhimba dutoduto dufise udusaho turimwo irangi ry’amabara atandukanye. Utwo dusaho dufashwe hirya no hino n’udutsi. Igihe iyo fi ikeneye kwiyoberanya, utwo dutsi duca dukwegura twa dusaho tuno tugaca twaguka, mu kanya isase iyo fi igaca ihindura ibara n’uko imeze. Ubwo buhinga ntibukoresha gusa mu kwiyoberanya, ifi y’ingabo irabukoresha igihe ishaka gukwegera iy’ingore canke izo fi ziriko zirahanahana amakuru.

Abahinga bo kuri kaminuza imwe yo mu Bwongereza baragerageje kwigana urusato rw’iyo fi. Muri urwo rusato harimwo utuntu dukora nk’udutsi tw’iyo fi basobekamwo itopito canke umusipi w’umuzingi wirabura. Igihe urwo rusato barushizemwo umuyagankuba, twa tuntu duca dukwegura ya topito, urwo rusato rugaca ruhindura ibara.

Jonathan Rossiter yavuze ko ubwo buhinga iyo fi ikoresha bitayigoye bushobora gutuma bahingura impuzu zihindagura amabara mu kanya isase. Rossiter avuga ko abantu bashobora kwambara izo mpuzu bashaka kwiyoberanya canke gusa kugira bashaze.

Uvyibazako iki? Ubwo buhinga iyo fi ifise bwo guhindura amabara bwoba bwariyadukije? Canke hariho uwabushizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika