ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/15 rup. 16
  • Ubushobozi umubiri ufise bwo gukira igihe ukomeretse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubushobozi umubiri ufise bwo gukira igihe ukomeretse
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Umuganga yanonosoye ivyo kubaga asigura igituma yemera Imana
    Be maso!—2014
  • Urashobora kwungukira ku kuntu Imana itwitwararika
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Be maso!—2015
g 12/15 rup. 16
Ifoto yerekana uduhimba dutukura tw’amaraso

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ubushobozi umubiri ufise bwo gukira igihe ukomeretse

Ukuboko kuriko agapansuma

MU BINTU vyinshi bituma umuntu ashobora kubaho, harimwo ubushobozi umubiri ufise bwo gukira no gusubirana igihe akomeretse. Ivyo bitangura umuntu ari ho agikomereka.

Rimbura ibi: Umuntu akira kubera uduhimba dutoduto tw’umubiri wiwe dukora ibintu vyinshi bitangaje:

  • Uduhimba twitwa plaquettes duca twihoma ahakomeretse bigatuma amaraso avura kugira umuntu ntagume avirirana.

  • Aho hantu haca havyimba kugira imicafu irimwo ivemwo.

  • Haciye imisi, igikomere kiriyugara ahakomeretse hagatangura kwuma.

  • Amaherezo, ha hantu harakira umubiri ugasubira gukomera.

Abahinga bafatiye kuri ukwo kuntu amaraso avura, bariko baragerageza guhingura ibintu bimeze nk’amasashe bishobora kwisanasana igihe bitabutse. Ivyo bintu birafise udusaho dutoya tubiri tubangabanganye duca tuvamwo utuntu tumeze nk’amazi igihe bitabutse. Utwo tuntu tumeze nk’amazi ducanganye duca duhinduka uburembo maze tugahoma ahatabutse. Ubwo burembo bumaze kwuma aho hantu haca hasubira gukomera. Umwe muri abo bahinga ariyemerera ko ubwo buhinga bariko barateza imbere “bwigana” ingene ibinyabuzima vyisanasana.

None uvyibazako iki? Ubwo bushobozi umubiri ufise bwo kwisanasana bwoba bwariyadukije? Canke hariho uwabushizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika