ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/15 rup. 10-11
  • Tuje muri Kosta Rika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Kosta Rika
  • Be maso!—2015
Be maso!—2015
g 1/15 rup. 10-11
Inkengera y’ibahari yo muri Kosta Rika uyirabiye mu kirere

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kosta Rika

Ikarata yerekana aho igihugu ca Kosta Rika giherereye

HARAHEZE ibinjana bitanu Abanyespanye bashitse muri ako karere ari bwo bwa mbere. Ako karere baciye bakita Kosta Rika (bisobanura ngo “Inkengera itunze”), kubera ko biyumvira ko bogakuyemwo inzahabu nyinshi. Ariko izo nzahabu nta zo bahasanze. Naho ico gihugu ata butare bw’agaciro bwinshi gitunze, kirazwi ko kiri mu bihugu bitunze amoko menshi cane y’ibinyabuzima.

Abanyakostarika bakunze kwitwa Ticos. Iryo zina ryavuye ku kuntu bakunda gukoresha imvugo yo gufatira mu rwara, mu kwongerako akajambo “-ico” ku majambo bakoresha. Nk’akarorero, aho kuvuga ngo “un momento” (bisobanura ngo “rindira akanya gato”), boshobora kuvuga ngo “un momentico” (bisobanura ngo “rindira akanya gato cane”). Mu buzima bwa misi yose, barakunda kuvuga ngo “¡pura vida!” (“ubu ni ubuzima koko!”) kugira berekane ko bashimye ikintu kanaka canke ko bagishigikiye, no kugira baramutse umuntu canke bamusezere.

Agakere k’amaso atukura

Amashamba yo muri Kosta Rika arimwo amoko atangaje cane y’ibimera n’ibikoko, nk’aka gakere k’amaso atukura

Zimwe mu mfungurwa zikundwa cane muri Kosta Rika ni izitwa gallo pinto (bisobanura ijambo ku rindi ngo “isake y’utudomagu”). Ziba zigizwe n’umuceri n’ibiharage batetse mu nkono zitandukanye, mu nyuma bakabivanga, bagashiramwo n’ibirungo. Izo mfungurwa barazifungura mu gitondo, sasita canke ku mugoroba. Kimwe mu binyobwa kavukire vyaho ni ikawa yitwa café chorreado. Iyo kawa bayitegura mu gusuka amazi ashushe kw’ikawa iri mu kayungiro kenena ku kantu gahagaze, gakunze kuba gakozwe mu giti.

Muri Kosta Rika, hari amashengero nka 450 y’Ivyabona vya Yehova. Amakoraniro yabo ajanye no gusenga, bayagira mu ndimi cumi, harimwo ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Kosta Rika be n’indimi zibiri kavukire zaho, ari zo bribri na cabécar.

WARI UBIZI? Muri Kosta Rika harubuwe ibibuye amajana vyiburungushuye vyabajwe mu buryo buryoheye ijisho. Rinini cane muri ayo mabuye rifise imetero 2,4 z’ubwaguke. Bivugwa ko amwamwe muri yo amaze imyaka irenga 1.400. Nta wuzi neza igituma yabajwe.

Amabuye yiburungushuye ya kera yo muri Kosta Rika

Amabuye yiburungushuye

IBIHARANGA MURI MAKE

  • Abanyagihugu: 4.878.000

  • Umurwa mukuru: San José

  • Ururimi rwo mu nzego za Leta: Igisupanyoli

  • Ingene hameze: Ku nkengera hari ibiyaya, hagati mu gihugu hakaba imisozi

  • Intwaro: Republika iharanira demokrasi

WOKWISHURA IKI?

Muri ibi bikurikira, ni ikihe Kosta Rika ifise?

  1. Kimwe mu bihugu bifise igitigiri kinini cane c’abize, mu gice co mu burengero c’isi

  2. Igisoda gikomeye cane

  3. Izinga rimaze kugirwamwo ingendo zirenga 500 mu ntumbero yo kurondera ubutunzi bwanyegejwe

Inyishu: A na C. Izinga rivugwa kuri C ni izinga rya Cocos riri ku bilometero hafi 560 mu burengero bwa Kosta Rika.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika