ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/15 rup. 16
  • Ikinyugunyugu cumva bimwe bidasanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikinyugunyugu cumva bimwe bidasanzwe
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ibirimwo
    Be maso!—2015
Be maso!—2015
g 3/15 rup. 16
Ikinyugunyugu citwa ituza

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ikinyugunyugu cumva bimwe bidasanzwe

IKINYUGUNYUGU citwa ituza kirashobora kwumva amajwi yo hejuru cane gusumba ibindi biremwa vyose bizwi kw’isi. Naho ari ukwo, ugutwi kwaco gukozwe mu buryo busanzwe cane, kukaba kungana n’umutwe w’urushinge.

Rimbura ibi: Ugutwi kw’ico kinyugunyugu ni ikintu abahinga bamaze imyaka bagirako ubushakashatsi. Abahinga bo kuri kaminuza ya Strathclyde muri Ekose baraherutse gupima ubushobozi bwo kwumva ico kinyugunyugu gifise, bakoresheje amajwi y’ubwoko butandukanye. Barapimye uguhinda kw’inyumviro z’ico kinyugunyugu bongera barakurikirana ingene udutsi nsozabwenge twazo dukora. Basanze izo nyumviro zihinda n’igihe ziba zumvise amajwi y’ingero 300 dufatiye ku bipimo vy’amajwi vyitwa kilohertz. Agahungarema koko basanze kumva amajwi y’ingero zishika ku 212, ibifi vyitwa dauphins bikumva amajwi y’ingero 160, abantu na bo bakumva amajwi y’ingero zitarenga 20.

Abashakashatsi baripfuza gukora ibikoresho bishasha vy’ubuhinga bwa none, bafatiye ku bushobozi buhanitse bwo kwumva ico kinyugunyugu gifise. Nk’ibiki? Umuhinga yitwa James Windmill wo kuri ya kaminuza ya Strathclyde avuga yuko bipfuza “gukora utumikoro duto cane kandi dukora neza kuruta utw’ubu. Utwo tumikoro twoca dushirwa mu bikoresho vyinshi, nko mu matelefone ngendanwa no mu twuma dufasha abafise ubumuga bwo kwumva.”

None uvyibazako iki? Uravye ubushobozi budasanzwe bwo kwumva ico kinyugunyugu gifise, vyoba ari ibintu vyiyadukije? Canke hariho uwabikoze?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika