ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 2/15 rup. 3
  • Bibiliya yoba igifise akamaro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya yoba igifise akamaro?
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Kwisunga Bibiliya vyoba bihuje n’igihe tugezemwo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2018
  • Kunezereza Umutima w’Abavyeyi
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Imico runtu ngirakamaro vy’ukuri
    Be maso!—2013
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Be maso!—2015
g 2/15 rup. 3
Bibiliya izinguruye

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Bibiliya Yoba Igifise Akamaro?

“Emwe, ni bwo bwa mbere nari ngize umunezero!”

HILTON yarakunda urukino rwo guterana ibipfunsi. Afise imyaka indwi, yama ariko ararwana, haba ari mu kibanza kiberamwo urwo rukino canke ahandi! Ageze mu mashure yisumbuye, we n’abagenzi biwe barayerera barondera abo bakubita. Avuga ati: “Nariba, ngakina akamari, nkaraba amasanamu y’ibiterasoni, nkaburabuza abakenyezi, ngatuka n’abavyeyi. Nigenza nabi cane ku buryo abavyeyi banje babona ko ntazovayo. Ndangije amashure yisumbuye, naciye nja kwibana.”

Igihe Hilton yagaruka iwabo haciye imyaka 12, abavyeyi biwe vyarabagoye kwemera ko ari we! Yari asigaye yitonda, yigumya kandi yubaha abandi. Ni igiki none catumye ahinduka ukuraho? Igihe atari akibana n’abavyeyi, yaratanguye kuzirikana cane ku buzima bwiwe. Yaranasuzumye Bibiliya kugira arabe ko yomufasha guhinduka. Hilton yavuze ati: “Narashize mu ngiro ivyo nasoma muri Bibiliya, ivyo bikaba vyasavye ko mpeba ingeso za kera nkongera nkagamburuka itegeko ryo mu Banyefeso 6:2, 3 rinsaba kwubaha abavyeyi. Emwe, ni bwo bwa mbere nari ngize umunezero nyawo mu buzima nongera ndahimbara abavyeyi banje aho kubatera intuntu!”

Ivyashikiye Hilton birerekana ko ivyo Bibiliya yigisha ari ngirakamaro kandi ko bifise ububasha bwo guhindura umuntu. (Abaheburayo 4:12) Reka turabe bimwebimwe mu vyo yigisha, nk’ukuvuga ukuri, ukwigumya, ukudahemuka n’urukundo, turabe n’ingene vyotugirira akamaro kanini mu buzima.

YOBA YARATAYE IGIHE?

Orodinateri yataye igihe be n’igitabu kiyisigura vyatawe

Hari abavuga ko Bibiliya yataye igihe, bakayigereranya n’igitabu gisigura ivy’imashini ya orodinateri ya kera cane. Ariko abavuga gutyo ntibaba bazirikanye bikwiye kandi baba bihenze. Orodinateri zirahinduka, bigatuma ibitabu bizisigura bita igihe. Mugabo kameremere k’abantu muri rusangi ntigahinduka. Nk’akarorero, uko abantu b’ubu biyumva igihe bagaragarijwe urukundo canke urwanko, igihe bagiriwe ubuntu canke bafashwe nabi, igihe bahemukiwe canke badahemukiwe, ni ko n’abantu ba kera biyumva. Dufatiye ku bintu nyamukuru biranga abantu, twovuga ko “[ata] gishasha . . . kiriho munsi y’izuba.”​—Umusiguzi 1:9.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika